IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubuserukizi bwa Tanzaniya burabeshuza ibivugwa ko bushigikiye ikiringo ca (...)

Ubuserukizi bwa Tanzaniya burabeshuza ibivugwa ko bushigikiye ikiringo ca gatatu ca Nkurunziza

vendredi 5 Kigarama 2014

Ubuserukizi bw’igihugu ca Tanzaniya mu Burundi burabeshuza inkuru zivugwa ko bimwe mu bihugu vya Afrika y’ubuseruko harimwo na Tanzaniya vyoba vyaramaze kwerekana aho bihagaze ku bijanye n’amatora y’abarundi ategekanijwe mu mwaka w’2015. Ubwo buserukizi bwa Tanzaniya mu Burundi buvuga ko ibibazo vyose bijanye n’amatora yo mu mwaka w’2015 vega abarundi bonyene ubwabo.

Mu ndwi iheze, haravuzwe amakuru yatanzwe n’ikinyamakuru The East African, ko bamwe mu baserukira ibihugu vyabo mu Burundi nka Tanzaniya, Uganda na Kenya, bamenyesheje ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ashobora gusubira kwitoza ku ncuro ya gatatu. Ayo makuru ya The East African yavuga ko Ken Vitisia aserukira igihugu ca Kenya mu Burundi, yemeje ko Petero Nkurunziza yokwitoza kuyobora Uburundi ku ncuro ya gatatu, kuko atazoba arenze ibwirizwa nshingiro canke amasezerano y’i Arusha yateweko umukono mu mwaka w’2000. Nk’uko ico kinyamakuru cabandanije kibivuga, n’abaserukira ibihugu vy’Ubuganda na Tanzaniya mu Burundi aribo Matayo Kyaligonza na James Nzagi, baremeje ko ata ngorane ziri muvya poritike mu Burundi imbere y’amatora yo mu mwaka w’2015.

Mw’itangazo basohoye kuri uwu wa kane, ubuserukizi bwa Tanzaniya mu Burundi bwamenyesheje ko bwaguye mu gahundwe bwumvise izo nkuru, kandi atawigeze abuvugisha kugira butange inkuru y’ukuri, yaba umumenyeshamakuru wa The East African, canke abandi bamenyeshamakuru bo mu Burundi bashikirije iyo nkuru. Muri ubwo buserukizi bemeza ko abaserukira mu Burundi ibihugu vya Tanzaniya, Kenya na Uganda mu Burundi batigeze baja hamwe kugira berekane aho ibihugu vyabo bihagaze ku bijanye n’amatora, n’ibindi bibazo vya poritike mu Burundi.

Muri ubwo buserukizi bati : "Ibibazo vyose bijanye n’amatora mu Burundi yo mu mwaka w’2015, n’ibindi, vyega abarundi bonyene ubwabo. Igihugu ca Tanzaniya ntikirota kivogera ikindi gihugu mu ntwaro yaco yo hagati."


Egide Nduwimana

Messages

  • Tanzaniya yateye imbere mubyintwaro rusange ubwo rero ntabwo yashigikira ikiringo cya gatatu cy umukuru w igihugu kuko yamaze kurambirwa n impunzi z abarundi zihungirayo .ese ntawundi yatwara u burundi ?igihugu ntigipfakara ntawavukiye gutegeka nareke nabandi batware.

  • nkurunziwa nagumpekuvora kuko abanyagihugu bamaze kumutora rimwegusa kuvyukuri na,urongozi tworonka akunda abanyagihugu atariwe kuko haje uhundi yotomba gusumba

