Uburundi bwatumiwe mu bindi biganiro i Bruxelles

Yanditswe na IGIHE
Kuya 22 octobre 2015 saa 10:21
Yasomwe : 153108
0 0

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya ritegekanya kuri uwu wa mbere kurungikira umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA urwandiko rumutumirira kuzokwitaba ibiganiro bizobera mu gisagara ca Bruxelles, ku magenekerezo azomenyeshwa hanyuma.
Ubwo butumire bugiye kurungikirwa umukuru w’igihugu bumutumira mu biganiro ku ngingo ya 96 y’amasezerano y’i Cotonou ivuga ibivanye n’ugufashanya hagati y’iryo shirahamwe hamwe n’ibihugu vyo mu karere ka ACP (Afrique, Caraïbes et Pacifique). Umukuru w’igihugu Petero (...)

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya ritegekanya kuri uwu wa mbere kurungikira umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA urwandiko rumutumirira kuzokwitaba ibiganiro bizobera mu gisagara ca Bruxelles, ku magenekerezo azomenyeshwa hanyuma.

Ubwo butumire bugiye kurungikirwa umukuru w’igihugu bumutumira mu biganiro ku ngingo ya 96 y’amasezerano y’i Cotonou ivuga ibivanye n’ugufashanya hagati y’iryo shirahamwe hamwe n’ibihugu vyo mu karere ka ACP (Afrique, Caraïbes et Pacifique). Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA azoba afise iminsi mirongo itatu y’ukwishura namba azokwitaba ivyo biganiro canke atazovyitaba.

Nk’uko ayo makuru yemezwa na Federica Mogherini arongoye imigenderanire y’ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya abivuga, ikete ry’ubutumire bw’ukwitaba ibiganiro rizorungikirwa umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA kuri uwu wa mbere, umunsi w’ivyo biganiro ukazomenyeshwa inyuma y’inama izoba kuri uwo munsi wa mbere nyene igenekerezo rya 26 Gitugutu 2015. Reta y’Uburundi, muri iryo kete, ikazomenyeshwa ku mugaragaro ko yananiwe gushira mu ngiro ivyo yiyemeje, bisanzwe biri mu ngingo ya 96 y’amasezerano y’i Cotonou, bijanye n’intwaro rusangi hamwe n’ukwubahiriza agateka ka zina muntu.

JPEG - 101.4 ko
Federica Mogherini arongoye imigenderanire n’intwaro mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya

Mu gihe Reta y’Uburundi itokwishura iryo kete mu minsi itarenga mirongo itatu, amasezerano y’ugufashwa kw’Uburundi azoca ahagarikwa yose burundu. Reta ifashe ingingo naho y’ukwishura iryo kete, ikemera ibiganiro, impande zompi (ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya na Reta y’Uburundi) zizoba zifise ameze ane (iminsi 120) kugira bumvikane ivyokorwa kugira Uburundi buve mu ngorane burimwo, n’imfashanyo zice zisubire gutangwa. Aho mukibuka ko ibihugu nk’Ububirigi, Ubudagi, Ubuhorande vyamaze guhagarika imfashanyo vyatanga ku Burundi, mu ntumbero yo kugondoza Reta ko yokwubahiriza amasezerano ayihuza n’ivyo bihugu 28 bigize ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya.


Kumenyekanisha

1
niyonkuru 29-10-2015 à 12:08

Ico kirofa fidelite carataye umutwe kubera urwanko rwakiremereye. None wewe ubona umuntu ufise ivyiyumviro nk ivyiyo shetani fidelite hari ubuzima afise ni igikenya kirirwa kiramoka amajambo amuvamo ni uburozi

2
jojo 29-10-2015 à 10:19

nimusenge imana gusa ibindi mubireke !!!
Imana niyo yobarwanirira,Imana niyo itora umuyobozi ukwiye.

3
Mpozenzi 27-10-2015 à 20:25

Falcon,bite ? Fidelité avuga aya muhe nk’uwugira apfe. Amacakubiri aramwishe. Yibuke neza ko i Rwanda abafise ivyiyumviro nk’ivya Fidelité vyo kumara abatutsi ariko vyarabataye ku w’amazi,bapfuye bayerera nka kayini abandi bariko barafatwa iyo binyegeje bagacibwa imanza za génocide. Menya ko Imana ikunda inkehwa. Iyo Mana nyene bama babeshera ngo barasenga kandi ngo niyo cabona cabo igiye kubamaramaza. Ahasigaye, Ko Imana iri ku ruhande rwacu ni nde azoturwanya ngo adushobore ?

