Accueil > Imibano > Urukundo > Uburyo umusore yokwiyegereza umukobwa yashimye
Uburyo umusore yokwiyegereza umukobwa yashimye
mercredi 13 Ntwarante 2013
Akenshi usanga abasore batari bake barondera uwobafasha, ahobamwe bagira bati: "Nakunze umukobwa ariko nabuze ingene nomubona."
Nivyo gose ugomba kuvyitondera kuko ushobora kwankirwa (kurya ipoto) kandi bitari ngombwa ahubwo vyishwe n’uburyo wamubajije (wamupanze) wa mugani waya mvugo y’ubu.
Musore rero, mu gihe wabonye umukobwa ukamukunda ariko we utazi ikimuri kumutima, raba uburyo wo vyitwaramwo:
1.Mwereke ko umwitayeho
Hari uburyo wokwitaho umukobwa bikamukora ku mutima ndetse ukaba wokwigarurira umutima wiwe bitakugoye. Ushobora nkogutangura umuhamagara kenshi umubaza uko yavyutse, uko yiriwe, ku mubaza nimba yariye n’utundi nk’utwo ariko uramenya ntuzomuvugishe umwanya munini kuko vyovamwo kwiyononera inzira.
Kumubwira ko umukumbuye , ko ukumbuye kuganira nawe n’utundi nk’utwo n’ingombwa ngo uzobashe kumenya ibiri mu mutima wiwe ariko ukirinda kumubwira ibijanye n’urukundo ngo ahave akwankira(kuguha i poto) .
2. Kumwereka ko ari uw’agaciro imbere yawe kandi umunezererewe.
Nimba ubonye amahirwe yokuba uri kumwe nawe, mwereke gose ko umunezererewe kandi utifuza yuko mwotandukana. Nimba muri kumwe kandi uhere aho umubwira tumwe mu tuntu turyoshe canke tunatwenza , nk’udukuru canke film(ireresi) waretse gurtyo nawe azotangura aguhamagara atangura agukumbura anakwiyumvira hose cane .
3.Irinde kubishuhira cane
Aha benshi mu basore bananirirwa iyo batavyitondeye. Burya umusore ashobora guhura n’umukobwa akumva yorara amuhishuriye ko yamukunze. Ku bakobwa rero bo siko biri cane,kuko we aza kuguhishurira ko agukunda ari uko amaze kukwiyumvamwo cane .
Gushuha rero no kukubwira ko agukumbuye, ni yaguhamagara akagusaba komubonana canke ikindi, ntuzoce wibwira ko vyakunze. Ntuzotinyuke kumwita utuzina nka sweety, chérie, honey n’utundi, ahubwo ugomba kugenda buhoro buhoro mugani wawa muririmvyi.
4.Gerageza kwihangana no kwitwararika
Nimba muhanye gahunda agateba canke se akanayica, mwereke ko bitagushimishije ariko wirinde kumwereka uburakari. Wewe ariko nimba uzi komufitaniye gahunda, gerageza uyubahirize mbere akubone nk’umusore afise intumbero.
5.Mwiyereke uko uri, ntiwishire hejuru
Ibi bikunda gukorwa n’abasore batari bake, ugasanga niba ahuye n’umukobwa yakunze ico ashize imbere ni ukumusohokana no kumuha impano zirengeje . Ntiwigore! kuko ukeneye umukobwa w’umutima afise urukundo ntakeneye ivyo, ahubwo akeneye kukubona uko uri, ukanamuha utuntu twiyoroheje cane.
Bene uwo akeneye ivyo hejuru nyene ni bamwe bita abakunzi b’ibintu(materialiste) kandi uze ubagendere kure.
Ibi vyose niwavyitondera ukavyubahiriza, ntakibuza bizokunda kandi ndabikwijeje.Nyuma y’igihe runaka uzoja kubona ubone wa mukobwa niwe ariko arakwiyerekera ko agukunda anabikubwira mu bimenyetso bigaragara, nyuma ubone guserura akari k’umutima!
Joel Sengurebe
Messages
27 Rusama 2015, 11:05, par cimanimpaye
ukeneye kurya umzigo naho wobigenza gute?
