IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubuserukizi bwa Leta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi bwinjiye icese (...)

Ubuserukizi bwa Leta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi bwinjiye icese inyubakwa zabwo

mardi 21 Rusama 2013

Ubuserukizi bwa Leta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi bwinjiye icese inyubakwa zabwo nshasha kuri uyu wa kabiri i Bujumbura, inyubakwa yatwaye amafaranga y’amadolare y’abanyamerika angana imiliyoni ijana na mirongo itatu na zitatu.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru mu gatondo ko kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 21 Rusama 2013, akanya gato imbere y’uko ibirori bitangura, uwuserukira Leta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi yamenyesheje ko ubwo buserukizi atari ikimenyetso c’ubucuti bw’imyaka mirongo itanu hagati ya Amerika n’Uburundi gusa ariko kandi n’akunguko k’Uburundi ku kibanza burimwo mu karere k’ibiyaga binini ndetse no muri Afrika y’ubuseruko.

Uwuserukira Leta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi yagize ico avuga kw’itegeko rigenga abamenyeshamakuru riheruka gutorwa n’Inama nkenguzamateka na nshingamateka.

Umupfasoni Dawn Liberi yamenyesheje ko yaganiriye na Leta ku makenga afise kuri iryo tegeko arongera kandi ashikiriza ati: "N’igisata ca Leta zunze ubumwe za Amerika cararungikiye ikete Leta y’uburundi kuri ico kibazo."


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.