IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > UE: Ibiganiro nivyo bizorangiza icuka kibi kiri mu Burundi

UE: Ibiganiro nivyo bizorangiza icuka kibi kiri mu Burundi

lundi 22 Ruheshi 2015

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rimenyesha ko icuka kibi kiri mu Burundi, kizorangizwa n’ibiganiro, hamwe n’ugushira mu ngiro ibisabwa ku Burundi n’inama y’Ubumwe bw’Afrika n’akarere k’Afrika y’Ubuseruko.

Mw’itangazo Ubumwe bwa Buraya bwashize ahagaragara, buvuga ko mu vyapfunditswe mu nama zabaye ku wa 16 Ntwarante, n’uwa 18 Rusama, Ubumwe bwa Buraya bwifatanya n’ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Afrika, ishirahamwe ry’Afrika y’Ubuseruko hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu gusaba ko ibiganiro vyubahiriza amasezerano y’i Arusha hamwe n’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi, arivyo bizofasha mu gutorera inyishu ibibazo vya poritike, mu gutsimbataza amahoro, n’intwaro rusangi ku barundi bose.

Iryo shirahamwe rikibutsa ko rizofasha aberwa n’ibibazo vy’aburundi bose gusubira kuganira ku bibazo vyose bisa n’ibitandukanya impande zibiri zishamiranye. Mu ntumbero yo gutegura amatora meza, ataho ahengamiye, abereye ku mugaragaro kandi akitabwa na bose, Ubumwe bwa Buraya busubiye kwibutsa iyubahirizwa ku mugaragaro ry’ivyasabwe n’Ubumwe bwa Afrika hamwe na EAC, mu ntumbero yo gutegura ayo matora. Ivyo navyo hakaba harimwo kwubahiriza ukwidegemvya kw’abanyeporitike hamwe n’iyubahirizwa ryo gushikiriza iciyumviro.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.