IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abashikiranganji babiri ba Reta imwe ntibabona kumwe ikibazo c’umutekano mu (...)

Abashikiranganji babiri ba Reta imwe ntibabona kumwe ikibazo c’umutekano mu Burundi

mardi 4 Munyonyo 2014

Ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu bumenyesha ko bwaneguye ivyashikirijwe n’abaserukira Reta zunze ubumwe za Amerika n’Ububirigi, aho babujije abanyagihugu babo baba mu Burundi kwegera ibibanza bimwe bimwe ku mvo z’umutekano ushobora guhungabana. Ubwo bushikiranganji bwizeza abanyamahanga baba mu Burundi ko umutekano wifashe neza, kandi ko n’inzego z’umutekano ziteguriye kurwanya aboshaka kuwuhungabanya.

N’aho umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana yemeje kuri uwu wa mbere ko hari imigwi yiterabwoba imaze kwinjira mu Burundi, akavuga ko n’ibikorwa vyo kwitegurira gutera bimaze gutangura mu ntara zimwe zimwe nka Kayanza, ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu siko bubibona. Haraboneka rero ukuvuguruzanya hagati y’abo bashikiranganji babiri bo muri Reta imwe, kuri ico kibazo kimwe c’umutekano w’igihugu bivugwa ko ushobora guhungabana.

Mu nama yagiranye naba buramatari hamwe n’abaserukira amadini mu Burundi, Edouard NDUWIMANA, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yaremeje ko hari ibimenyetso vyerekana ko imirwi y’iterabwoba yamaze kwinjira mu Burundi, kandi ko ishobora gutera igihugu c’Uburundi. Uwo mushikiranganji yamenyesheje ko bamwe mu bakorana n’iyo mirwi bamaze gufatwa nko mu ntara ya Kayanza, aca aboneraho n’akaryo ko gusaba abarongoye intwaro n’amashengero kugabisha abakirisu barongoye.

JPEG - 36.6 ko
Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu

Mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu ntibabona kumwe ico kibazo n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu. Mw’itangazo basohoye kuri uwu wa kabiri, ubwo bushikiranganji buvuga ko imvugo y’ubuserukizi bwa Amerika n’Ububirigi mu Burundi ari ndenzarugero, bakemeza ko umutekano ukwiye muri rusangi, ko naho vyoshika hakagira abashaka kuwuhungabanya, abajejwe umutekano biteguriye kubarwanya. Muri ubwo bushikiranganji bakavuga ko ivyashikirijwe n’ubuserukizi bwa Reta zunze ubumwe za Amerika n’Ububirigi mu Burundi bituma Uburundi buhabwa isanamu mbi, n’abarwizatunga hamwe n’ingenzi bagaca batinya kuzana imitahe yabo mu Burundi.

JPEG - 37.7 ko
Laurent Kavakure, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu

Tubibutse ko Ababirigi baba mu Burundi basabwe n’ubuserukizi bwabo kwirinda kuja mu makomine amwe amwe y’igisagara ca Bujumbura, ayo nayo ni nka Kanyosha, Musaga, Kamenge, Cibitoke na Ngagara . Ingenzi zivuye mu Bubirigi zije kugendera Uburundi nazo zasabwe kudatumbera ahari ishamba cimeza rya Rukoko. Ubwo buserukizi bw’Ububirigi mu Burundi busaba kandi Ababirigi baba mu Burundi kutazokwegera ahashobora kubera umwanya uwariwo wose imyiyerekano ya poritike i Bujumbura, kuko kubw’ubwo buserukizi, igiporisi c’Uburundi ntikivyifatamwo neza, kandi gifise ibikoresho bidakwiye, n’ubutungane ntibwikwije. Muri urwo rwandiko bagize bati : « La police est assez peu disciplinée, mal équipée et peu efficace. La justice est déficiente. ». Ababirigi baba mu Burundi basabwe kandi kuhagabira iyo bafashe ingendo zo hagati mu gihugu, kuko ibirwanisho ari vyinshi mu banyagihugu, hamwe n’ubwicanyi bw’abitwaje ibirwanisho bwabaye umurengera.

Ku ruhande rw’ubuserukizi bwa Reta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi, Abanyamerika baba mu Burundi babwiwe ko hari imirwi y’abitwaje ibirwanisho yiyerereza mu Burundi, ibirwanisho vyibonekeza mu banyagihugu, abahoze ku rugamba bakora ubwicanyi canke bagahohotera abo badasangiye ivyiyumviro vya poritike, hamwe n’ibitero vy’iterabwoba bishobora gukorwa na Al Shabab mu Burundi. Ubwo buserukizi bwasavye Abanyamerika baba mu Burundi ko bokwirinda ingendo zidakenewe mu Burundi (les voyages non essentiels au Burundi). Ubwo buserukizi bwa Reta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi bwagarutse kandi ku mirwi y’abitwaje ibirwanisho itegera imiduga ku mabarabara asohoka igisagara ca Bujumbura, bagasaba Abanyamerika baba mu Burundi kwama bakurikirana ku munsi ku munsi amakuru atangwa n’ibinyamakuru bikorera mu Burundi, imbere y’ugufata ingendo.


Egide Nduwimana

Messages

  • None tuzohungirahe baga ko amashamba yashushe.

  • Nibaza ko KAVAKURE yarakwiye gusubirizwa na KAVAHAFI kuko unamuravyen’umukongomani yaje atwiraramwo murazi ko n’ikirundi akizi buhoron’ivy’uburundi sinzi uko yobica ikanda!!!Arabaza Nduwimana (Umurundi araba ivy’iburundi iwabo) amubwire imvaho y’akari mu gihugu nayoKAVAKURE abazweayiwabo kure yaje ava!!

  • ewe gihugu cacu warabuze abashingantahe, nukuri ugeze kure .

  • amenyo ni amabuye. Burundi ,somalia, haiti, afaghanistan,syria,iraq ibi bihugu biraje ishinga amakungu. Intambara,kuryana kw’amako, ubukene bwatse indaro hamwe n’inzara iriko isongera isibe muri ibi bihugu.

  • Reta yuburundi wsraretse igiturire kirashinga imizi musasira ngo nukwikanda ishamba ejo kiratuma muta igihugu musubire I Mutabira,inda zozobarya.ntubona ko inzego zose zamunzwe na rushwa abo bihevyi baje bazofumbatisha abo bita ngo bazejwe umutekano badabagire.hose atacamira Kandi Ga ngo aka dollar ngo Bari nako .isinge ivyo biturire basha ,muzokigwara umuvuro ndababwiye.ama dossiers azobarwako nivyo mutakoze bizobagira,gugune mucire agati muryinyo.

  • kavakule ni burundais ou congolais? quel visage mon Dieu

  • bihwez neza urabona ko badategerezwa guhuza kuko ubona aho uzosanga objectif zo kuba muri reta atari zimwe! mbega bakunda iGihugu canke inyungu zabo?

  • PATRICK. IMANA GUSA NIYO TWOHANGA AMASO NTAMUNTU AZOZA KUYATANGA .TUYAGE GATO MBE TWOTSINDWA TWOJAHE,tanzania nayone yararushe kuguma iduha ubuhungiro

  • I am asher. my email: [email protected] variety of medical equipments like blood pressure monitor ,fetal monitors, patient monitor , pulse oximeter , fetal doppler , digital non-contact thermometer and so on are offered by our manufactory in China. We can improve your competitive. www.jumper-medical.com. mob/wechat/whatsapp: 86-13751064203 —Automatic Robot ads (come to: www.coolexperiment.cn)

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.