Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB u Burundi
Umugambwe CNDD FDD wasavye ivyo ONU isanzwe yaremeye gukora
Yanditswe taliki ya 2-03-2016 - isaha 11:16' na IGIHE

Umugambwe CNDD-FDD umenyesha ko wagumye uvuga ko mu Burundi hari ibinogo vyinshi bihambwemwo abantu benshi kuva kera ariko amakungu akaba atigeze ahaguruka kugira afashe kurondera aho ivyo binogo biri. Uwo mugambwe wasavye ushimitse ko amakungu yofasha kugira ukuri kuje ahabona.

Uwo mugambwe wasavye kandi abantu bose boba bazi ahari ibinogo bihambwemwo abantu benshi kuherekana. Mw’itangazo uwo mugambwe wasohoye kuri uwu wa gatatu, wamenyesheje ko ahoronderwa ivyo binogo ari cane cane mu makaritiye muri uwo mugambwe bavuga ko yabereyemwo imigumuko ariyo Mutakura, Cibitoke, Ngagara, Musaga, Nyakabiga na Jabe.

« Aha ntitwokwibagira abagandaguwe bose mu gihugu igihe Prezida Melchior Ndadaye yicwa bunyamaswa. Eka n’abahoze batwara igihugu c’Uburundi nka Petero Buyoya na Yohani Batisita Bagaza basabwe kubwira Umugwi ujejwe Ukuri no kunywanisha Abarundi CVR ahari ibinogo bihambwemwo abantu benshi kuko kuva Uburundi bwikukira barahazi. »

Muri iryo tangazo ryasomwe na Daniel Gelase NDABIRABE umuvugizi wa CNDD FDD, basavye Petero BUYOYA hamwe na Yohani Batisita BAGAZA bompi bahoze barongoye Uburundi, ko bokwerekana ahahambwe abana b’Umuganwa Rudoviko Rwagasore, Umushikirangoma wa Mbere Petero Ngendandumwe, Umwami Ntare V Charles Ndizeye n’abandi bantu isinzi.

JPEG - 222.4 ko
Daniel Gelase NDABIRABE, umuvugizi w’umugambwe CNDD FDD

Umunsi abahinga b’Ishirahamwe Mpuzamakungu bajejwe gutohoza ivy’agateka ka zina muntu bashika mu Burundi kuwa 29 Ruhuhuma 2016, ikinogo gihambwemwo abantu benshi carabonetse ku Mutakura, cerekanywe n’umwe mu biyemerera ko bahamvye abo bantu. Umugambwe CNDD-FDD umenyesha ko wababajwe cane no kubona hari ikinogo c’imetero 12 cahambwemwo abantu barenga mirongo itatu. Kubwa CNDD FDD, nta kindi ubwo bwicanyi bwari bugamije atari ugusenyura uwo mugambwe n’Ubutegetsi buwukomokako

Umugambwe CNDD FDD wakariye bamwe mu bamenyeshamakuru

Iryo tangazo rya CNDD FDD rivuga ko abahinga ba ONU muvy’Agateka ka zina muntu bategerezwa kumenyesha Abarundi n’Amakungu abamenyeshamakuru mvamakungu bose baje gukorera mu makaritiye muri CNDD FDD bita « ay’abagumutsi kuva muri Rusama 2015 », kuko kubwa CNDD FDD, birumvikana ko abicwa bicwa babona, bagahambwa babona, abamenyeshamakuru bafotora.

Uwo mugambwe uvuga ko wagumye ubibeshuza, uti : « None biragaragaye ko abo bamenyeshamakuru bambika iceyi inzego zijejwe umutekano mu makungu. Mbega abo bamenyeshamakuru mvamakungu ko birigwa muri ayo makaritiye ko bari barabihoze kandi womengo bari babizi ? Ubu rero, ikinogo co ku Mutakura ni icagirizo ku bansi b’Umugambwe CNDD-FDD na Reta yawo. Amarementanya y’ububeshi yose agiye kuja ahabona kandi ababifisemwo uruhara bose mu minsi iheze bavuga ngo bariko baharanira ugukingira Ibwirizwa nshingiro n’Amasezerano ya Arusha bazomenyekana bongere bashengezwe mu butungane. »

Paul KAGAME yasubiriye kwagirizwa

Mu mugambwe uri ku butegetsi mu Burundi bavuga ko ivyaraye bibaye vyerekana ko Paul Kagame umukuru w’igihugu c’Urwanda abifisemwo uruhara, bakamwagiriza ko yahaye imyimenyerezo ya gisirikare impunzi z’Abarundi ziri mu Rwanda.