4
JEANDODIE 26-10-2015 à 14:12

NKURUNZIZA NTIYOKWEMERA AHINTAHE ISHIZE UBURUNDI BUKOGORORA YOHEBA ICOKIRINGOGITEYE INGORANE YOBIKI ??

5
peter 26-10-2015 à 12:50

Ntakuntu Denise yokwerekwa peter akaja mubiganiro tukaronka agahengwe. Canke nyamitwe ntaco yovuga ?? Peter ntaco agishoboye vyose baramutamika akanura amaso gusa !!!!

6
Kanyange 26-10-2015 à 10:58

None kashize ingani tugire Psdt atarenga imbibe. Jewe ndamwemera mugabo n’uko yafashwe n’umutima w’ubugunge kandi niwo wamukuyeko iteka. Niyemere avugane n’abandi. Jewe nd’Umugumyabanga mugabo si numva ingene abatuboneye izuba mu mugambwe nawe arimwo yobomora ngo agume mu mahoro. Mbe umugambwe agira awuhe bande ? Ubwo aribuka abamwakiye igihe ahunga avuye campus Kiriri agaca i Sororezo ku Kamazu akimukira mu Coga abamwakiye abaribo ? Aribuka imisi yamaze i Buyengero musi y’umusozi Mutambu ? Abo bose bamugaburira n’’ingabo bari kumwe arabangaje koko ? agira afate koko ibere yonse acacure koko ? niyikebuke haracari kare umugabo yogwa hama akavyuka aganire inzara afise n’iyo abandi bafise kandi ivyo kurya biriho habuze imitima myiza n’abariye indege ntibarayimara canke bamwe barapfuye bikazorya abandi.Kananira abagabo ntiyimye naho yoguma mu Burundi atinya pusch ntaco yotumarira twamutoye ngo arinde urukamvye si ugusyegenyera aho yicaye nk’agasurira. Vugana n’abandi ikiyago ni ciza

7
Regine Rwego 26-10-2015 à 03:09

Nta kintu na kimwe azoba. Bibiliya iravuga ngo iyo uhaye umukene uba uguranye Imana. Nta muperezida yigeze yitaho abana b’abakene, abarwayi n’abasaza nka Peter. Uravye amashule, amavuriro, imigambi y’iterambere myinshi amaze kwegereza abakene b’abanyarutoke, Nyangoma na Sinduhije ntavyo bigeze batwereka. Tuvugishije ukuri, kuva kuri Micombero gushika kuri Ndayizeye, mwari bwabone Uburundi busa n’ubwo kuri Pierre Nkuru nziza ? UWO N’IMANA YAMUDUHAYE, N’AGENDE, AZOTAHA KUMWE NYENE YAGANUKA AVA i DAR ES SALAAM. Abo bamugwanya, bo ntibashobora gutumbera mu gihugu ngobatahe mu Burundi ku mugaragaro kuko bafise ubwoba bw’ibikorwa bibi bakoze. Kandi naho boza, bakareka ako kaguma kabo nabo nyene ntaco boba. Pierre Nkuru nziza Oyee

8
Ntakarutimana 25-10-2015 à 21:12

Ashiii !!! Ubwo Azitaba Ubwo Butumire Ga Yemwe ?Ibiganiro Niwomuti Wingorane Zir Mugihugu

9
Ntakarutimana 25-10-2015 à 21:10

Ashiii !!! Ubwo Azitaba Ubwo Butumire Ga Yemwe ?Ibiganiro Niwomuti Wingorane Zir Mugihugu

10
Akimandwa 25-10-2015 à 00:09

Ariko sinanka abasenga ariko ba muraba n amstegeko.kuko abazungu baraba amategeko gusa !!! Natwe rero nidusenge canke tureke ico sico kibazo .kibazo ni ukudakurikiza amategeko yanditse twemeye !!!!