  • RWARAKABIJE URANSHISHA UNANIWE NIVYIWANYU IVYOMUBURUNDI NUBIREKE

  • Benjamin ndavye icuyumviro cawe niciza ariko.ndabons umengo ntuzi ikintu bita ibwirizwa nshingiro kugihugu.ntubivuga ko umintu akoreyr neza abo atwara csnkr agateza imbere igihugu acs arenga amategeko.niba nawe utoba yarakuvunguriye ukabs uri.muri babandi baduza amagorofa bahembwa 300.000 fbu ku kwezi,ndazi biragoye ntawuvugana indya mukanwa.ariko umugabo w indysmunyuatari umukungu aratumbereza.mbe ko mumshangasanga hari aba president.bakoze ibitangaza Kandi bakundwa n abanyagihugu ko badaca bumira kubutegetsi?Abafise ivyiyumviro nkivyo nobita BA mpemuke ndamuke Kandi ntibizigera biteza ibere igihugu .ikindi mwomenya Nkurunziza si cndd_fdd ,Kandi si uburundi,ni imintu nkabandi.abarundi twatoye ngo as dutware ikiringo.kizwi giheze arabisa abandi basangiye umugambwe bakitoza.

  • Abashaka kumenyako Nkurunziza yemerewe kuzokwitoza mukarinda kujakugiraba Tanzania murintamenya, jewe nagira mubamujakubaza abazi amategeko yuburundi bakabakwira uwuzokwitozawese ivyategerezwa kwisunga? Abarundibamwe birase barananiranyepeeee! barabaye nkabamwebasabiriza kumabarabara canke ba mayibobo basaba uwobabonyewese! umvanamwe barundibenewacu bagirabaracabona umuntu atanazi amategeko yigihugu cacu bakamubazango Nkurunziza aremerewe kuzokwitoza? Babona umuzungu bakamubazango Nkurunziza azokwitoza? Bibonera uwuserukira igihuguciwengo ubona Nkurunziza yemerewe kuzokwitoza? Babona umukoziwimana yiviriye muzindisi bakamubazango Nkurunziza azokwitoza? Rekajewe ndabifashirize kugirandebeko ubwobuwinini mugumamwerekana mumakungu bubavemwo, Genda musabe igitabo cibwirizwashingiro ryuburundi mugizome mazekibafashe kumenya ukuri kukobibonekana konuwobabwira ibidahuye nibwirizwashigiro ryigihugucanyu mwohavamwemera ivyavuze kubera gukomeza kujakuronderera inyishu ahozitari, ndababwizukuri namwasoma amategeko ukwavuga nacanecane kubitoza bizobafasha mazemugusoma muzohere kukagingo ka 300 mudugahejuru ndaziko mutazoshika kukagingo ka 400 matararonka inyishu itomoye Ko Nkurunziza yemerewe kuzokwitora canke atavyemerewe.

  • jewe ndibazako dupfa ubusa kukwitoza kwa nkuru.barundi barundikazi? namba mudafise aho muhengamiye, ubu mumugambwe wa cndd fdd warabuze uyundi yorongora abarundi atari nkuru konzi bafise incabwenge zitagira igitigiri, bibonekako kumugambwe wa cndd fdd ufise akagwi kawifatiye mugahanga.bagumya banga nimba mukunda igihugu hagurukira rimwe twikureko ako kagwi tubashe gushikana igihugu cacu kwisonga ryiterambere.mukomere twoye kunigwa nijambo , ndazi ko benshi babibona bikabananira gutangura kubera ubwoba.igihugu kiba kigeze kure iyataba ako kagwi.ndababaze ivyo ako kagwi katakoze mumyaka cumi ubu kazoshika kuki?uturorero

    *umuyagankuba
    *amakori aduzwa kumwanya kumwanya
    ,*ubu ibitoro kwisoko mpuza makungu ibiciro vyarakorotse , ntibiyumvire nubukene abarundi bafise ngobabi manure .
    *ihohoterwa ryakiremwa muntu
    *ubutungane bubi
    #ivyo nibikuru vyubaka igihugu none bavyigije kure yabo, Imana nitabare igihugu kare kuko kigeze ahumwansi ashaka.

  • Petero nkurunziza nave kumutunda abandi birarize.non mwarapererej mubona ko ariw ashoboy gutwar igihugu wenyen? nakare ijambo ryama mukanwa rigacika urukonda.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.