IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi na Congo basavye ko ONU yofata mu minwe ivyagirizwa (...)

Uburundi na Congo basavye ko ONU yofata mu minwe ivyagirizwa Urwanda

jeudi 18 Ruhuhuma 2016, par egide

Ibihugu vy’Uburundi na Repuburika iharanira intwaro ya Congo vyandikiye inama nkuru y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, bisaba ko iryo shirahamwe ryofatira ingingo igihugu c’Urwanda cagirizwa ko kiriko gitegura abarwanyi batera Uburundi, mu mpunzi z’Abarundi ziri mu Rwanda.

Albert Shingiro aserukira Uburundi mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yasavye ko inama yihutirwa y’inama y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yotumwako, kugira ingingo zose zishoboka zifatwe, «umugambi wa Kigali w’ugushaka guhungabanya umutekano w’Uburundi ntushikweko.»

JPEG - 71.4 ko
Albert Shingiro aserukira Uburundi mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU

Ubwo busabe bw’Uburundi bwabereye rimwe n’ubwa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, igihugu casavye ONU ko yokwibutsa Urwanda kwubahiriza amategeko mpuzamakungu yateweko igikumu. Mw’ikete Ignace Gata Mavita aserukira Congo muri ONU yanditse, yasavye ONU kwiyamiriza ico gikorwa, hamwe n’ukubwirizwa Urwanda rugahagarika «kwinjiza mu mirwi irwana impunzi z’Abarundi ziri mu Rwanda.»

JPEG - 57.2 ko
Ignace Gata Mavita aserukira Congo muri ONU

Inyandiko zo mw’ibanga z’ishirahamwe mpuzamakungu ONU zagiriza Urwanda kwinjiza no kwigisha mu bagwanyi, impunzi z’abarundi ziri mu Rwanda, mu ntumbero yo gukura ku butegetsi umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza.

Ku ruhande rw’Urwanda, umushikiranganji w’imigenderanire w’Urwanda n’ayandi makungu, Louise Mushikiwabo, yamenyesheje ko amatati ari mu Burundi akomeye, kandi ko abategetsi b’Uburundi babivuga uko bashatse, agasaba amakungu ko yokwitaho ico kibazo vyihuta, kuko arivyo vyoba vyiza.


IGIHE

Messages

  • Kagame ni kinwamaraso abanyarwanda tubabazwa no kuyoborwa nu mwicanyi wayogoje kano karere akiri muri uganda agace yari arimo yahoraga yica abagande banze ngo kuyoboka museveni kugezaho abasirikare bagenzi be bamwise pilato kubera ubugome yarafite kagame arashinjwa kwicisha million 8 za baturage ba congo biturutse mu ntambara ahora ashoza muri congo Kagame niwe wasifuye ko jenoside itangira kugirango abone uko yifatira ubutegetsi bitamugoye yatangije jenoside arangije aba arinawe uyihagarika kuko yari umusifuzi wayo kagame niwe mwicanyi wa mbere muri africa kuko yica abaturage be akajya no kwica abaturage bibindi bihugu kagame niwe mu perezida umaze kwicisha aba perezida 3 ...1.Habyalimana..2.Ntaryamira..3.mzee laurent desire kabira kagame yavugiye mu ruhame ko azica kikwete arongera avuga ko yabuze nkurunziza ngo amwice....

  • mbega??kagame aguma yisuka muvyu burundi abona Yuko azodusinda burya barayamaze bati:uwutosora ifuku yamizayo akatsi yabonye tununye ati hwe narindire umwa ucariho ntaze asubire kutuzanamwo vy’amoko nkuko yabigize mu Rwanda ica mbere natwe tubishatse twomwinjirana tukabimwereka burya inzu y’umubanyi ihiye uramufasha kuyizimya kuko nawe ntubuzi uko buzoca iwawe hameze

  • NIBAMWIYAMIRIZE NIVYANKA TUZOMWISANGIRE MUBURIRI GUSA NZOBABAZWA NABAGORE NABANA BAZOGWA MURIYONTAMBARA BAZIR UBUSA KANDI KAGAME NTANTEKEREZE KUBURUNDI ARIKONGO YATEYE AKIVURUGANGA UKWASHAKA.UBURUNDI HARINTAGOHEKA NYISHI ZITEGURIYE KWIVUNUMWASI AHAZOTURUKA HOSE

  • UKWO N’UGUTA UMUTWE NKURUMBI ARARUSHE BIRABONEKA,INAMA NKURU Y’UMUTEKANO YANANIWE NO GUFATA INGINGO KUBURUNDI NGO YOHURIZA KUGUFATIRA IBIHANO URWANDA,MUBAGIZE IYONAMA NKURUMBI YARIHWEJE ASANGA ARUSHA ABAGENZI UMWUBAHWA KAGAME