Umugambwe CNDD-FDD wasavye ko amakungu yofasha kugira ukuri kuje ahabona, mu gihe Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryamenyesheje ko ryipfuza kurungika mu Burundi abahinga bigenga, kugira bafashe ubutegetsi bw’i Bujumbura mu matohoza kuri ivyo binogo vyoba vyahambwemwo abantu barenga ijana mu kivunga, bikavugwa mbere ko hoba hari n’ibinogo kimwe coba kiri mw’ikambi ya gisirikare.

Icegera c’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ajejwe agateka ka zina muntu, Ivan Simonovic, yamenyesheje ko naho umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi yashizeho umurwi w’amatohoza, ko bikenewe ko abahinga ba ONU boshika ahavuzwe ko hari ivyo binogo, bikugururwa, ONU igasaba ko abahinga bayo boba ariho bari, ONU igatanga n’abahinga muvy’ubuvuzi bemewe n’amategeko (Experts médicales légales).

Ivyiyumviro vyanyu

IRYO NIREMENTANYA RYUMUGABWE CNDD MURIBIMWEBIMWE

27.03.2016 à 07:09
NDI BUKURU VIAN

IRYO NIREMENTANYA RYUMUGABWE CNDD MURIBIMWEBIMWE

27.03.2016 à 07:07
NDI BUKURU VIAN

IRYO NIREMENTANYA RYUMUGABWE CNDD MURIBIMWEBIMWE

27.03.2016 à 07:06
NDI BUKURU VIAN

Wewe Didas, ivyuvuze bihuriyehe nivyonavuze !? Ivyokuba ndumurundi canke umunyarwanda nijendabizi wewe ntibikwiye kukuraza bishinga, gusa ya ideology yabamwe murimwebwe abatutsi yokubona umuhutu mukacamubona aruwokugirirwa nkivyomwagiriye abahutu baribahungiye nurwanda iguma ibakurikira iyoningwarambicane uwabenyereye gutungwa nokunwa amaraso ntashaka kwumva uwumubwira atigezaho. Ikindi wabimenyegute kojewe ndumuhutu ? Yewe mutitondeye ivyiburundi bizobasiga kure uwoshaka yokwirinda umututsi, umuhutu, umutwa wi Burundi , abobose mubona ngahomuseka nothing to say now about .......

7.03.2016 à 15:43
None ?

@None : ntabwo wowe uri umurundi uri umunyarwanda wandika ikirundi ushaka kujijisha gusa reka nkwibutse ibintu 3 tuziranyeho :

1. Genocide iyo irangiye abayikoze bahita batangira kuzerera nka bene gahini bashakishwa uruhindu
2. niyo bagize ahandi bahurira ngo biyegeranye baratsindwa (eg : inkambi yamugunga)
3. abayiyoboye imitungo baharaniye kubona basaza bayirebesha amaso kandi ntayo baryaho
NB : komeza ubeshye abo murikumwe batazi iyo bigana ariko wowe urahazi neza kugirango ubone aho uba urahengetse umusaya nkuko satani abeshya abamuri inyuma azineza ko azarimbuka

5.03.2016 à 06:38
didas

@ Nzovu, ivyo nyene nivyonakubwiye nti rekatotosora abandi kandinawe utitosoye canke mumasoyawe harimwo ingiga yigiti. Umva yuba uruyundi ubawahereye ku Igihe.com kikagabanya kuguma kizimera reta yuburundi muburundi murirusangi (gukokeza) ariko twebwe turashimira Igihe.bi kokitazomera ngogikokeze kubwomurwanda bahisemwo kuvyihoza nihaba hariho icowocagiriza cavuze kubijanye nurwanda kivyavyandika conyene ubwaco urazokivuga , ariko Igihe.com mengo cotanguza intambara mu Burundi.

5.03.2016 à 00:50
None ?

Imfashanyo musabisha urwanda ntazo muzabona ahubwo reka muri USA hajyeho umurepiblican naduke mwari mukibona muzatubura bo batanga investment not charity ibihugu nkuburundi rep central bizahita byibagirana muri media nabwo nimugira amahirwe ntimushyirwe muri embargo kuko na EAC ntacyo izaba ikibamariye muzacuruza amandazi numusururu ndabarahiye

4.03.2016 à 23:33
ngabo

Ubwo bibaza kwabantu aribijuju icokinogo kivurwa cimetero cumi nazibiri cahabwemwo abantu beshi kumutakura, kirimpande yi pozisiyo ya basirikare none abo bantu bavurwa na ba DD bacivye abasoda bagiyehe ? abobagihabwemwo bishwe nuwo mugabwe uri kubutegetsi bafatanije ni kisirikare niki porisi. ntivyumvikana koharumuntu yoza kwimba ikinogo nkico impande yi pozisiyo, uwo muvugizi nawe turamenyereye ivugo yiwe ntakuri kuri muriwe hamwe numugabwe wiwe. twarabahinyuye.

