IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ivyashikirijwe na Pacifique NININAHAZWE muri KABIZI ntibivugwa (...)

Ivyashikirijwe na Pacifique NININAHAZWE muri KABIZI ntibivugwa kumwe

jeudi 18 Kigarama 2014

Ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu burabeshuza ivyashikirijwe na Pacifique Nininahazwe muri KABIZI, ko igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika camaze kumenyesha ko kidashigikiye ukwitoza kwa Petero Nkurunziza mu kiringo ca gatatu.

Mw’itangazo basohoye kuri uwu wa kane, ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu bumenyesha ko bwatangajwe n’ivyashikirijwe na Pacifique Nininahazwe, mu kiganiro KABIZI co kuri uwu wa kane, aho yashikirije ko Peter FRIEDRICH, umushikiranganji w’imigenderanire ya buraya n’ayandi makungu, mu nama yabereye i Stuttgart ku genekerezo rya 9 Kigarama 2014, yamenyesheje ko igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika camaze kumenyesha ko kidashigikiye ukwitoza kwa Petero Nkurunziza mu kiringo ca gatatu, kandi ko abatarerekana aho bahagaze ari ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya, igihugu c’Ubufaransa hamwe n’igihugu c’Ubudagi.

Ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu bumenyesha ko uwuserukira Uburundi mu Budagi nawe yari muri iyo nama, akaba atavyumvise, muri ubwo bushikiranganji bakavuga ko ivyo Pacifique Nininahazwe wa FOCODE yavuze muri KABIZI arivyo ahubwo yasavye muri iyo nama, ko yipfuza ko ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya hamwe n’ibihugu vy’Ubudagi n’Ubufaransa, vyokwerekana aho bihagaze ku kwitoza kwa Petero Nkurunziza mu 2015, mu kiringo ca gatatu.

Ubwo bushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu bugasaba Pacifique Nininahazwe arongoye FOCODE ko yosaba imbabazi igihugu c’ubudagi hamwe n’umushikiranganji Peter FRIEDRICH.


IGIHE

Messages

  • Navuge ivyo yishakiye ni i Burundi!!!!

  • Uwomuntu Pacifique, ahobizomutera kuwamazi ivyogusenyura leta yu Burundi azogirikibazo gikomeye mubuzimabwiwe nomumibereho yiwe.

  • Ivyomuburundi bwacu nikuvyitondera, mumwanya twabonye iyinkuru yanditswe maze umuntutwarikumwe acaravugango: Uyumugabo Pacifique arankabahutu kugezanaho nuwomubwokobwiwe akundanye nabahutu acamubona nkumuhemu atingira murabona Ko atabihisha, nukworero uwomuntu yaciyambwirati: Jewenanje nubwondabizi kwari mumurwi wabatutsi baka abahutu iyobavabakagera atindaheza nkamushigikira kugira turebeko iyintwaro yaba DD yotuvako ngubonako arinayo yashize imbere ivyogukorana nabobatutsi ngonibayikomeshe. Nanjendaheza ndamubwiranti: Yaba abatutsi bameze nka Pacifique nabahutu bafisibitekerezo nkawe bizobagora izo politike zokwanka abomudahuje ubwoko zizotuma mudashika kucomwifuza, acarambwirango nonewewe urashigikiye politike ya DD yogukorana nabatutsi? Nanjenti nezacane atinejobundi ntuzotangare niwabona bariko baramorana nuwo Pasifike, uwomuntu yaciyagenda abanjekumbwirango’ twebwe ababutu tuzorindadupfa atacotwigejejeko, nasigayemvugayagiye ngo u Burundi buracafise abagifise amacakubiri mumokoyose!.

