IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > UE isaba umuco ku bitero vyabaye ku makambi ya gisirikare

UE isaba umuco ku bitero vyabaye ku makambi ya gisirikare

lundi 14 Kigarama 2015

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya mu Burundi risaba ko umuco uja ku bitero bikomeye vyabaye ku makambi ya gisirikare,kugira abo vyagira bamenyekane kandi babihanirwe.

Mw’itangazo Federica Mogherini ajejwe imigenderanire mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya yasohoye ari kumwe na Neven Mimica komiseri ajejwe ugufashanya n’amakungu n’iterambere mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya, bamenyesha ko ibibera mu Burundi bisaba icokorwa,bagasaba kandi ibiganiro hagati y’abarundi bihagarikiwe n’Ubuganda bufashijwe n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika.

Muri iryo tangazo,bamenyesha ko ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya bakoranye n’Ubuganda n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika bamaze gutegekanya uburyo bwogufasha gutanguza ibiganiro vyihuta,kandi abarundi bose bategerezwa kwitaba ubutumire mu biganiro.

Bamenyesha ko inama y’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ifise igikorwa gikomeye mu gukinga ko amaraso abandanya guseseka mu Burundi.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Ntakikivamwo Abarundi Barushe

  • Murareba abomwahaye indaro nibibiriko birahekura uburundi nabarundi mugukomanda abaja kwica abarundi nogutera inkambi zagisirikare babicishije mubuhinga ngurukana bumenyi bwaribwobwose bushoboka. Gasopo ku Rwanda irakenewe mutabikoze ntacomvuze nibanga ryibihugu vyomubiyaga binini.

  • None mwebwe mubura Kuja kurnderera amahoro benewanyu Bomuri Syria.none mwebwe nuko m ukunda cane uburundi? Gusuvya ivyo bindi bihugu barundi murarabe neza harivyo ababazungu babonye mu gihugu cuburundi badashaka kuvirira baga....😲

  • None mwebwe mubura Kuja kurnderera amahoro benewanyu Bomuri Syria.none mwebwe nuko m ukunda cane uburundi? Gusuvya ivyo bindi bihugu barundi murarabe neza harivyo ababazungu babonye mu gihugu cuburundi badashaka kuvirira baga....😲

  • Urwanda Niruhanwe Kw’isonga Kuko Abadutera Niyo Bava Kandi N’abanyarwanda Baba Barimwo!UE Nireke Kudusamaza Kuko Nayo Irabazi Kuko Irabashigikiye Mukubaha Imfashanyo Zigenewe Uburundi Bagaca Baziguramwo Inkoho

  • tout n est Que du Deja VU..Ubu abari Arusha nibo bagira basubir mu biganiro birire amafaranga hama bayazane bubak iyindi Quartier Arusha(Kigobe) mga ubu izokwitwa quartier kampala.Mb none urya munyagihugu wo ku Musaga,nyakabiga,ngagara azokunguka iki?Hazorya abari basanzw bafis uburyo bwo guhungu kndi ako kajagari bakumva nk umugani(Pacifique,Nyangoma et consort).None mb ko bahamagariye abantu kuja mwi barabara bo ntibajeyo?!Bitwaza ngo boca babagirira nabi?none nyagupfa nind nyagukira nind?Umugani w abakera ngo aho Inzovu zibiri zigwaniye ubwatsi nibwo bubahonera.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.