IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubwigenge bwo kumenyeshamakuru buguma busubira inyuma mu Burundi

Ubwigenge bwo kumenyeshamakuru buguma busubira inyuma mu Burundi

samedi 2 Ruhuhuma 2013

Ishirahamwe mpuzamakungu ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe Reporters Sans Frontieres niryo ribivuga. U Burundi bwahora mu kibanza c’130, ubu buri mu kibanza c’132. Bwasubiye inyuma ibibanza 2 vyose. Amashirahamwe y’abamenyeshamakuru mu Burundi avuga ko ibintu vyunyuwe n’ifungwa ry’umumenyeshamakuru Hassan Ruvakuki.

Duhereye k’urwegu OPB rujejwe guhanurana no kuraba ko akarangamutima k’abamenyeshamakuru gakurikizwa, ruvuga ko ata gitangaje kirimwo kubona u Burundi busubira inyuma mu vyerekeye ubwigenge bwo kumenyeshamakuru.

Innocent Muhozi arongoye OPB avuga ati ‘’Twari tuvyiteze kanatsinda twari twabivuze kuva kera. Raba namwe, umumenyeshamakuru Hassan Ruvakuki akorera iradiyo Bonesha FM n’iradiyo y’abafaransa RFI aheruka gukatirwa igihano co gufungwa imyaka itatu na sentare isubiramwo imanza y’i Gitega. Sentare ya mbere yari yamuciriye gufungwa ubuzima bwiwe bwose. Igitangaje n’uko uwo mumenyeshamakuru ariko azira gukora umwuga wiwe kuko yahaye ijambo uwari yavuze ko agiye kurwanya Reta y’u Burundi.’’

Innocent Muhozi avuga nyabuna ko ico cegeranyo ca RSF kitavuna u Burundi kuko ngo ubwigenge bwo kumenyeshamakuru buhonyangwa imbona nkubone. Atanga utundi turorero nk’aho abamenyeshamakuru bakunda kuburabuzwa mu kazi kabo, barengutswa mu butungane, abahora babura inkuru kubera bene gautanga amakuru banse kuyatanga, bagirigwa iterabwoba canke bagakubitwa n’abapolisi n’ibindi.

Ikindi kiza cunyura ibintu ni integuro ihindura itegeko ryo kumenyeshamakuru mu Burundi ubu riri mu nama nshingamateka.

Iyo nayo ikaba irimwo utunenge twinshi nk’uko abamenyeshamakuru yega babivuga, akarorero n’igice kivuga ko umumenyeshamakuru ategerezwa kuvuga aho yakuye inkuru mu gihe yobibazwa n’ubutungane kandi atariko vyahora bimeze. Ivyo ngo bifise ingaruka mbi ko ata muntu n’umwe yosubira kubahuka gutanga inkuru kugutinya ko yobizira. Ikindi naco n’uko harimwo ibihano bivuna abamenyeshamakuru.

Muri ico cegeranyo ca RSF, u Burundi bwahora mu kibanza c’130, ubu buri ku kiri mu kibanza c’132. U Burundi bwaje imbere y’ibihugu bikomeye nka Russie, Japon, Chine, na Inde.

Igihugu ca Tanzaniya naconyene carasubiye inyuma, cahora mu kibanza ca 34 ariko ubu kiri mu kibanza ca 70. Icatumye igihugu ca Tanzaniya gisubira inyuma n’abamenyeshamakuru 2 baherutse kwicwa.

Igihugu ca Kenya carateye imbere, cahora mu kibanza ca 84 ariko ubu kiri mu kibanza ca 71. Repubulika iharanira demokarasi ya kongo iri mu kibanza c’142 mu gihe cahora mu kibanza c’145 mu mwaka w’2011.

Igihugu ca Uganda cateye imbere ibibanza 35, kiri mu kibanza c’104, u Rwanda narwo rwavuye mu kibanza c’156 ruja mu kibanza c’161. Igihugu ca Erytree nico canyuma kigira 179, Coree du Nord naco 178, Turkmenstan kigira 177, Syrie kigira 176, Somalie nco 175. Ibihugu vyakozwe ko amatohoza ni 179.

kw’ifoto: Innocent Muhozi, arongoye OPB


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.