Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Uganda: Havugwa vyinshi ku rupfu ry’umuririmvyi AK47
Uganda: Havugwa vyinshi ku rupfu ry’umuririmvyi AK47
mardi 17 Ntwarante 2015
Umuririmvyi Emmanuel Mayanja Hummertone batazira AK47 avukana n’umuririmvyi Jose Chameleone, yitavye Imana. Bebe Cool ati : "Ni inkuru y’umubabaro ntari bwumve!".

Amakuru atangwa n’ikinyamakuru dusoma ku murongo wa www.newvison.co.ug, Emmanuel Mayanja Hummertone azwi kw’izina rya AK47 bivugwa ko yanyereye mu cumba c’ubwogero aca atwagwa mu bitaro "Nsambya hosptal" ari naho yapfiriye mw’ijoro ry’uwo wa mbere igenekerezo rya 16 Ntwarante kubera amaraso yaviriye mu mubiri.
Hari ayandi makuru avuga ko uwo muririmvyi yakubitiwe mu kabare (bar) kari ahitwa Kabalagala kitwa DEJAVUhe ku witwa Jeff Kiwanuka yahoze afata mu mugongo abaririmvyi Radio and Weasel bo mu murwi wa Goodlife.

Mwomenya ko uwo muririmvyi asize umugore wiwe yaheruka kuvyara. Ikindi mwomenya n’uko AK47 yavukana n’abaririmvyi Jose Chameleone, Weasel na Pallaso, yakuriye mu muryango w’abaririmvyi wa Gerald Mayanja na Prossy Musoke.
Bamwe mu baririmvyi nka Bebe Cool yanditse kuri Twitter yiwe ati : "Iyo ni nkuru ya mbere mbi numvise. Nabibwiwe na Leon Island yahora amufata mu mugongo ko umuvukanyi wacu AK47 yapfuye."
- AK47 na mukuru we Chameleone


Cherif Nkeshimana
Messages
17 Ntwarante 2015, 13:54, par Salesa V.I.P
Rest In Peace Mayanja
18 Ntwarante 2015, 01:20, par Madina
Ni Inkuru Y’akababaro Cyane Kndi Yapfuye Akiri Muto Imana Imwakire Mu Bayo Mumuryango We Ukomeze Kwihangana
18 Ntwarante 2015, 09:34
nukwihangana ivyo mwisi niko bimeze imana imwakire