Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburyo umusore yokwiyegereza umukobwa yashimye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urukundo > Uburyo umusore yokwiyegereza umukobwa yashimye

Uburyo umusore yokwiyegereza umukobwa yashimye

mercredi 13 Ntwarante 2013

Akenshi usanga abasore batari bake barondera uwobafasha, ahobamwe bagira bati: "Nakunze umukobwa ariko nabuze ingene nomubona."

Nivyo gose ugomba kuvyitondera kuko ushobora kwankirwa (kurya ipoto) kandi bitari ngombwa ahubwo vyishwe n’uburyo wamubajije (wamupanze) wa mugani waya mvugo y’ubu.

Musore rero, mu gihe wabonye umukobwa ukamukunda ariko we utazi ikimuri kumutima, raba uburyo wo vyitwaramwo:

1.Mwereke ko umwitayeho

Hari uburyo wokwitaho umukobwa bikamukora ku mutima ndetse ukaba wokwigarurira umutima wiwe bitakugoye. Ushobora nkogutangura umuhamagara kenshi umubaza uko yavyutse, uko yiriwe, ku mubaza nimba yariye n’utundi nk’utwo ariko uramenya ntuzomuvugishe umwanya munini kuko vyovamwo kwiyononera inzira.

Kumubwira ko umukumbuye , ko ukumbuye kuganira nawe n’utundi nk’utwo n’ingombwa ngo uzobashe kumenya ibiri mu mutima wiwe ariko ukirinda kumubwira ibijanye n’urukundo ngo ahave akwankira(kuguha i poto) .

2. Kumwereka ko ari uw’agaciro imbere yawe kandi umunezererewe.

Nimba ubonye amahirwe yokuba uri kumwe nawe, mwereke gose ko umunezererewe kandi utifuza yuko mwotandukana. Nimba muri kumwe kandi uhere aho umubwira tumwe mu tuntu turyoshe canke tunatwenza , nk’udukuru canke film(ireresi) waretse gurtyo nawe azotangura aguhamagara atangura agukumbura anakwiyumvira hose cane .

3.Irinde kubishuhira cane

Aha benshi mu basore bananirirwa iyo batavyitondeye. Burya umusore ashobora guhura n’umukobwa akumva yorara amuhishuriye ko yamukunze. Ku bakobwa rero bo siko biri cane,kuko we aza kuguhishurira ko agukunda ari uko amaze kukwiyumvamwo cane .

Gushuha rero no kukubwira ko agukumbuye, ni yaguhamagara akagusaba komubonana canke ikindi, ntuzoce wibwira ko vyakunze. Ntuzotinyuke kumwita utuzina nka sweety, chérie, honey n’utundi, ahubwo ugomba kugenda buhoro buhoro mugani wawa muririmvyi.

4.Gerageza kwihangana no kwitwararika

Nimba muhanye gahunda agateba canke se akanayica, mwereke ko bitagushimishije ariko wirinde kumwereka uburakari. Wewe ariko nimba uzi komufitaniye gahunda, gerageza uyubahirize mbere akubone nk’umusore afise intumbero.

5.Mwiyereke uko uri, ntiwishire hejuru

Ibi bikunda gukorwa n’abasore batari bake, ugasanga niba ahuye n’umukobwa yakunze ico ashize imbere ni ukumusohokana no kumuha impano zirengeje . Ntiwigore! kuko ukeneye umukobwa w’umutima afise urukundo ntakeneye ivyo, ahubwo akeneye kukubona uko uri, ukanamuha utuntu twiyoroheje cane.

Bene uwo akeneye ivyo hejuru nyene ni bamwe bita abakunzi b’ibintu(materialiste) kandi uze ubagendere kure.

Ibi vyose niwavyitondera ukavyubahiriza, ntakibuza bizokunda kandi ndabikwijeje.Nyuma y’igihe runaka uzoja kubona ubone wa mukobwa niwe ariko arakwiyerekera ko agukunda anabikubwira mu bimenyetso bigaragara, nyuma ubone guserura akari k’umutima!


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.