17 Munyonyo 2015, 16:56, par Niyogusengwa Zenon
Jewe Nabonye Umukobwa Rimwe Gusa Acaranyura None Ndamubajije Yaranse None Nimumpe Inyishu Y’ikibazo Canje Murakoze
25 Kigarama 2015, 19:47, par Louis
Mfise Uwo Dukundaye Ari Igitega Nanje Ndi Inyanzarake Ndamubwiye Amanuke Tubane Ino Ntiyemera Kandi Naramukoye Twaragiye No Mwikomine None Mumpanuye Iki Nirongoreye Uwundi Yoshavura Kandi Naramubwiye Amanuke . Avuga Ngo Nimbanze Nduge None Nkoriki
14 Nzero 2016, 10:19, par JEIB%ERNIE
jewe kweri kwiyoa nkuru ndumva inyuze vya hatari gusa ico mvuze nuka abasore mugukunda twobanza gushishoza kuko abadada bubu baragoye gukunda nka bose bikundira kashi ninaba mbeshe mumbeshuze gusa natwe duce ubwenge kuko baca umugani mukirundi ngo kunda uwugukunda kuko uwukunda akunda abandi.murakoze
5 Ruhuhuma 2016, 21:35, par bimenyimana celestin
kurijew iyonkuru iranshimishij ariko nagrambaz je mfise umukobwa arankunda nanje ndamukundaga ariko barakenye iwabo nij murihira amahera y’ishure ndanamuguri amakaye muha burikimwe akeney camufashaga nkumukobwa ariko mfise impungenge ko yazampemukira nne mwampanurik?
8 Ruhuhuma 2016, 23:44, par nibizi phenias
harho aband bakobwa udashobora kurindir kuko atkwihangana baba bafis non nkivy bishits umunt yoc akor iki murak kany nyen muba murikumw murakoz
4 Ntwarante 2016, 22:45, par KAVYONZI DONATIEN
NONE KUWUTAGIRA UWOBAKUNDANA AKABA AVYI FUZA WE YOBIGENZA GT? CANKE YOMURONKA GT? YOTAGURA KUMUBWIRA GT?
5 Ntwarante 2016, 16:51, par Nitwa Felix
Jewe Twigana N’abakobwa Benshi Harimwo2 Niyumvisemwo Kandi Bose Narababajije Ivyurukundo Umwe Aramera Nkuwuvyemera Uwundi Avuga Ko Twamubajije Turi3 None Ngo Azoca Abivamwo.Kubwanyu Mubona Nokora Iki?Inyishu Merci!
5 Ntwarante 2016, 22:54, par Schadrack
Ko Nagerageje Vyas Nne Bivakuki?
22 Ntwarante 2016, 08:34, par JUNIOR
JE NDI MATELIALISTE
30 Ntwarante 2016, 07:46, par Stive
Ivyonivyukuri
30 Ntwarante 2016, 14:25, par daniel
Amajambo y,urukundo
4 Ndamukiza 2016, 20:44, par nduwimana jean marie
Jewekwiyonkuru Ndumva Inyuze Vyahatari Mugabo Nakunze Umukobwa Sindabimuhinshuka Fise Ubwaba Honza Bimubwira Akanka?
4 Ndamukiza 2016, 20:48, par nduwimana jean marie
Jewekwiyonkuru Ndumva Inyuze Vyahatari Mugabo Nakunze Umukobwa Sindabimuhinshuka Fise Ubwaba Honza Bimubwira Akanka Nobigenzagi?
4 Ndamukiza 2016, 20:49, par nduwimana jean marie
Jewekwiyonkuru Ndumva Inyuze Vyahatari Mugabo Nakunze Umukobwa Sindabimuhinshuka Fise Ubwaba Honza Bimubwira Akanka Nobigenzagi?
9 Ndamukiza 2016, 11:49, par Sinzoyiheba Sadock.
Turbshmir Can Abntu Mutumenysha Vysh Tutari Tuzi.Tugc Tbabza Umwgme Wmknz Ntiyshbr Kghshka Ko Yagkunz Atbicishj Mubmenytso?
