IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umugambwe MSD uriyamiriza ihohoterwa rikorerwa abanywanyi bawo

Umugambwe MSD uriyamiriza ihohoterwa rikorerwa abanywanyi bawo

vendredi 24 Mukakaro 2015

Umugambwe MSD uriyamiriza ihohoterwa rikorerwa abanywanyi bawo mu bice bitandukanye vy’igihugu.

Kubwa Donatien Kwizera arongoye urwaruka rw’umugambwe MSD ku rwego rw’igihugu,indongozi z’umugambwe ku rwego rw’intara n’amakomine batari bake barapfunzwe.

Donatien Kwizera avuga ko,abanywanyi b’umugambwe MSD bahohoterwa,kuko abadapfunzwe n’ukwicwa bicwa.

Mu gipolisi c’igihugu babicishije ku cegera c’umuvugizi waco Pierre Nkurikiye bavuga ko ayo makuru atari yo kuko igipolisi kitagikora ibikorwa vyo guhohotera abo gifashe.

Pierre Nkurikiye avuga ko,igipolisi kidafata umuntu ngo nuko ari umunywanyi w’umugambwe,ariko gifata umuntu kuko ari inkozi y’ikibi canke agomvye guhungabanya umutekano.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Ewe Nkurikiye Ivugiray’ushaka Nitetubiziko Mutaduhohotera,ariko Mumenyeko Har Umusi,buzoca.

  • Uburundi buriko buja hé?none naho abo badasangiye imigambwe bobahonya babica hazoca hatwarwa imizimu canke!Konibiti Navy bikura câble bib’ahantu babikorerera nez à.

  • emma
    MSD reka kwiyambika ibara ngwigi POLICE kirahohotera abanywanyi banyu, ahubwo MSD mumugambwe iwawe ntagwego ufise gwigisha abawe indero benogukunda igihugu cabavyaye. Kurico rero reka gukoma induru kuko ntandero watanze nogupfa baracapfa badatekereje

  • Ntihagire uwuryoherwa nuko abandi bapfa kuko bizotuma muguma mwihorana.
    Garukane Agatima k’ubuntu mwese. Murakenyeye mube ibikoko?

  • jewe ndatangazwa ni biri muburundi ntamisi iheze mbonye nyamoya yitemberera aha kwisoko nkuru yabujumbura na sachet irimwo udufungurwa twiwe yiguriye muri alimentation ariko ngatangazwa nokubona uwutwara umugambwe msd mugacimpiri avugako atamutekano afise ariko shebuja yijandajandira, nofatako abanyepolitique bazi gusuka abantu babata mubibi nabo biraramiye hama bagira ingorane bakabatangako rapport kugira bironkere inoti zabazungu basha ab escro bari ubwoko bwinshi muri politique hoho bisigaye birenze.

  • Abicanyi Ntibemera Ubwicanyi Kimwe Nuko Bitebe Bitebuke Bizomenyekana Abica Abantu

  • naho bica kubwish aabatavuga rumw nareta ntibazobamara,boshaka bobireka kuko ntaho tuzoshirana knd tws tuva amaraso

  • mbwirira abo Bantu bibuke ko ikibi kiguma ari ikibi. kandi burya isi ntizosamvurwa n,inkozi z,ibibi ariko izosamburwa named mubona inkozi zibibi mukinumira . umukenguzamateka ntibantunganya winumire ugume urwanira ukuri haraho Imana izokwereka abo nyene batakikuraba mumaso kubera bazoba bamaramara. Iyaguhaye Irakwaka

  • aba MSD mwigumye nimwaba mushigikiye ukuri Atari ibishobisho ntimuzogenda mutaboye inguvu z.ukuri. ikinyoma cama gifata ascenseur ukuri kugaca kuri escaliers ariko kwama gufatwara inzinzi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.