IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bwemerewe umuriyaridi 1,75 w’amadolare y’Amerika

Uburundi bwemerewe umuriyaridi 1,75 w’amadolare y’Amerika

mercredi 30 Gitugutu 2013

Inama y’abafasha Uburundi yari imaze iminsi itatu iriko ibera mu gisagara ca Bujumbura yarangiye. Uburundi bukaba bwemerewe amafaranga angana n’uriyaridi umwe n’ibice mirongo irindwi na bitanu vy’amadolare y’Amerika nk’uko vyashikirijwe mu birori vyo gusozera ibikorwa vy’iyo nama.

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gerevazi Rufyikiri mu bikorwa vyo gusozera ivyo bikorwa, yavuze ko iyo nama ije ikurikira iyari yabereye i Geneve aho Uburundi bwari bwemerewe imfashanyo ingana n’imiriyaridi zibiri n’ibice bitandatu. Muri iyo nama rero ivyizwe ndetse bigiye gufashwa bitandukanye n’ivyari vyashimikiwe ko mu nama y’abafasha Uburundi yari yabereye i Geneve, iy’ubu yashimikiye cane ku gufasha ibisata vy’amagara y’abantu, guteza imbere igisata c’umuyagankuba, ibidukikije, imibano, iyinjira ry’UBurundi mu mashirahamwe y’akarere eka no kurwanya inzara aho icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu avuga ko bitatu vya kane vy’abana bari munsi y’imyaka itanu bafungura nabi, ari naco gituma abitavye iyo nama bemeye gufasha Uburundi mu gisata c’ukurwanya inzara mu guterera agacumu k’ubumwe Leta y’UBurundi.

Inyuma y’iyo nama rero, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu akaba yabariye abamenyeshamakuru ko iyo nama ibashimishije kuko abakunzi b’Ububurundi basubiye kwemera gufasha ndetse igitandukanye n’inama y’ i Geneve, ubu bakaba bavuze ibisata bazofasha kuruta ibindi. Aremeza ko utunenge mu bijanye n’ugutwara neza batigera babinyegeza, ariko kandi ko uwuja gukira indwara ayirata. Abandanya avuga ko amakungu n’abarundi babona ivyaranguwe haba kwubaka amabarabara canke ingomero z’umuyagankuba eka n’uguteza imbere igisata co gutumatumanako amakuru.

Aremeza ko uburyo igihugu gikeneye kugira gituze ingorane mu bisata bitandukanye ari bwinshi, kandi ubwo buryo kuburonka atari ejo canke hirya y’ejo, ariko bagerageza gusaba imfashanyo zihutirwa, zishigikira ibisata nkora mutima.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.