  • Peter, Selemani... muzi kuvuga kbsa. Gusa ikibabaje n’uko akarimi kanyu kababesha. Selemani, uravuze ngo mwokwijirana nde? Uzi ivyo uvuga? Uzobaze abashatse kubigerageze ico babonye. Mbega igihe isoko ya Bujumbura isha igakongoka mwaronse intervention ivuye hh? Ntimwashoboye kubona itandukaniro? Peter, uzobaze nta mugome ufasha abandi bantu? Uzobaze abaturage benshi bafashijwe na H.E. Paul KAGAME mu kubaha ibibatunga, uwari utazi uko yabona inka yarazibonya bivuye k’umukuru w’igihugu c’URwanda. Imibereho yarahindutse kugeza aho amahanga abibona. Gusa, ishari ni ryobura kuko ivyo abayobozi ba RDC bavuga biterwa naryo. Bazobaze abaje ino muri CHAN 2016 ba bakongomani uko bakiriwe mbere y’uko biha amahanga ngo barasaba. Peter, nkubwire ko uyu munsi kuva kikwete wawe yava ku buyobozi, Tanzanie n’u Rwanda umubano umeze neza. Erega iyo ukorana n’abaswa uba umuswa. rero kikwete na nkurunziza bari bahuje ubwenge. uzarebe MAGUFULI ko atirukira mugushaka umubano n’u Rwanda.

  • Notangaye baca umuganingo imburakimazi iherekeza mukeba mbe Congo yobura kwisuka mubibazo vyacu kandi nanyakabira iciyumviro afise arico guhonyanga amategeko agomba nkurumbi azomushigikire nkuko nawe amushigikiye adupfungira abamenyesha makuru ataco abaziza ahubwo aho zihindurira imirisho nkurumbi tumweguye nawe azokwibonerako impunzi zose zahungiye muri Congo yirirwa aratoteza afatikanije nimbonerakure ivyovyose tuzobimubaza niyaba naho ariko ararondera ko nkurumbi azomufasha nibimwe bita kuronderera amata mumatako y’igihori kandingo uwudahwa ntafata uwunya

  • eka nizo mburakimazi za ba nye congo nu burundi bovuga , kagame muveko niwe ariko atuma kabira arondera kwitoza ubwa gatatu atabirekuriwe be na pita ni kagame yababwiye kunguvu ngo nimwitoze murakitwara agatwe mwabigugu mwe ibihugu vyanyu biduma urasazi genda murwanda murabe namwe ngo muriko musaba ibihano ryama murye amahera yaibuhugu vyanyu muheze muhore.

  • Roza Kamikazi ntukomeye ugogwanda uvuga kotwumva abantubagwayebamavunja nomunyo? Ko abantu mucaro bakenye bikabije kuba mwarubatse inzu ahongaho ikigari namabarabara yaho in I had I bivuzeko urwanda hose rukize? Gushika habanyagwanda bajanwa kogeshwa nkinka ntaninsoni ufise zukuvugajwibindi bihugu bituma urusazi birashika nuwubivuze akaba arinumurundi murabo Baja barihiyo nimutekereze kagame ivyoyakoreye Kongo muburundiho aturure arabona ibara

  • @abasomyi mwese. Kagame ni icyihebe (terroriste) gikwiye kwamagana. Muri iyi minsi mu Rda twamenye ko abantu bacu bazimira bicwa hanyuma ibice byabo by’imibiri (imitima, impyiko,..) kagame abicuruza mubushinwa. Aragapfa uwo mwicanyi w’inkoramaraso kagame

  • @Rosa kamikazi
    "kagame muveko niwe ariko atuma kabira arondera kwitoza ubwa gatatu"
    Urateye agahinda wewe! Kabila yitoza ubugira gatatu. Abantu bafise umutwe ntibashobora gushigikira abantu bashaka gupfira ku butegetsi. None raba iyo mpfizi yawe Kagome aherutse gushinga ko azotwara gushika imyaka 77 yiwe! Nayo nyene niyagera azoca agira nka mugenzi we Mugabe ageze ku myaka 92 ari ku butegetsi! Ntiwumva ko uteye isoni gushigikira ubugome nk’ubwo?

  • Kuvuga Menshi Sikwo Kuyamara Ahubwo Nibatorere Inyshu Ico Kibazo Vubanabwango Bitararenga .Ubuhinga Bwaraj Ndazi Birazwi

  • Kuvuga Menshi Sikwo Kuyamara Ahubwo Nibatorere Inyshu Ico Kibazo Vubanabwango Bitararenga .Ubuhinga Bwaraj Ndazi Birazwi

  • ivyobavuga nukuri ariko kagame ntaweyumvir ibizob ivyubusa

  • MWABARUNDI MWE MUZAHORA INYUMA NKU MULIZO WI MBWA. KAGAME NTAHO MWAMUKURA ARUSHA UBWENGE ABAYOBOZI BOSE BABARUNDI MUFATANYIJE IBYO BITWE BYANYU. IBIROFA GUSA.

