Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubushinwa bwatanze ingabire igizwe n’ibikoresho vy’amatora
Ubushinwa bwatanze ingabire igizwe n’ibikoresho vy’amatora
mercredi 25 Ruhuhuma 2015, par
Igihugu c’Ubushinwa kibicishije ku buserukizi bwaco mu Burundi, catanze ingabire igizwe n’ibikoresho bitanduikanye bizofasha mu kwitegurira amatora Uburundi bwimirije.

Muri ivyo birori vyo gutanga iyo mfashanyo, umukuru w’umurwi CENI Petero Karaveri Ndayicariye akaba yashimye cane iyo ngabire. Iyo mfashanyo igizwe n’ama "groupes électogenes" ane, ibikaye binini 12000, ama "Classeurs" 12500, amarame y’impapuro 1300, imikasi 3000, amakaramu 21000, udupira 20800 n’ibindi bikoresho bitandukanye vyose hamwe bikaba biciye amafaranga agera ku 574.293 vy’amadorari n’ukuvuga ayagera ku 918 688 000 y’amarundi.
Iyo mfashanyo y’igihugu c’Ubushinwa ikaba itanzwe mu ntumbero yo gushigikira Reta y’Uburundi n’umurwi CENI, nk’uko umukuru wa CENI Petero Karaveri Ndayicariye abimenyesha.
Floxella Karire
Messages
25 Ruhuhuma 2015, 12:27, par Celestin
Ivyo banduhenda ngo ubushinwa burafashije Uburundi, tuzohava dusanga bibaye nka ya makaye yo muri Ouganda batubwira ngo ni imfashanyo ariko tukaja gusanga yaguzwe ibitagenda hangiyemwo n’ubunyonyezi bw’abarundi bamwe bamwe.
25 Ruhuhuma 2015, 15:32, par muyaga
izomfashanyo zitagira aho zifatiye mbe ko batazanye udutoroshi dukenewe gusumba ivyo bazanye uburyarya bwararangiye mwabashinwamwe bameze nkinyamanza yereka nyeninka ko iyikunda kurusha nyeneninka iyishitura iyama hafi kugira nyeninka aboneko iyo nyamanza yitwararitse inka yiwe hama ayireke yigumire hafi yayo ariko yoyo ntiyishitura kuko iyikunda iyishitura kuko inyondwe ariyo ndya zayo ntibaduhume amaso ngo nurukundo rwinshi badufiseko ahubwo rirya soko barondera nibaje iwabo barigireyo kuko niwabo abantu barasuma rero turasavye abo bikika mukiza ko iryo soko ari iryabarundi nabarisubize beneryo abarihoramwo mbega iyi reta igizwe nugusahura gusa?ibibazo nkora mutima vyigihugu ntaco bibabwiye?ivyo kugurisha amasoko ubu wibaza ngo nivyo vyihutirwa gose?umuntu ararya ivyo yimbuye agaheba akarya nimbutonamaba bagira bapfe kigira bapfe babimaze kuko abaraho umengo bumvise ko umuhero wisi uzoba nko mumezi atanu ari imbere,umengo nababirigi s,abarundi umengo bafise ahandi bazoja kuba uburundi barabuhevye bagira bagende bariko baranyaraguritsa humura ntavyo muzomara shima nivyo mufise kuko mwaje kubutegetsi atanakimwe bafise
26 Ruhuhuma 2015, 06:13
Ivyo batanga vyo ni vyinshi ! Ngo na vyabiduga bihonyanganda I gipolisi gisigaye gikoresha mu gusuka amazi ashushe n ivyotsi mu banyagihugu ngo nibo babitanze !! Muragabe !! No muri Burkina bari batanze iyo ngabire y uburozi
26 Ruhuhuma 2015, 11:20, par NYARWEDA PIERRE
Ubwo izo mfashanyo abaserukira abarundi bemera kwakira ntizoba arizo zituma ibice bimwe vy’Ubururndi bigurishwa kugira bene gufasha birihe?