IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Umugwi Vital’o watanguye nabi igice ca kabiri c’ihiganwa Primus Ligue (...)

Umugwi Vital’o watanguye nabi igice ca kabiri c’ihiganwa Primus Ligue ry’umupira w’amaguru

mercredi 26 Kigarama 2012

Igice ca Kabiri c’ihiganwa ry’igihugu mu rukino rw’umupira w’amaguru Primus Ligue igice mu mwaka w’2013 ryamaze gutangura. Umugwi Vital’o urifumbereje ariko Lydia Ludic uri mu kanyamuneza kenshi.

Ku munsi wa gatandatu niho hatangura igice co gusubiriza mw’ihiganwa ry’umupira w’amaguru Primus Ligue ritunganwa n’ihinguriro ryibinyobwa BRARUDI. Mu ntara ya Ruyigi umugwi Flambeau de l’Est wanganije na Academic Tchite 0 kuri 0, i Ngozi Vital’o A yatsinze 1 kuri 0 Le Messager. Rigize kabiri gakurikirana Vital’o itsindwa. I Muramvya naho Royal F.C yaranyagiye umugwi Prince Louis ibitsindo 4 kuri 0.

Mu gisagara ca Bujumbura harabaye n’izindi nkino. Nka Inter Star yatsinze bigoranye Flamengo 3 kuri 2, nayo Athletico yatsinze 1 kuri 0 umugwi Muzinga.

Ku munsi wa Mungu naho, umugwi Lydia Ludic Burundi Academic, ari nawo wabaye uwa kabiri mu gihugu cose mu mwaka uheze w’2011, wakiriye Espoir FC wo muri komine Mutimbuzi. Urukino ntirwarangiye kubera imvura yaguye ari nyinshi, urukino rugeze hagati igice ca mbere kirangiye ruca rurahagara. Igice ca kabiri c’urwo rukino cabaye bukeye ku munsi wa mbere, Lydia Ludic utsinda Espoir FC 3 kuri 0.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.