  • Yaaaa impogogo yagiye kunywa amazi kuruzi ataravye neza iheje isanga iravye haruguru isanga intambwe iriko inywa amazi !umuce urayica iti nabugize??intambwe iti urabona ingene untobera amazi?obama keshi yagiraniye inama nabayobora africa ntakindi atangurirako kubabwira????francois holland munama yomiri senegal niryojambo yataguriyeko ???kandi kabizi pacifique sigutyo yabivuze uko mwanditse umushikiragaji yavuze,nikindi bashaka kushikako nibAkivuge batarize kuvuga ko yabeshe.turarindiriye ejo ico nkurunziza atagaza wenyene?ahasihaye twifatanire mumashati ntawokwemera ko mubanya mudedereza abantu imisiyose !!!nkuko umega igihugu mwarakiguze?(Karabona namaza?) Tuzompfuma dupfa nka Mbasha

  • NONE SNR YACU IRIHE?IRI MWIKONJE BASI TUBIMENYE?DUSABE PRESIDENT BASI AYIHE GWEMBE NIBAZA KO WEWE ACIBUKA GUCIMITWE.JE KWELI NANKA KUBESHA AKO KAGABO ICOKAMPA NEZA UKO NDAVYIYUMVIRA NOKADYA UMUTIMA ARI MUBISI.ARIKO NSUBIYE KWIBUTSA PESIDENT SNR KUGIHUGU NO KUNTARA ZOSE ASHIREHO ABAGISHOBORA KUNIGA BAKAZIMANGANYA NIVYEMEZO KANDI BARIHO BARUZUYE NIBAHAGARIKE AKO KABOREGWE KWAMAHE BABANZE BAZE DUKORE

  • @nuwera wesha reka kuguma uhindagura amazina?nayo ivyo uriko uravuga ntamuntu numwe mwabonanye haaaahii nivyo wewe wiyumvira mumutwe nabakutumye ?kugira mucafuze pacifique .nayo kwibaza ko wewe ushobora kuhenda abahutu urikigugu peee wewe niba ubona ingorane arizibwoko !!???ingorane nubugugu bwaba DD nukukunda indA ,nukufakunda igihugu ,kwiba ,kwica etc izonizo gorane Kaburungu nuwera

  • @sisi yaaaa ndabonye ko agashavu koshobuja wawe adolph kakumaze!!!!!!!!!hiiiii koyagiye ??uti nomurya umutima harya ukiriko uradida utarononekara !!!!urantwegeje baza wirabe wewenye aho kabisa atamuntu arinyuma yawe wewe na pacifique uwobashira muzu imwe urabona ko ari wewe wosohoka????!!

  • None Ubushikiranganji bwa Kavakure bwabaye porte parole wa Peter Friedrich na reta y’Ubudagi? Ko umenga mwateye umutwe?
    Abo nabo bacibaza ko SNR hari uwo igitera ubwoba ntibaba kuri iyi planete.
    Hirya yejo aba FNL bagize demonstration de force Nduwimana arajugumira. Niyo societe civile twaja mwibarabara, kirya gipolisi canyu kikaturasa tuzokwivugana kuko natwebwe turazi kurasa.

  • Uwo mugabo wumvirije ivyo avuga urabonako yanka cyane intwaro ya Nkurunziza kuriwe nta ciza Iyo ntwaro igira ni umunyepolitike so muri opposition 100%.

  • Uyumuntu ngoni Nwari arafize ingorane kandisahakwiyi site tuzibonagusa kwazifise nahabaye numuntu abobamenyanyebose bamabamucishijemwo ijisho, hanyuma wewe Nwari ndashaka kukubwirako abakuzi biyo DD bose banditsengaha ntakibuza usangadusa uvuzerero ngondahindaguramazina ntangorane iwanje ndabibonamwo ariko ukazoramuka uvuzengo nitwatwa Nwari sindakubesha tuzobipfa sinokubesha.

  • jewe ngitanguye kwumva Pacifique narabona ko afise ivyiyumviro bitomoye. None yaciye agira umunoho w’ubutegetsi atewe n’abaamuhenda ko kuja mw’ibarabara ugakura dd bishoboka. Araraba neza ko yoba akunda abanyagihugu koko kuko nta kuntu yosaba ko infashanyo zihagarara ku barundi agaca asaba abarundi kuja mwibarabara; atwita ibijuju, azohinyuka uwo mututsi avyarwa n’umutwakazi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.