Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ukwitanga kw’Uburundi mu kugarukana amahoro muri Afrika kurashimwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ukwitanga kw’Uburundi mu kugarukana amahoro muri Afrika kurashimwa

Ukwitanga kw’Uburundi mu kugarukana amahoro muri Afrika kurashimwa

dimanche 22 Nyakanga 2013

Umukuru w’ishirahamwe ry’ubumwe bw’Afrika Dr Nkosazana Dlamini Zuma, arashima ukwitanga kw’igihugu c’Uburundi mu bikorwa vy’ukugarukana amahoro muri Afrika.

Uyo mupfasoni arongoye ishirahamwe ry’ubumwe bw’Afrika, akaba yabivuze igihe Alain –Aimé Nyamitwe yari ajanye amakete amugena muri iryo shirahamwe ry’Ubumwe bw’Afrika.

Umupfasoni Nkosazana akaba yarahaye ikaze Alain -Aimé Nyamitwe mu bikorwa vy’ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Afrika, ndetse aca amuha n’ikaze mu bikorwa vyose biraba ishirahamwe, ndetse no mu vyotuma imirimo yiwe igenda neza muri iryo shirahamwe. Alain-Aimé Nyamitwe akaba nawe yaragaragaje ishaka ry’ugukora kugira ibikorwa vy’ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Afrika bitere imbere.

Twobibutsa ko Alain-Aimé Nyamitwe aroye mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Afrika avuye guserukira Uburundi mw’ishirahamwe rihurikiyemwo ibihugu vyo muri Afrika y’Uburengero. Inyuma yaho, akaba yari asanzwe ari icegera c’uwujejwe ivy’ingendo ku bw’Uburundi i Génève.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.