  • Roza Kamikazi ntukomeye ugogwanda uvuga kotwumva abantubagwayebamavunja nomunyo? Ko abantu mucaro bakenye bikabije kuba mwarubatse inzu ahongaho ikigari namabarabara yaho in I had I bivuzeko urwanda hose rukize? Gushika habanyagwanda bajanwa kogeshwa nkinka ntaninsoni ufise zukuvugajwibindi bihugu bituma urusazi birashika nuwubivuze akaba arinumurundi murabo Baja barihiyo nimutekereze kagame ivyoyakoreye Kongo muburundiho aturure arabona ibara

  • Ari Abategetsi b’Uburundi cyangwa abategetsi ba Congo mwese muri Ibigoryi bivukanyi, niba Kagame ariwe wategetse NKURUNZIZA kurengera amategeko y’Abarundi yiyamamariza Mandat ya 3 yo nyirabayazana y’ibibazo mufite ibyo byaba bifite ishingiro, Kabila nawe arabona ko kongera kwiyamamaza aba Congolais batamushaka agasanga inzira yamugeza kubyo yifuza ari uguhoza u Rwanda mu matamatama, izo nizo ntwaro zonyine musigaranye bigaragara ko muri abana muri Politic, mureke kuyoboza musubire kwuga kandi mutangirire mu kiburamwaka.

  • Abakongomani nabarundi bose ntamuzima ubavamo nkurumbi nabamurinyuma umunsumwe urabategereje

  • Je Mbona Ko Urwanda Rwokubahiriza Ibijanye N’ivyurundi Kuko Na Kagame Ariko Arondera 3eme Mandant Aziza Peter.

  • Je Mbona Ko Urwanda Rwokubahiriza Ibijanye N’ivyurundi Kuko Na Kagame Ariko Arondera 3eme Mandant Aziza Peter.

  • Kabila na pierre nkurumbi wagirango baravukana.abanyagihugu ntibabashaka kuko ntaco mubamariye

  • Burundi barundikazi ndabasabye mwe kumva amabwire yabantu bishakira inyungu zinda zabo mwebwe gusa mushire mugacire murebe aho mwavuye hanyuma muhage amaso ahomujya kdi aho mujya nimwe abarundi nabarundikazi mugomba kuhategura mugategura uburundi bubereye abarundi na barundikazi.naho nimujya kumva amagambo yabarundi bashaka indonge nabanyarwanda batavuga rumwe na reta yurwanda mukabishinga muzahomako kbsa mwebwe mube abantu babagabo murebe kure mutazemera ko igihugu cyanyu kiba ikibuga cyumupira abanyenda nini bakiniramo umukino wapolitique ndabasabye mube mask cyane mwirinde ibyo birura kdi abarundi na barundikazi mufite ubwege buhagije sinzi ko harumuntu ufite ubushobozi bwo kubayoboresha igitungu nawe mufite urengazira bwo kuyoborwa nuwo mushaka mwebwe abarundi na barundikazi rero mwirinde abo banyapolitique babanya Rwanda batavuga rumwe nubutegetsi buriho bataba no mugihungu baragizsabagashaka kuryanisha abarundi nabanyarwanda kdi turabavandimwe kweri.Mureke tubime amatwi ibyo birura by abarundi ndetse nibyabanyarwanda bitifuza amahoro yakaka karete kacu .ndagije mbasaba gushishoza mugashira mugaciro kabereye mwebwe abarundi na barundikazi.

  • @sebigori (impene). None abanyarwanda baryanisha bate abarundi. Uryanisha abarundi ingegera kagame kuko niwe wohereza abatera grenade i Bujumbura. Naho abaturage b’urwanda uratubeshyera kuko iyo nkooramaraso kagame yamaze guhaga amaraso y’abanyarwanda ubu naho yatangiye kunywa ay’abarundi ngo kandi yasanze aryoshye.

  • Kuki mutorondera kazoza kejo hazaza gusumba kuronderana kunyungu zanyu.ndabwira uri president w’urwanda n’uburundi mwempi imana yabahaya ibihugu vyayo kugirango m ubihagararire ntiyabibahaye mubitembagaze.

  • @ruremire. Ko mwasize mumenye amaraso Mu Rwanda Muri 1994 iciza mwifuriza abarundi n’ikihe?Wa nterahamwe we

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.