10 Ndamukiza 2016, 11:56, par Mugisha Enock
Jenkunze Umukobwa Nashaka Udushugwe Nantutwosetwomunezera Kandisishaka Kumuhagarikira Ubuzima Urukundogwiza Nururimwonpwemu
18 Ndamukiza 2016, 23:23, par Tharcisse kwizerimana
Uworoka gukunda harico bitwaye
21 Ndamukiza 2016, 19:51, par @eric@
Jewe nkunze umukobw muga ngomba koyorushiriza kunkunda muga ntashaka kubinyireka nône nokoriki
21 Ndamukiza 2016, 19:52, par @eric@
Jewe nkunze umukobw muga ngomba koyorushiriza kunkunda muga ntashaka kubinyireka nône nokoriki
2 Rusama 2016, 23:17, par ella
umuhungu ukunda ntagukund nkubu ataguh sms cank ngagufone wumva nkuwo agukunda?
21 Rusama 2016, 15:28, par Nijimbere Stive
Jendasanze abakobwa bikundira umuhungu afise ipesa
4 Ruheshi 2016, 15:03, par Ngendakumana Ezechiel
Jew Umukobw Nkeney Ntanyemera Neza Ariko Iyo Yankoreye Ikora[dufate Yangaye ]haragera Igihe Ansaba Ikigongwe.Mwumva Nokora Iki?Ko Ndamukund.
9 Ruheshi 2016, 12:38, par Congera Joseph
Ntankuru Iraho
6 Mukakaro 2016, 21:24, par Nikoyanditse Fiacre
Narakunze Umukobwa Ariko Ntiyankunda Ariko Naramwitondeye Nkuko Mwabivuze Ariko Ntiyambona Mumpanuye Iki?
11 Mukakaro 2016, 21:42, par kwizerimana pascal
jew mfisumukobwakundanyenuwund kandinanj ndamushaka nkorik?
18 Mukakaro 2016, 13:49, par ALEXIS
ivyovyokundagutenkiyoufiteubwoba?
29 Mukakaro 2016, 20:45, par Justin TUYISENGE
mer6 beaucoup.
9 Myandagaro 2016, 21:40, par Egide
Thx For Your Idea
18 Myandagaro 2016, 23:09, par Arakaza Elphase
Bn Jewe Ico Niyumvira Nukwo Uwo Mukobwa Yohava Agufaja Nabi Kubera Iyo Misi Yose Mwoba Mugendanye Ataco Uramubwira
1er Nyakanga 2016, 14:09, par Nishimwe eddy tresor
Ic niyumvir nuko ivy bivuzwe arivyo mug uwo mukobwa yohav akugarako kko yobona uguma umwiyegereza
6 Nyakanga 2016, 13:26, par Cédric Michel
Nn Ari Umukobwa Agukunda Nawe Umwanka Wabikika Gt?
13 Nyakanga 2016, 20:36, par Methode
Burya Uwo Wakunze Uza Uramwiyegereza Cane Aca Abona Ko Ari Kumwise Nta Nakwemera
18 Nyakanga 2016, 03:43, par HAGANZIMANA
KURIYOKUNKURU ICO NOKWIYUMVIRA NUKO NSANZE HARIMWO IMPANURO NYISHI KANDI NABASORE BAKE WOSANGA BITWARARIKA IBINTU NKIBI KUKO ABENSHI BARASHURHE CANE KUBURYO HATOHERA IMISI UTARAMUSABA URUKUNDO.KUKO UTARUMUSAVYE NINGOGA ACA YIBAZAKO URI DERANGEUR HARIGIHE USANGAYISHAKIRA KUMUGABO BINYARUTSE NAWE UMUFYINYEKO AGACA AKUGAYA
23 Nyakanga 2016, 19:47, par niyonsaba
oohoo !! erega akaryana ntawukaryamana!!
23 Nyakanga 2016, 20:35, par kapanginyi
kwer ntimubesh
24 Nyakanga 2016, 11:20, par nikiza
vyarivyo kabsa. Arko urya muririmvya king james yaririmvye nturare utabivuze.