4.03.2016 à 23:06
m

@ None

Ntabwo uzigusoma ibyo nanditse ? cyangwa ntushaka kubyumva ? Nabwiye Igihe.bi ko batari abanyamakuru b’umwuga kandi navuze impamvu. Niba bareka wowe NONE ibintu wandika birimo gutukana n ;amagambo yuzuye urwango bakabireka bigatambuka ku nkuru 5 buri munsi kurubuga, urumva bazi icyo bakora ? Cyereka niba igihe.bi aricyo bayishiriyeho( gutambutsa ibitutsi, ivangura moko wowe n’abandi mwirirwa mwandika)
Ubwo baretse iriya message nanditse igatambuka, ubanza batangiye gusobanukirwa.

4.03.2016 à 11:56
nzovu

Ariko abarundi mwamenye neza ibibazo byanyu maze mukanamenya uko mubikemura ndetse mukanifashisha u Rwanda rukabafasha kuko rubarusha uburambe mu gukemura ibibazo, mwigira u Rwanda nyirabayazana w’ibinazo byanyu pe ! njyewe ndi umurundi nakuriye mu Rwanda ,abavyeyi bange ni abarundi pur ntabwo nishimira kumva amakimbirane mu bihugu vyange ( u Rwanda n’u Burundi) mureke dufatanye turi umwe.

4.03.2016 à 11:23
mibambwe

muzopfa muvuga paka u Rwanda ruzasigara aru Rwanda na HE p. kagame arashitsa kubanyagihugu ibikwiye nawe wiyita none ntawe ushobora guhenda kuko twamenye ko uri interahamwe yawe indaro na peter, imyaka 21 iraheze muyerera mu mashamba , uzaza nabi tuzaganira kd nuzaza neza tuzaganira , peter nawe arasabwe kwerekana abantu yishe akiri mwishamba ryikibira kuko byose birazwi.

4.03.2016 à 06:39
turaje

igihe mwahereye mwagiriza urwanda izo mpunzi zabarundi bazimenyereza he ?oh ubwo murashaka ngo precident w’urwanda agire ishavu abirukane mubone abo mwica urwanda ntirukangwa muzehe korera imana gusa niyo izaguhemba

4.03.2016 à 06:26
heé

Ha ! Akataraza Karinyuma Uhoraho Imana Igiye Gushira Ahabona Ivyihishije.

3.03.2016 à 20:50
Simeon

@ Nzovu, urazobanza ukosire baryabamenyeshamakuru biwanyu boku gihe.com bitora bakiyandikira bakokeza kubijanye nuburundi , ndakubaze, urigera ubona ababamenyeshamakuru bandika ibintu vyogukokeza nurwanda ?

3.03.2016 à 18:32
None ?

Muri 95 barishe datawacu. Nubu ntaco twatoye ; hamwe mwotora ibisigarira vyiwe mwobitumenyesha. Yishwe n’umuntu yamuhaye lift ku kinga aca amukatishiriza mugashamba ngo amwicisha ibuye rinini yamukubise mu mutwe.

3.03.2016 à 13:12
ngowenubusa

eka nibihendwa abana nyene.gelase wobaza gute aba president ivyabaye bataribwatware ?canke niterabwoba muriko mubagirako ?imyaka batwaye ntibagikangwa.gusa ndazinabonyene abo bakuru bibihugu ntibera ariko ntibobazwa ivyo mubagiriza bataribwatware.
muncamake mbona kwarigutumutwe

3.03.2016 à 11:49
ndabirabe

@ Igihe.com

Kuki mudatambutsa message zanjye, mukareka izirimo ibitutsi byinshi, amagambo yuzuyemo ivangura amoko, niba nta moral line mugira muri ethics za site yanyu ntacyo muri gufasha abarundi. Muzakore % za message zabo zituka u Rwanda kandi mukazireka zigatambuka. You either do professional journalism or you get out of the business. Ntacyo gusoma site yanyu bimariye abantu.

3.03.2016 à 11:46
nzovu

Ego kabisa Peter Nkurunziza nawe ace yerekana abomwishe guhera muri 1993 !!! N

3.03.2016 à 11:10
Niki

umuntu yiyitwa ernest nakomeye yobaza abantu bafuye 1993 mukamnege nomukinama 72 ntenga marangara biraboneka ko arumwana ubu naho muzza murica abantu

3.03.2016 à 10:12
fdn

MBE aho ndabirabe avugakuryo agovye kutubwira ko umuntu wese yabaye umukuru wigihugu c’uburundi aca angana numwicanyi nibaruko urumvako yihenze yari guhera kurishebuja kuko niwe tubona yasumbije ubwicanyi abamubanjirije kuko ubwicanyi akora ntaho bwaribwigere buba kuva uburundi bwakwitwa uburundi

3.03.2016 à 09:22
ernest
1 | 2

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.