Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bwinjiye mu rwego mpuzamakungu rw’agateka ka zina muntu
Uburundi bwinjiye mu rwego mpuzamakungu rw’agateka ka zina muntu
jeudi 29 Gitugutu 2015, par
Uburundi bwashizwe mu rwego mpuzamakungu rujejwe agateka ka zina muntu (Conseil des Droits de l’Homme), urwego rugizwe n’ibihugu mirongo ine n’indwi.
Muri urwo rwego Uburundi bwaraye butorewe kujamwo, umugabane wa Afrika userukirwa n’ibihugu 13.

Uburundi bwatorewe hamwe n’ibindi bihugu 18, ivyo bihugu vyatowe bikaba bifise ikiringo c’imyaka itatu, kizotangura kuva kw’igenekerezo rya mbere Nzero 2016, kirangire mu mwaka w’2019.
IGIHE
Messages
29 Gitugutu 2015, 14:03, par MAKORAT
BABUHAY IBINTU BUTAZOSHOBORA MUKUGAHUNGABANYA NABAMBER.
29 Gitugutu 2015, 14:04, par MAKORAT
BABUHAY IBINTU BUTAZOSHOBORA MUKUGAHUNGABANYA NABAMBER.
29 Gitugutu 2015, 14:50, par Bakary
Ngo "uwuhana umurozi amusigarana umwana"! Uburundi bavuga ko butubahiriza agateka ka zina muntu none barakabucungishije: abo bantu umenga barumva umugani wa basokuru!
29 Gitugutu 2015, 20:55, par Aoron
Jewe ndashimiye amakungu yiyumviye gushira uburundi muriryo shirahamwe ryibuhugu mirongo ine nindwi, reka turabe naho.
30 Gitugutu 2015, 05:36, par salim
Niteka dutew tugomba kurogendera nkukotwamye tubikora
30 Gitugutu 2015, 08:13, par zaza
IKINTU KIJE KIZANANA NAMATEGEKO,KUBERA BAZIKO KUYAKWIRIKIZA BIZOBAGORA BASHAKA BARONKE INGENE BABAFATIRA MUMAKOSA NEZA
30 Gitugutu 2015, 16:04, par imbonerahafi
Uwuhana imbwa mujeri ayibitsa inyama
31 Gitugutu 2015, 13:10, par ducubwenge
Hari ibirabwa kugira igihugu gitorwe.abanka igihugu c’uburundi kumbure bafise izindi mforo.