IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ukudahana ivyaha inkwezi y’ihungabana ry’agateka ka zina muntu

Ukudahana ivyaha inkwezi y’ihungabana ry’agateka ka zina muntu

mardi 22 Mukakaro 2014

Ukudahana kuri mu bituma ivyaha na cane cane uguhohotera agateka ka zina muntu biguma vyiyongera, nk’uko vyavugiwe mu nama yabereye mu ntara ya Muyinga.

Mu nama iriko ihuza abanyeporitike, abaserukira amadini, amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike hamwe n’abajejwe umutekano muri iyo ntara, abayitavye bakaba bavuga ko imvo kwari kuraba uko amahoro n’umutekano vyifashe mu ntara yabo. Ariko ukudahana ivyaha kukaba kuri mu bituma uguhohotera agateka ka zina muntu biguma vyiyongera. Ikindi, abanyeporitike bakaba basabwa kureka kugira ibikoresho urwaruka ku bw’inyungu zabo, na rirya ukutihanganiranira ariko guca guheza kukibonekeza hagati y’abanywanyi b’imigambwe itandukanye.

Ku kwezi ku kwezi rero hakaba hokwama haba inama nk’izo kugira udutosi twose dukunda kwibonekeza duhungabanya umutekano, amahoro, intwaro ibereye, gutwarira neza abanyagihugu dutorerwa inyishu hakiri kare, nk’uko abari muri iyo nama babisaba.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.