Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Ubuzima bw’umugore wa mbere mubi kw’isi bugiye kuvugwa mw’ireresi
Ubuzima bw’umugore wa mbere mubi kw’isi bugiye kuvugwa mw’ireresi
mardi 17 Ntwarante 2015
Ireresi yitwa "A Brave Heart: The Lizzie Velasquez Story" ivuga ubuzima bw’umugore wa mbere mubi kw’isi igiye gusohoka. Iyo reresi izokwerekana ukuntu uwo mugore yagiye arahohoterwa ubuzima, biteye n’ukuntu ari mubi.

Lizzie Velasquez yagiye aravugwa ku mbuga ngurakanabumenyi nk’umugore wa mbere mubi kw’isi, hagiye gusohoka ireresi ivuga ubuzima bwiwe.Uwo mugore afise imyaka 26, aturuka mu gihugu ca Reta zunze ubumwe z’Amerika, akaba arwaye indwara yitwa Atrophie ituma yonda cane, agasa na nabi.

Indwara ya Lizzie ntikunda kwibonekeza kandi ibice bibiri kw’ijana nibo barwaye iyo ndwara.
Inkuru iri mw’ireresi "A Brave Heart: The Lizzie Velasquez Story" ni iy’ubuzima bwa Lizzie, ukuntu yagiye arahohoterwa kuva akiri umwana n’igihe yari umuyabaga.Iyo reresi ikaba yasohotse mu buryo bwo kurwanya ihohoterwa ry’ubuzima bwa kiremwa na cane cane gufasha abantu bahohotewe.
Ku myaka 17 gusa y’amavuko, Lizzie yagiye kubona ku rubuga ngurukana bumenyi You tube bamushizeko nk’umugore wa mbere mubi kw’isi.Si ivyo gusa, aho yiga, abandi banyeshure baguma bamutuka, bamutwenga cane. Mu gihe yari umuyabaga, bama bamwandikiye ubutumwa biciye ku mbuga ngurukana bumenyi bamutuka, bamumbwira ngo niyiturire, abandi ngo niyirase ngo aveho.
Ivyo vyose vyaramubabaje ku mutima Lizzie, mugabo ntivyamuciye inenge ahubwo yaciye yiha umugambi wo kubirwanya, aho yagiye akora ibikorwa vyo guhimiriza abantu mu kurwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu, mbere binatuma amenyekana cane kw’isi.

Lizzie avuga ko yahisemwo kubaho anezerewe no gukora uko ashoboye kugira indwara afise ntibe ikibazo canke ingorane mu buzima bwiwe, mugabo ibe nk’igikomere kizotuma abandanya ubuzima bwiwe kandi ubuzima bwiwe buzofashe abandi bafise ivyo bikomere.
Igenekerezo ry’aho iyo reresi izosohokera ntiramenyekana.

Lorene Nubwabo
Messages
17 Ntwarante 2015, 22:07, par ጨጀመቸዘኸአá‹
JE MBONA ATACO ABAYE
18 Ntwarante 2015, 08:17, par me
si ububi gusa n’agakoko karaho ko mw’ishamba.nn ko abagabo bahora bakunda ivyo basaba,aho barabaza wamuti?
18 Ntwarante 2015, 13:25, par katwa
yooo hewe pas mal vraiment, hari abantu babi benshi cane bamurusha nukuri
18 Ntwarante 2015, 17:32, par rupande
Mb basha bahora bakarongora? Bocisha he kumenga mri rirya butura namagufa gusa? Haaaaah, ngira karacari isugi
18 Ntwarante 2015, 20:17, par Manirakiza Clément
Niyibereho kuko ni ikiremwa c’imana.nta muntu aba mubi
20 Ntwarante 2015, 15:24, par Ntakariyo
Nta bubi afise. Abantu babi bari mu Burundi kandi nibo benshi!
21 Ntwarante 2015, 21:13, par Elie Mpawenayo
emwe mbona atera aba umwana.ntakund yihangane ubwiza n,ububi butangwa n,IMANA.
26 Ntwarante 2015, 08:03, par JACK BAUER
UMENYE KO URUPFU RUHARI NTIWOTWENGA UWUNDI NIMWIZA KUKO UBWIZA BURI KUMUTIMA YEMWE
9 Ndamukiza 2015, 16:35, par ndikumana citrodex
ni bamureke kuko nabo nyene ntaco btnze ku mana kugira ibareme bas neza
9 Ndamukiza 2015, 16:35, par ndikumana citrodex
ni bamureke kuko nabo nyene ntaco btnze ku mana kugira ibareme bas neza
13 Myandagaro 2015, 21:45, par J.Claude Ndihokubwayo
Ntamuntu Aba Mubi Kumana
27 Munyonyo 2015, 20:50, par Ejide
Si Ububi Gusasa Na Sida Nkeka Yoba Irimwo, None Arararya Gahemwe Canke Barya Bamwugaranye Sha Nkuwo Muhuhuriye Mwibarabara Ninkuko Mwoba Muhuye Na Rwuba
3 Ruhuhuma 2016, 09:45, par lucien
nukuri nkabo bararonka abagabo sinziko hari umugabo asa uko namwe nimwitegereze
4 Rusama 2016, 21:25, par ALEXIS
ABADAYIMONIBONIBEZA HAAA!
2 Mukakaro 2016, 22:01, par mathias yamuremye
iyo nisida yatew nimbwa .
28 Munyonyo 2016, 19:45, par Emmanuel
Imana Nimufashe Cane Kuko ararenze
4 Kigarama 2016, 21:26, par Igiraneza
Wihangane Kwisi Niko Bimeze Kandi Nubugombe Bwimana .Twese Nubuntu Twagiriwe Ntawiremye.
2 Nzero 2017, 14:53, par ETIENNE GITI HAKIZIMANA
NIYIHANGANE KUK NAWENYEN SIWE YAVYIGIZE AHUBW UWOGIRA ICO AMUFASHISHA YOMUFASHA KUKO BIRYA,BISHIKIRA BOSE.SIWE YIREMYE!
8 Ndamukiza 2017, 22:07, par Isayi
Iconzico Nikiremwa nkanze Aremwe Mwisusho Y’imana
19 Ndamukiza 2017, 10:07, par Moses Mugenzi
Umuntu wese yaremwe n’IMANA nibareke kumutoteza kubera ukwo ameze kuko ataco bakoze ngo bamere ukwo bari
19 Ndamukiza 2017, 10:50, par Moses Mugenzi
Umuntu mubi n’uwuca kubiri n’amategeko y’IMANA.uwo mukenyezi nimba yubaha ALLAH niyihorere intsinzi inyuma ya buno buzima ni rwiwe.
2 Mukakaro 2017, 20:29, par NDACAYISABA Emile
ndababajwe Cane N’abamutoteza Kandi Nabo Nyene Batazi Uko Baremwe,nibamureke Kuk Twese Tubayeh Kubw’imana.
1er Myandagaro 2017, 23:24, par Patrick nduwayezu
Ntamunt mubi abaho
13 Ruhuhuma 2018, 21:08, par nduwayo ezechiel nyagatovu
kabisa ivyo kwisi ni hatari nakomeze gusenga kuko nawe siwe yavyigize.Abo0nabobamùsekanibagabanyekukonabovyobashikira
30 Ruheshi 2018, 16:26, par Annociatte Ndereyimana.
Ntagutwenga Uwurwaye Womufasha Agakira