26 Nyakanga 2016, 18:31, par Japhet
N Tkur Ndanyuzw
2 Gitugutu 2016, 06:48, par Ngendakumana Janvier
Jewe Hariumukobw Nashka Gukund Arikow,nobigenza Gut?
8 Gitugutu 2016, 19:45, par MPB
Yew Naje Ntabwo Nkeneye Materialiste . Kandi Mwenyezi Mungu Atanipa Jibu .
13 Gitugutu 2016, 12:45, par 69733435
sabu fa
13 Gitugutu 2016, 21:50
Jewe,nkunzumukobwa,agumashakako,turyamana,nomwirindagute?
14 Gitugutu 2016, 18:28, par Muhorakeye Junior
Twakundany N’umukobw Umwaka Wose Kand Yambwirak Ankunda,Non Ubu Yaragiy Ahandi Yagiye Atanambwiye Non Mwumva Yarankund Vyukuri?Ntimwumvakoyambesha?
22 Gitugutu 2016, 11:28, par UWIMANA CYRIAQUE
TWAKUNDANYE NUMUKOBWA ARIK TWAMENYANIYE KURI PHONE.MFISE AMAKENGA KO YOBA ATANKUNDA KUKO TUTAZINANYE NOKOR,IKI KUGIRA MBONE KWANKUNDA?
28 Gitugutu 2016, 20:52, par nimubona eric
jewe ivyabakobwankwiyekubiheba.umukobwankunzesangabamutwaye
15 Munyonyo 2016, 09:33, par hakundanimana clovis
jewe nkunda umukobwa ariko ndamusaba umwanya wokuganira nawe akabwira kwatawo ngirinama nokoriki ariko iyo turikumwe nkamubwira konkumbuye kumu soma akabinyemerera mwumva nokoriki
16 Munyonyo 2016, 00:12, par Eddy Ahiboneye
Ndabashimirakukigoro Mutanga Kugira Ng Mutwerek Uk Dukwiy Kwitwar Murukund
28 Munyonyo 2016, 10:51, par OLIVIER
UMUNT YOBIGENDERAK KUK IVYO NIVY SAW
6 Kigarama 2016, 07:42, par Nijimbere Reverien
Nivyiza Kutugezah Kuk Ndameny
11 Kigarama 2016, 11:22, par Baryimeri Erican
Jewe Nakunze Umukobwa Haraciye Amezi 6 Turikumwe Hanyuma Niho Ndamubwiye Kotwobonana Akambwira Yuko Atamusi Yigera Aronka Umwanya Ariko Tukiri Murukundo Nyezina Umwanya Akaba Yarawumpa.Mbe Kugeza Ubumwumva Akinkunda Canke Yaramaze Kuronka Uwund?
15 Kigarama 2016, 12:32, par LAMECK
Ivyo Nukuri Nivyo Ariko Nkiyo Wamushimy Ukabura Ingene Ubimubwira Naho Wobigenza Gute?Akarorero Nkiyo Washimy Nkuwiwabu Batunze Akaba Yarakwinjiy Mumutima.
16 Kigarama 2016, 22:03, par MANOTI
jewenkunda, umunyeshuretwigananomugandarabuze, ahondomuca.
21 Kigarama 2016, 14:40, par Olivier
Hagat Y’umuhung N’umukobw Nind Akwiy Kwerek Urukund Kurusha Uwund
26 Kigarama 2016, 13:56, par Mukambati
Nivyiza Kweli Kandi Biratuma Urukundo Rurama.Ndanyuzw.
29 Kigarama 2016, 19:31, par MWARABU KAYANZA
NI BON
29 Kigarama 2016, 21:48, par Nduwimana Elie
Nanj Ndatangay Kwizo Nkur Mutugeho Zirarenze Ndumiwe Kandi Ndatangaye.
8 Nzero 2017, 21:08, par Ndayisenga Auguste
Jewe Ndatahuye Murakoze
8 Nzero 2017, 21:09, par Ndayisenga Auguste
Jewe Ndatahuye Murakoze Naje Ndakunz Bikangor Kuvuga Nn Muntererey Ik
23 Nzero 2017, 19:09, par Ninkunda salvator
ego murakoze!ariko none umukobwa kugira yemere ningoga umuntu yomupanga gute?
