Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Umugabo wa mbere arya indya nyinshi azokwitaba ihiganwa mpuzamakungu
Umugabo wa mbere arya indya nyinshi azokwitaba ihiganwa mpuzamakungu
jeudi 11 Kigarama 2014
Umugabo wa mbere mu kurya indya nyinshi wo mu Rwanda bivugwa ko yiteguriye ihiganwa mpuzamakungu rizomuhuza na Patrick Bertoletti w’umunyamerika. Uwo mugabo indya ariye ntawozikorera ku mutwe.

Azwi kw’izina rya TEMARIRWE Abdalah, asigaye ari igihangange mu mahiganwa mpuzamakungu yo kurya. Mw’ihiganwa ryabaye mu mwaka w’2012 muri Mukakaro, TEMARIRWE yahiganwe n’imisore ibiri Regis Uwamungu na Nsengiyuma Gilbert. Imbere y’uko ihiganwa ritangura, uwo mugabo w’inda ndende yabanje aterura ibidumu bitatu vy’amaritiro 20, kimwe agiteruza amenyo, ahejeje yaciye amiragura amagi 10 mabisi.
Muri iryo higanwa basabwa umwe wese kurya ibiro bitatu vy’inyama (3kilos de viande), ibiro bitatu vy’umuceri (3kilos de riz), amafanta cumi (10 fantas Tonic), imihwi ipima ikilo (1kilo de régimes de banane). Regis Uwangu yatsinzwe kare, hasigara TEMARIRWE na Gilbert. Naho Temarirwe yatsinze muri iryo higanwa siwe yariye vyinshi ariko uwo mugabo yaciye aguma yitaba amahiganwa atandukanye kandi aguma yongerako urugero rw’indya.

Mu mahiganwa yabereye muri Uganda, TEMARIRWE yariye ibiro 17 vy’ubugari bw’ibigori, uwo bahiganywe ntiyarengeje ibiro 7. Ari naho yishimiye cane intsinzi mw’ihiganwa rizomuhuza n’umunyamerika Patrick Bertoletti amaze gutwara ubushimwe bwinshi, ashobora kuba ariwe wa mbere kw’isi mu kurya.
TEMARIRWE afise imyaka 61, afise umugore n’abana batatu.

Raba aha munsi uko ihiganwa ryagenze
Cherif Nkeshimana
Messages
11 Kigarama 2014, 21:10, par Karori
Uyo Mugabo Ni Sawa Kweli.Ariko Rero Ntazoze Araja Muma Restaurant Yotevya Abandi.Gusa Umuntu Yamuhaye Formation,Mbiswa Ma!..
12 Kigarama 2014, 22:49, par kiki
nukuri ndamwemey pe!ndamwifurij intsinzi!komera
17 Kigarama 2014, 17:40, par NYAWENDA ACQUILIN
AHHHHHHHH????? BASHA UWO MUGABO KABISA NUMUHANGA GUFUNGURA INDYA ZINGANA GUTYO?ARIKO KANDI NIVYIZA GUKO BITUMA ACAKORA CANE KUGIRA ARONKE IBIKWIYE COURAGE MUTA UBANDANYE WIGISHA ABANDI UJE NOHANZE Y’IGIHUGU CAWE KUGIRA N’ABANDI BABIMENYE.
21 Ndamukiza 2015, 09:17, par Nsabarugira eloi
Uwo mugabo ateruza idumu amenyo,nukuri ndamukuriye inkofero pepepe!!!komera kumwuga.amahigwe menshi vraiment%%%