Accueil > Amakuru > u Burundi > Umugambwe CNDD FDD urahoza umuryango wa Nelson Mandela
Umugambwe CNDD FDD urahoza umuryango wa Nelson Mandela
mardi 10 Kigarama 2013
Umugambwe CNDD FDD (Conseil National de Défense de la Démocratie - Force de Défense de la Démocratie) urahoza umuryango wa Nelson Mandela, ukamenyesha ko batazokwibagira uruhara rwa Nelson Mandela mu biganiro vyagarukanye amahoro n’umwumvikano mu Burundi.

Ubuserukizi bw’igihugu ca Afrika y’epfo mu Burundi bwarateguye igitabu abashaka gusezera umuhisi Nelson Mandela bandikamwo ubutumwa bwo kumusabira uburuhukiro bw’amahoro. Umukuru w’umugambwe CNDD FDD, Pascal Nyabenda kuri uno wa kabiri niho yashikiriza ubutumwa bwo guhoza umuryango wa Nelson Mandela n’abanyagihugu bose, amenyesha ko atari ico gihugu conyene kibuze, ahubwo ko n’Uburundi bubuze intwari ya Afrika yafashije mu mugambi w’amahoro mu Burundi.

Mu butumwa yanditse mu gitabu c’iteka cagenewe abashaka guherekeza Nelson Mandela, umukuru w’umugambwe CNDD FDD, Pascal Nyabenda yanditse agira ati : "Kw’izina ry’abagumyabanga bo mu mugambwe CNDD FDD no kw’izina ryanje, ndahojeje abanyagihugu bo muri Afrika y’epfo inyuma y’aho numviye inkuru y’umubabaro y’urupfu rw’umukuru w’igihugu Nelson Mandela. Ntituzigera twibagira ingene yamye aserukira Uburundi mu makungu. Umutima wiwe uruhuke mu mahoro."


Egide Nduwimana
Messages
10 Kigarama 2013, 17:17, par Ikebuke
Nimureke kwimaramaza ivyanyu turabizi yaba mukwirikiza iragiryiwe vyosumvye amashurwe
10 Kigarama 2013, 20:57, par matayo
Mwakoze neza nyakwubahwa President, nyakwigendera yarafashije uBurundi, ivyo mwakoze ndabashigikiye kuko ni signe ya reconnaissance no gukenguruka.
11 Kigarama 2013, 03:39, par Mama
Bagenzi abantubamwe mubarundi basigaye bameze kibikoko umuntu nubwoyoba arumugizi wanabi mugihe uwiwe afuye ntakibuza atararira, ivyondabivuze kubera uwomuntu yiyise Ikebuke yanditse ashinyagurir’aba CNDD FDD ngobariko barimaramaza mugihe barikobifatikanyije numuryango nigihugu vyarivyaribarutse imfura y’Isi yose Nilson Mandela mukababaro barimwo!
CNDD FDD twabashimiye vyimazeyo kugira imuvuze nicomukoze mukwerekana komwifatikanije na Afrika yepfo mukababaro barimwo kuwabo, uwacu yaraye aryamiye yitavye Imana.