Accueil > Amakuru > u Burundi > Ukudahana ivyaha inkwezi y’ihungabana ry’agateka ka zina muntu
Ukudahana ivyaha inkwezi y’ihungabana ry’agateka ka zina muntu
mardi 22 Mukakaro 2014
Ukudahana kuri mu bituma ivyaha na cane cane uguhohotera agateka ka zina muntu biguma vyiyongera, nk’uko vyavugiwe mu nama yabereye mu ntara ya Muyinga.
Mu nama iriko ihuza abanyeporitike, abaserukira amadini, amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike hamwe n’abajejwe umutekano muri iyo ntara, abayitavye bakaba bavuga ko imvo kwari kuraba uko amahoro n’umutekano vyifashe mu ntara yabo. Ariko ukudahana ivyaha kukaba kuri mu bituma uguhohotera agateka ka zina muntu biguma vyiyongera. Ikindi, abanyeporitike bakaba basabwa kureka kugira ibikoresho urwaruka ku bw’inyungu zabo, na rirya ukutihanganiranira ariko guca guheza kukibonekeza hagati y’abanywanyi b’imigambwe itandukanye.
Ku kwezi ku kwezi rero hakaba hokwama haba inama nk’izo kugira udutosi twose dukunda kwibonekeza duhungabanya umutekano, amahoro, intwaro ibereye, gutwarira neza abanyagihugu dutorerwa inyishu hakiri kare, nk’uko abari muri iyo nama babisaba.
Aristide Nizigire