26 Nzero 2017, 20:09, par Niyogusenga Eric
Ndanyuzwe Iyonkuru Niyukuri Ntakubesha Kurimwo Nivyo
28 Nzero 2017, 16:37, par habumugisha Eric
Nukuri murakoze kutwigisha iyo nkuru niyo kabida.
28 Nzero 2017, 16:42, par habumugishi Eric
nukuri murakoze kutwigisha iyo nkuru niyo.
28 Nzero 2017, 21:02, par Hatungimana Céléstin
Nukuri Ntimwabeshe Naje Vyarambayeko Kumukobwa Wambere Nagomba Mugabo Kuwakabiri Naciye Ndabigenza Ukwo Bica Birakunda.
2 Ruhuhuma 2017, 15:05, par pacifique
ok
3 Ruhuhuma 2017, 14:23, par Sibomana Trèsor
Jewe Ntibiranshikira Kubera Sindakunda.
8 Ruhuhuma 2017, 15:20, par niyonkuru chadrack’
nibyiza kweri,,
11 Ruhuhuma 2017, 11:02, par Kubwîmâna Rémégie
None Ko Mbona Urukundo Rugoye,ushobora Gukundana N’umukobwa Kandi Akakwereka Kwagukuze Ariko Haheze Imisi Ukabona Urukundo Ruriko Rugabanuka Inguvu.Vyoba Biva Kuki?
15 Ruhuhuma 2017, 05:34, par Nikobiri Egide
Urukundo nihatari nuguca bugifi ukasenga ukambAza uhoraho.
22 Ruhuhuma 2017, 18:03, par Nkundwa Nabake Jean
Kuvyukuri Muragerageza Kuducisha Ubwenge Ahubwo Nimubandanye Kuko Biratomoye.
22 Ruhuhuma 2017, 18:04, par Nkundwa Nabake Jean
Kuvyukuri Muragerageza Kuducisha Ubwenge Ahubwo Nimubandanye Kuko Biratomoye.
2 Ntwarante 2017, 14:18, par GIRUKWISHAKA Fabrice
KOMEZA MUTUBARIRA KOKO BIFISE INSIGURO ITOMOYE .MURAKOZE CANE KURIJENTARINDABIZI
4 Ntwarante 2017, 13:21, par key-itu
turabashimiy nivyukuri
4 Ntwarante 2017, 21:35, par Nicodeme.
Nukuri Natwe Turashima Ahubwo Komeze.
11 Ntwarante 2017, 11:09, par Melchior
Jew Kabis Ndamenye Ingen Nzitwa Murukndo "nahor Nkunz Umukobw Akama Ashaka Ko Twokwama Turikumwe Mundwi Gatatu
1er Ndamukiza 2017, 13:08, par Nihoza Emile King Nyamitw
Ndabashimiye Cane Ko Muza Muratwitaho Kandi Mutumenyesha Uko Twokwigenza Nanje Nashaka Kubabaza Akabazo Kambakiye Ko Mfise Umukobwa Nkunda Mugabo Nawe Akundanye Nuwundi None Kugira Nanje Ankunde Nobigenza Gute? Nimumfashe Mwoba Mukoze Reponse
5 Ndamukiza 2017, 12:01, par NZISABIRA(GISAHIRA)Abdoul
Ndabashimiye Caaane Kubintu Mwatubwiye Nukuri Muranyigishije Ahubwo Murabandanya Kudutera Udukuru Nkutwo.
8 Ndamukiza 2017, 10:43, par audace itangishaka cent kilos
Jew Abakobwa Ndabahevye Guherubu
8 Ndamukiza 2017, 23:07, par JOAS MBONIMPA
NUKURIMURAKOZ!IZIMPANURONIHONKIZIBONA,NGIYEKUZIKURIKIZA.
20 Ndamukiza 2017, 19:31, par Jean Bosco
Murakoze Nashaka Ukuntunkunda Nkabura Ukuntumbitangura Ariko Ndavyumvise Murakoze
14 Rusama 2017, 19:26, par Esperate Idatoranya
Usanz Ukunz Umukobw Adasohok Iwabo Wobigenz Gt?
