Accueil > Amakuru > u Burundi > Kavakure : ’’Umurwi MENUB ntabubasha bwo guhakana canke kwemeza ivyavuye mu (...)
Kavakure : ’’Umurwi MENUB ntabubasha bwo guhakana canke kwemeza ivyavuye mu matora ufise’’
lundi 26 Nzero 2015
Umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu (MENUB) mu Burundi ni umugwi wo kurubuga (mission technique) ariko si umurwi wa poritike ngo wemeze canke uhakane ibizoba vyavuye mu matora ariko arategurwa mu Burundi, nk’uko bivugwa na Laurent Kavakure umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu.
Laurent Kavakure avuga ko umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu (MENUB) waje mu Burundi gucungera amatora ariko arategurwa, imbere, mu matora n’inyuma ya matora mu kuraba ko ivyavuye mu matora bija mu ngiro. Laurent Kavakure akagira ati : ’’Amajambo benshi bavuze ntiyariyo na gato kuko umurwi MENUB ni umurwi wo kurubuga (mission technique) ariko si umurwi wa poritike (mission politique) ngo wemeze canke uhakane ibizova mu matora mu Burundi’’.

Ku kibazo co kumenya igituma Reta y’u Burundi itaserukiwe mu birori vyo gutanguza icese ibikogwa vya MENUB mu Burundi, Laurent Kavakure yishuye amenyesha ko hari hakiri amasezerano hagati ya MENUB n’Uburundi batari bwaheze kunonosora ari naco gituma batagiye. Laurent Kavakure akamenyesha ko muri ayo masezerano, banavuganye ku gikorwa uyo mugwi uzoba ufise mu Burundi.
Mukamenya ko umurwi MENUB warungitswe gucungera itegugwa ry’amatora mu Burundi wongere urabe ko ivyavuye mu matora bija mungiro. Umurwi MENUB ukaba uzoshobora no kuja kuraba aho baharurira amajwi, ariko babanje kubivugana n’umurwi ujejwe gutunganya amatora mu Burundi (CENI) ariko nta bubasha na bumwe bazoba bafise bwo kwemeza canke guhakana ibizova mu matora.
Alida SABITEKA
Messages
26 Nzero 2015, 12:19, par kiraburundi
yes warahabishijwe ntiwahababuka: sangwa ukwikukira Burundi
26 Nzero 2015, 22:57, par nzoza yunus
nivyowiyumvira canke uri ko urarota eka kanyu kegamye haahaha...
27 Nzero 2015, 20:07, par mukobwajana
OYA YEMWE BATADUFASHIJE GUSUBIRA MWO ENROLEMENT NTA CO BAZOBA BAKOZE ..KUKO DD YARAHEJEJE ISIGAJE GUHARURA GUSA ,,KANDI URAVYE IVYO BAMAZE GUKORA NUKO BIRI...MENUB FASHA DD NTIYIBE URUKOMBA MAZI