IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Umugambi mushasha wa Jay-Z washigikiwe n’ibihagange bitandukanye mu (...)

Umugambi mushasha wa Jay-Z washigikiwe n’ibihagange bitandukanye mu muziki

mardi 31 Ntwarante 2015

Umuririmvyi wo mu mudiho wa Rap, Jay-Z yigiriye inama yo kugira sosiyete yiwe, igiye gukora ubuhinga bwitwa "Streaming".Uwo mugambi wa Jay-Z washigikiwe n’ibihagange bitari bike mu muziki, aho babona ko ari uguteza imbere umuziki wabo n’ibindi basanzwe bikorera.

Jay-Z yaguze ubuhinga bwitwa "Streaming", bujanye no gushira ahabona amavideos n’amajwi n’ibindi, batarinze kubikura ahandi (telechargement) kuri sosiyete Wimp yo mu gihugu ca Norvege ku mafaranga angana n’imiriyoni 56,2 z’amadorari.

Ubwo buhinga "Streaming" busanzwe burungika amavideos n’amajwi, batarinze kubikura ahandi hantu (telechargement) ku rubuga ngurukanabumenyi, Jay-z wewe agiye no kubikorera mu gisata co muziki, mu buryo bwo guteza imbere umuziki kw’isi yose.

Uwo mugambi wa Jay-Z ushigikiwe n’ibihagange bitandukanye muri muziki nka Kanye West, Beyonce, Rihanna, Alicia Keys, Usher, Madonna, Nick Minaj, Calvin Harris, n’abandi.Abo baririmvyi, mbere muri bo bafise imitahe muri iyo sosiyete ya Jay-Z, bavuga ko ubwo buhinga bugiye gutuma ibikorwa vyabo bisohoka bimeze neza (qualite), mu gihe ayandi masosiyete bahora babafata nabi kandi babasaba kurungika gusa ibikorwa baba bakoze ku mbuga ngurukanabumenyi.

Mu buryo bwo gushigikira umugambi wa Jay-z, abo baririmvyi bagiye banavuga ku mbuga zabo sosiyete Tadal ya Jay-Z, basigura n’uburyo igiye guhindura ibintu cane cane mu gisata c’umuziki ugizwe na Streaming.

N’ubwo ubwo buhinga bugiye gukorwa muri sosiyete ya Jay-Z, abantu batari bake bagiye bavuga ko buzimvye kurusha ayandi masosiyete akora ivyo, abaririmvyi bavuga ko igikuru ari uko ibikorwa baba bakoze bisohoka bimeze neza.


Lorene Nubwabo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.