18 Rusama 2017, 16:32, par ntakarutimana desire
IYO UKUNZE UMUKOBWA AKANKA KO UMWITA CHERIE CANKE TURYA TUNDI TUZINA YOBA AGUKUNDA CANKE AKABA AKUNDA KUZIMYA TELEFONE KESHE UMURONDEYE NTUMUTORE MBEGA NIGIKI CEREKANA KO GUKUNDA
21 Rusama 2017, 22:20, par Elysé Ndikumwami
Iyi Nkuru Numva Ndayikunz Gos Canee!!!
10 Ruheshi 2017, 13:22, par J Claude
nukuri Ibintu Nkivyo Birakenewe Hari Aho Usanga Abahungu Beshi Batazi Guhiga Umugenzi
23 Mukakaro 2017, 00:51, par Bigirimana Dieudonne
mbega Abakobwa Bose Iwabo Batunze Vyokworoha Kubakunda Iyo Ufis Ibibayabaye Bitiyerekana?
24 Mukakaro 2017, 21:24, par Hervé BIGIRIMANA
Beshi baramanirigwa ngaho p!
28 Mukakaro 2017, 07:45, par Kwizera Egide Royi
murakoze Cane, Kandi Tubasaba Ko Mwoza Muraduha Nizind impanuro
27 Myandagaro 2017, 07:12, par Ezechiel
bandanya Mutuyagira
1er Nyakanga 2017, 04:57, par Ntunzwenimanaezechiel
Murakoze
8 Ndamukiza 2018, 15:03, par Bangabiye Dieudonne
Iyonkur Irandyohey Cane Gosee,,, Ash Nimuz Muraduhanura Twiga Kandi Ntimuvug Umwidondor Saw Murakoz Mushishikare
20 Ndamukiza 2018, 20:49, par Irankunda Charlsea
Nikuberi Abisiramu Umukobwawaho Adakundana Numunyamahanga?
20 Ndamukiza 2018, 21:02, par Louis Sabushimikei
Iyo Nkuru Nisawa Iranyeretse Inzira Komeza Nizindi
6 Rusama 2018, 13:02, par Eric Bimenyimana
Nigute umukobwa mutabana hafi na hafi wobona ko agukunda?
19 Ruheshi 2018, 23:03, par halid
ndanezerewe niyo nkuru kabisa
25 Ruheshi 2018, 20:48, par Niyongabo Olivier
Mukomeze Mutubwira Utundi Dukuru Nk’utwo
28 Ruheshi 2018, 05:02, par Bimenyimana Diomede
7 Mukakaro 2018, 14:54, par Kaneza
Mwoduha amazina twakoresha kuhamagara umukuzi ?? Murakoze
2 Myandagaro 2018, 18:54, par Bambanze
Nakunze Umukobwa Wumutima
5 Myandagaro 2018, 05:38, par itangishaka arcene
Iyonkuru iranryoheye.ndakeneye insiguro yizina ryanje arcene.
23 Myandagaro 2018, 19:13, par Rukundo elias
Ndabashimiye can kuriyonkuru mwaturonderey nimuturonderr nizind tubandany dusom
30 Myandagaro 2018, 18:37, par Irakoz Divin
Nukuri Muduhaye Inkuru Iryoshe Muze Muraturonsa Udukuru Nkutwo
9 Nyakanga 2018, 16:43, par Zébédé Hitiyambere
Nukur Nivyiz Kuduh Inkurunkiz Kand Birahimbay Iyukunz Uwagushimye Naw Ok
29 Nyakanga 2018, 16:23, par Niyonkuru Deodath
Andika hano Nagomb Mubwir Umunt Ingene Yomeny Umukunz Wiw Ko Amukunda
19 Gitugutu 2018, 22:56, par Ndayikeza calixte
jew nagira ndababaze ubona ko agukunda gute?
4 Munyonyo 2018, 13:06, par GORDIEN
Andika hano Jewe Narinarabuze Ukuntu Novuga Ayomajambo None Bisaba Imisi Ingahe?