11
fidelite 24-10-2015 à 20:21

 falcon
Uragatorwa munigo kijuju,burya naho bobimufatira mwomara imyaka ataco muramugira,ama negociations yoyo wewe n’abo i wanyu ntiboba bakiriho,mbe ko mwihutisha ibiganiro ata na cinq ans zirahera ngo tubaze twumvirane,itonde ico twikorera bandes de couillons

 @cedric
ingoma iri mu minwe ya bene burundi,wewe n’utundi duhutu tutagira umimitwe ntaco mushoboye,gupima amazi na bunga,reka gutera ubwoba ivyo ntibigikora mu bahutu,ni ivya kera

Ivyo biganiro azobijamwo kandi azobivamwo ,ntimwihende ngo ba niyombare mbe boca baza gutwara nde ?na cnared nico kimwe ntawe bazotwara ba murota neza,ubu twarakenyeye dusigaje na twe kwamana umuheto hafi nkuko bwejeri yabivuze ahanura abatutsi b’abisirael baba mu burundi.

12
Hope 24-10-2015 à 15:18

Ubwo azotinya gusohoka gushika ryari, no muri douche urupfu rwahamusanga. ahubwo nagume mu burundi kuko gusohoka yaca yihungira atabajijwe ivyo yakoze. abazungu bakamukingira ikibaba. ubwo bwoba bufite ishingiro !!!!

13
BIZPKUNDA Jean Jacques 24-10-2015 à 15:11

Ni ukuri kw’IMANA ivyo bintu ni vyiza, gusa dusabe Imana ibituberemwo kugira ngo Uburindi n’abaarundi barronke amahoro. Imana ni vyose.

14
aimee 24-10-2015 à 12:22

TURAGOWE BADUSHAKIRA IKI TWITOREYE UWO DUSHA ADUTWARA 5YEARS
Ariko abanyafrika naho mutwanka murabona akabonero
BUT GOD ALMIGHT IS WITH US.HE REALY HEAR OUR CRY. BLESS HIS MIGHTY NAME IN JESUS CHRIST I PRAY AMEN

AIMEE
BURUNDIA STUDENT IN SOUTH AFRICA

15
yemwegayemwe 23-10-2015 à 21:42

Yihende agende. Igiti ntigukora mujisho kabiri. Brussels si Arusha !!!

16
Burundi 23-10-2015 à 19:31

Erega abaganira si babi. Ababi ni abafatira ingingo canke ibihano abandi batabanje kubumviriza. Nayo kwitaba si ngombwa ngo Prezida abe ariwe agenda, arafise abashikiranganji kandi arashobora kugena n’abandi bamuserukira mu manama. Ntampari rero zikenewe hagati y’abadika kuri runo rubuga. Mwibuke ko mwese muri bene Burundi, ikibi canke iciza kije mu gihugu kibashikako mwese.

17
Munezero Bonaventure 23-10-2015 à 16:36

Non Yoreka Kwitaba Ivyobiganiro Azoba Azi Ico Yiyotsa Amakungu Muzoba Mubibona Muraca Mufata Ingingo Zishoboka

18
Munezero Bonaventure 23-10-2015 à 16:34

Non Yoreka Kwitaba Ivyobiganiro Azoba Azi Ico Yiyotsa Amakungu Muzoba Mubibona Muraca Mufata Ingingo Zishoboka

19
emerusenger’igihugu 23-10-2015 à 15:32

uko biri kwose niyitabe ubwo butumire nabe nkurunziza nkuko abavyeyi bari mwise nayo abo bosha ,barota guta igihugu mu manga bitembagarane Imana yari yabumuhaye niyo izomwongera n’iyindi mandat ariko arek gutukisha izina muhutu mu karere no mu makungu ,ego Urwanda vyarabay ariko i Burundi nabwo ntitwoshima ko bwoherekeza ,Rema,ugend kdi uzogaruka amahoro ariko ntute igihugu mu kaga kuko Imana ntizokureka uganz hari amarira y’impfuvyi n’abapfakazi

20
MAZA JONAS 23-10-2015 à 15:25

"UMANIKA AGATU WICAYE MUKUKAMANURA UGAHAGURUKA" TUREMEYE DUCIBWE ?

1 | 2
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha