Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Uganda: Abari kumwe na AK47 mu bunywero bakekwa kuba aribo bamwishe
Uganda: Abari kumwe na AK47 mu bunywero bakekwa kuba aribo bamwishe
jeudi 19 Ntwarante 2015
Inyuma y’urupfu rw’umuririmvyi Emmanuel Mayanja Hummertone azwi kw’izina rya AK47, abo bari kumwe mu bunywero bariko bafatwa batabwa mw’ibohero ku mvo z’amatohoza. Ivyo bije inyuma yo kuvuga ko yanyereye mu cumba c’ubunywero. Umurwi wa "No Sleep" yahoramwo ushobora gusambuka.
- AK47 n’abo bari kumwe mu "No Sleep"
Amakuru atangwa na bimwe mu bimenyeshamakuru vyo mu Buganda yemezako umuririmvyi AK47 avuka na Pius Pallaso, Chameleone, na Weasel yishwe n’amahiri yakubitiwe mu bunywero bwitwa DEJAVU bw’uwitwa Jeff Kiwanuka. Ayo makuru avuga ko yacikaniye mu bitaro Nsambya hosptal yahavuye apfiramwo kw’igenekerezo rya 16 Ntwarante.
Mu matohoza ariko akorwa n’igipolisi ca Ouganda, abaririmvyi Oscar Diamond na Sheeba Karungi basigaranye na AK47 aho mu bunywero bwa DEJAVU. Ubwo bunywero gushika ubu burugaye. Uwo Sheeba Karungi ari mu bakekwa ko urupfu rwa AK47 yari kumwe n’uwo muhisi mu murwi wa "No Sleep".
- Ubunywero DEJAVU yakubitiwemwo gushika gupfa
Amakuru atangwa n’ikinyamakuru co mu Buganda "The Investigator" avuga ko umurwi "No Sleep" utakaje inkingi ikomeye cane. Narirya wari umurwi uriko uriyubaka cane, bishobora kuba ari n’intango yo gusabuka kwawo.
Imisa yogusezera uwo muririmvyi yabereye mw’ishegero Lweza Catholic Parish Church. Tubibutseko AK47 yaheruka gutangaza ko ari umukristu yuzuye.

- AK47 yaheruka gutanga ko ari umu Kristu yuzuye
- Amwe mu mafoto y’amaziko ya AK47
Cherif Nkeshimana