IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi ku rutonde rw’ivyigwa mu nama nkuru y’umutekano wa ONU kuri uwu wa (...)

Uburundi ku rutonde rw’ivyigwa mu nama nkuru y’umutekano wa ONU kuri uwu wa gatatu

mercredi 6 Myandagaro 2014

Parfait Onanga Anyanga aserukira mu Burundi umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU aratanga kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 6 Myandagaro 2014, icegeranyo c’ivyaranguwe mu mezi atatu n’ubuserukizi bwa ONU (BNUB) mu Burundi.

Ico cegeranyo gihabwa kuri uwu wa gatatu inama nkuru y’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, akaba ari mu ntumbero yo gushira ahabona ivyaranguwe na BNUB, nk’uko ingingo y’2137 yo mu mwaka w’2014 ibitegekanya ko umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU abwirizwa guhabwa icegeranyo uko iminsi 90 iheze, ku bijanye n’ingene mu Burundi vyifashe, n’ingene urwego BNUB ruriko rurangura imirimo rwishinze, intambamyi boba barahuye nazo, hamwe n’ingene urwo rwego rwa BNUB rwiteguriye gusozera imirimo yarwo, rugahinduka umurwi muto (Equipe de pays des Nations Unies).

JPEG - 65.9 ko
Parfait Onanga Anyanga, aserukira umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi

Muri ico cegeranyo gitangwa kuri uwu wa gatatu, Parfait Onanga Anyanga arashikiriza ihangiro rya BNUB gushika kuwa 16 Nzero 2015. Tubibutse ko urwego BNUB rwiteguriye gusozera ikiringo carwo mu mpera z’uwu mwaka w’2014, rukazosubirirwa n’umurwi muto (Equipes de pays des Nations Unies), nk’uko vyumvikanywe hagati ya Reta y’Uburundi, ishirahamwe mpuzamakungu ONU, hamwe n’abafasha Uburundi.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.