Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburusiya busabwa kuzokwitaba inama y’abafasha Uburundi i Geneve
Uburusiya busabwa kuzokwitaba inama y’abafasha Uburundi i Geneve
jeudi 13 Ruheshi 2013
Ubuserukizi bw’igihugu c’Uburusiya mu Burundi bwarahimbaje umusi mukuru witiriwe ubwigenge n’ukwiyunga, umusi wama uhimbazwa uko umwaka utashe ku genekerezo rya 12 Ruheshi.
Mu birori vyo guhimbaza uwo musi mukuru, ubuserukizi bw’igihugu c’Uburusiya bwarakengurutse intambwe Uburundi bugezeko mu bikorwa vy’iterambere, bagashima intererano y’Uburundi mu kugarukana no gutsimbataza amahoro mu bihugu vyo muri afrika bikiri mu ntambara.
Ubuserukizi bw’igihugu c’Uburusiya bukamenyesha ko bariko bakora ibishoboka kugira bashigikire Uburundi mu migambi y’iterambere, aho ibisata bitari bike bifatwa mu mugongo n’ubuserukizi bw’igihugu c’Uburusiya mu Burundi nk’igisata c’indero, amagara y’abantu, amasoko ntanganguvu, gukaburira ubuhinga abasirikare b’abarundi batibagiye abanyeshure b’abarundi bahora barungikwa kubandanya amashure mu gihugu c’Uburusiya.
Uwaserukiye umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu yamenyesheje ko uwo musi mukuru ubaye akaryo ko kwibukanya gutsimbataza imigenderanire myiza iri hagati y’Uburundi n’Ubuyapani, agirako asaba Uburusiya ko bwokwitaba inama y’abafasha Uburundi izobera i Geneve mu kwezi kwa Mukakaro.



Egide Nduwimana