IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urukundo > Ukwubaha umushingantahe ni kimwe mu vyubaka urugo ruhire

Ukwubaha umushingantahe ni kimwe mu vyubaka urugo ruhire

mardi 30 Mukakaro 2013

Burya ngo mu rugo abakenyezi barasabwa kwubaha abashingantahe babo kugira bagire umubano mwiza. Mbega ni kubera iki batasabwe gukunda abagabo? Amatohoza yakozwe yerekana ko ukuntu baremwe, umugore asanganywe urukundo ariko aho bikunda kumugorera rimwe rimwe ni ku kwubaha no kugamburuka. Hari impanuro nyamukuru ku bakenyezi nk’akarorero kwitwararika ibanga ry’urugo ata gahato, kurwubahiriza.

Hejuru y’ivyo, hari ibimenyetso nyamukuru vyerekana ko umukenyezi yubaha umugabo wiwe.

1. Kwakirana umushingantahe akanyamuneza : abakenyezi twashoboye kuganira bamenyesha ko abagabo benshi basigaye bashima kuguma hanze ntibatahe kare, bakaguma bateramiye mu kabare kuko iyo bashitse mu rugo umenga bashitse mw’ibohero. Iyo umushingantahe atashe umukenyezi amwakiriza insambo, ibibazo vy’urutavanavanako : uvuye he ? wari uri kumwe na nde ? amahera yaheze n’ibindi birarushisha abagabo ku buryo iyo avuye ku kazi ashima kuja guheza amasaha mu bunywero. Kwari kubibutsa ko atari vyiza ko uvanga ingorane wahuye nazo ku kazi, ukaza guta ishavu kubo mu rugo.N’aho hoba hari utugorane ni ngombwa ko umugore yakira umushingantahe wiwe neza. Ivyo ni vyiza kuko niwamureka ntumufate neza, aho hanze hari ibitsitaza vyinshi ntibizobura kumwifatira. Abahinga bavuga ko kumwenyurira umushingantahe bituma aruhuka mu mutima. Kora ibishoboka vyose umushingantahe wawe yumve anezererewe gutaha mu rwiwe kandi anezererewe guhura nawe.

2. Kwigira neza kubw’umugabo wawe : nk’uko twavuga ko aho hanze hari abayererezi barondera gutwara abashingantahe b’abandi, bakenyezi muragabe. Iyo hari utuntu tutagenda neza aho usanga umukenyezi atifata neza, birashoboka ko mu gihe umushingantahe agize intege nke uca usanga atanguye kwirabisha i buryo n’ibubamfu, yirabira abandi bakobwa kumbure bambara canke bisiga neza. Rondera agahuzu gashajije, tora tumwe two kumotesha bisiga, gira isuku rikwiye, hindura ntiwame muri twa duhuzu nyene, namba ukoresha imishatsi hindura ingene usokoza. Hari abakenyezi bashobora kumara umusi wose bambaye impuzu bararana, zimwe bita pyjama, ntibicisheko n’utuzi. Umushingantahe yagiye ku murimo wambaye iyo, yagaruka akagusanga muri yo nyene. Ntibinezera rero ko iyo umugabo avuye ku kazi, yegera nk’umukenyezi agasanga afise akamoto ko mu gikoni.

3. Gutera udukuru dutwenza hamwe no kuvugana urupfasoni n’uburwaneza

Ibindi biryosha umubano wo mu rugo, n’uko uha umwanya umushingantahe wawe, mukicarana mukaganira, mugatwenga mugabo atari guca muguma mwitwengesha ubusa ngo kuko agatwengo nk ‘ako kica umutima.

4. Kumushimira igihe yagukoreye ikintu ciza : gushimira umushingantahe ni ikintu ciza kuko bituma umuha ingoga zo kugukorera ibindi bintu vyiza. Iyo rero wirengagije kumushimira, azohura n’abayererezi bamushima hama ibintu bihindukire.

Izo mpanuro zine ziri muri bimwe mu bituma umushingantahe yumva afise agaciro mu rugo rwanyu.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.