IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubushikiranganji bwo gufatana mu nda n’ikigo UNFPA bagarukiye ku banyagihugu (...)

Ubushikiranganji bwo gufatana mu nda n’ikigo UNFPA bagarukiye ku banyagihugu bo mu Kamenge

lundi 6 Rusama 2013

Inyuma y’imvura y’isegenya yaguye mu gisagara ca Bujumbura igasenyura inzu nyinshi, umushikiranganji wo gufatana mu nda ari kumwe n’uwuserukira ikigo mpuzamakungu kijejwe irwirirana ry’abantu, UNFPA bagarukiye ku banyagihugu bo muri komine Kamenge, kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 06 Rusama 2013, imwe muma komine yahuye n’iyo mpanuka yahitanye mbere n’ umwana.

JPEG - 43.3 ko

Musitanteri wa komine Kamenge, Daniel Baseka, abifashijwemwo n’abo basangiye uburongozi baratorokanije urutonde rw’imiryango yasinzikaye kuruta iyindi igera ku jana na mirongo itanu n’umunani, ari nayo yashoboye kuronswa imfashanyo igizwe n’ibiro mirongo ibiri na bitanu vy’umuceri, ikibido, igitenge, isafuriya, n’amasabuni.

Umushikiranganji wo gufatana mu nda, umupfasoni Clotilde Niragira yamenyesheje ko mu migambi ya Leta, biyemeje kwama hafi y’abanyagihugu na cane cane mu bihe vy’amakuba, babifashijwemwo n’ikigo mpuzamakungu kijejwe irwirirana ry’abantu UNFPA kidahengeshanya gufata mu mugongo ubwo bushikiranganji mu migambi y’iterambere ry’abanyagihugu.

JPEG - 48.8 ko
Umushikiranganji wo gufatana mu nda, umupfasoni Clotilde Niragira

Umushikranganji Clotilde Niragira yasavye abanyagihugu kwama bafashanya iyo bahuye n’amakuba, bakitaba ibikorwa vy’iterambere rusangi, mu gusibura imiserege bakarwanya umyuzurira y’amazi.

Mu ntumbero yo gufasha gusanura inzu zasambutse, umushikiranganji wo gufatana mu nda yemereye abanyagihugu ko kw’izina rya Leta ubushikiranganji arongoye buzoterera amabati imiryango izoshobora kuduza impome.

Uwuserukira ikigo mpuzamakungu UNFPA mu Burundi, Ismaïla Mbengue mw’ijambo ryiwe yamenyesheje ko bama hafi ubushikiranganji bwo gufatana mu nda mu migambi yabwo, kwaba ukugarukira ku banyagihugu, canke mu yindi migambi nk’irondoka rijanye n’amagara meza.

JPEG - 47.2 ko
Uwuserukira ikigo mpuzamakungu UNFPA mu Burundi, Ismaïla Mbengue

Kw’izina ry’abanyagihugu baronkejwe iyo mfashanyo, musitanteri wa komine Kamenge, Daniel Baseka yakengurutse iyo mfashanyo ihawe abahuye n’impanuka y’imvura.

JPEG - 47.9 ko
Abanyagihugu bahahwe imfashanyo
JPEG - 48.1 ko
JPEG - 36 ko

Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.