IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ukutihanganirana mu vya poritike birateye impungenge abatari (...)

Ukutihanganirana mu vya poritike birateye impungenge abatari bake

vendredi 11 Ndamukiza 2014

Abatari bake baratewe impungenge zifatiye ahanini kwiduzwa ry’ibiciro, hamwe n’imico ibandanya itituka, hamwe n’ukutihanganirana mu vya poritike bimaze igihe vyibonekeza.

Umukuru w’umugambi ujejwe kwigisha ugukundisha igihugu (programme d’éducation et de formation patriotique), Thérence Mbonabuca yasavye abitavye urwo ruganda rwateguwe n’uwo mugambi asanzwe arongoye, gushikiriza impungenge n’ubwoba bafise muri kino gihe. Abari muri urwo ruganda bavuga ko batewe ubwoba n’ubusuma , itituka ry’imico, baratinya ko Uburundi bushobora gusubira kurwa mu bwicanyi , ukutihanganirana mu vya poritike, inzara, urwaruka rukoreshwa, hamwe n’amatora ashobora kutaba meza , hamwe n’inyifato ya bamwe mu banyaporitike na bamwe mu giporisi ,ubutunzi bugoyagoya hamwe mbere n’itegurwa ry’ihonyabwoko rimaze iminsi rivugwa.

Icegeranyo kijanye n’izo mpungenge zose bafise kizoca gishikirizwa umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza mu ntumbero yo kwirabira ibivugwa n’abarongoye amadini , abarongoye ibinyamakuru bitandukanye hamwe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike. Kuva hugururwa icese uwo mugambi w’ugukundisha abarundi igihugu mu mwaka wa 2013, haratunganijwe ibikorwa bitandukanye bari kumwe n’abaserukira amadini hamwe n’abaserukira amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike. Ivyo bikorwa bikaba bijanye no gukomeza inyigisiho zo gukunda igihugu gukomeza intwaro ibereye, agateka ka zina muntu ,n’ibindi n’ibindi.

Mu ntumbero rero yo gushira mu ngiro uwo mugambi wo gukundisha igihugu birakwiye ko abatari bake boshira inguvu hamwe, aha twovuga abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike ,mu madini hamwe n’ibinyamakuru mu ntumbero yo guteza imbere uburongozi bwiza.

Ubwoba bwose n’impungenge vyagiye bishikirizwa bijanye n’ibihe Uburundi burimwo, mu vyerekeye imibano n’ubutunzi , ivyo vyose bikaba biva ahanini ku mvo z’uko hegereje amatora mu mwaka wa 2015.


Floxella Karire

Messages

  • mbega mw’abagrsera mwe kobababwira kw’ibintu bikwiye guhinduka mukaja muma barabara ntimubona ko bikenewe?Arusha yashinzwe na porona na Frodebu bavuze ko yohinduka muja muma barabara,nimwemere rero vyooooose bigume kurya twarutse tubisanga ko vyateguwe n’intwaro z’Abahima tuzoguma dukorera kumategeko GIHIMA mpaka YEZU agaruke na bado mungali mtaona mengi saaaaana kama kawaida kaeni kimya

  • Aba porona n’aba frodebu bagiye Arusha batega imitego bibaza ngo bazohora ku ngoma.Ubu rero nibemere banywe uwo muti nibo bawashe kandi batekereze bareke kubogoza kuko abo bahima aho batugejeje barahazi nico gituma bama biteze ko babihora .Ariko sico cazanye DD.HANYUMA BAREKE GUHITANISHA ABATUTSI BOSE NGO TURAHONYE KUKO HARIHO ABATUTSI B’INTUNGANE.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.