Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburyo bukoreshwa mu gucukura ubutare bidakwirikije amategeko bifise (...)
Uburyo bukoreshwa mu gucukura ubutare bidakwirikije amategeko bifise ingaruka mbi
jeudi 22 Myandagaro 2013
Uburyo bwo gucukura ubutare budakwirikije amategeko bufise ingaruka nyishi mbi haba ku bidukikije, ku mibano n’ ubutunzi hamwe n’ingorane ku magara y ‘abantu hamwe n’umutekano.
Ivyo bikaba vyavuye mu kiganiro umuhanuzi mu biro vy umushikiranganji w ‘ubutaka n amasoko ntanganguvu akongera akaba ari mu murwi wo mu karere ujejwe kurwanya ugucukura ubutare bidaciye mu mategeko mu karere k ibiyaga binini. Umushingantahe Damien Riragonya akaba amenyesha ko ukwimba ubutare bidahwanye n amategeko abari nk‘ ikiza mu gihe iryo cukurwa atanakimwe ryongereza ubutunzi bw igihugu. Nk amasoko ntanganguvu bategerezwa kubucukura mu buryo amafaranga yinjira mu kigegha ca Leta kandi akongera agafasha mu guteza imbere iterambere rirama.
avuga ko gucukura ubutare bidaciye mu mategeko bituma ubutunzi busubira inyuma . Ikindi naco, ingaruka ni nyishi kuko abanyagihugu bamwe bamwe ntibasubira kwiyumvira ibindi bokora biteza imbere ubutunzi, aha twovuga nk’ uburimyi hamwe n abana bamwe bamwe baca bata amashure yabo bakaja gucukura ubutare bafise ivyizigiro vyo gutunga. Kenshi mbere usanga aho hantu bacukura ubutare huzuye urwaruka rukiri ruto ruca ruta amashure amashure bakaja mu mabarabara.
Ugucukura ubutare bidaciye mu mategeko birorona n’amagara y abantu. Hari intambamyi ku magara y‘abantu hamwe n umutekano ntivyibagiwe. umushingantahe Riragonya ngo n’ akazi gakomeye bakora mu buryo buruhisha kandi buteye ubwoba kuko atabikoresho vyagenewe gucukura ubutare baba bafise. Harakwiye kubaho umurwi wo gucukura ubutare kugira barabe uruhara rwabwo mu mw ‘ iterambere ry ‘ ubutunzi bw ‘ igihugu hamwe n’ abanyagihugu.
Yabandanije asaba ko hobaho itegeko rishasha ryotuma bashira mu ngiro ivyavugiwe mu nama y abakuru b’ígihugu yabereye i Lusaka muri Zambiya yerekeye gutuza abacukura ubutare bidaciye mu mategeko. Mu kurangiza akaba yasavye ko akigoro ku mwihariko kari gakwiye kuba mu guhimiriza abanyagihugu gukurikiza amategeko hamwe no gukunda igihugu. Asaba abatowe n abanyagihugu ko bogira ico baterereye nabo mu kurwanya iryo cukura ry’ubutare ritemewe n’amategeko.
Floxella Karire