IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibiganiro hagati y’impande zipfa uburongozi bwa COMIBU bigeze (...)

Ibiganiro hagati y’impande zipfa uburongozi bwa COMIBU bigeze kure

mardi 17 Ruhuhuma 2015, par IGIHE

Ibiganiro hagati y’umuhuza hamwe n’impande zose zegwa n’ikibazo kiri mu muryango w’abislamu mu Burundi COMIBU bigeze kure, nk’uko bishikirizwa na Evariste Nsabiyumva, umuvugizi w’urwo rwego rw’umuhuza w’abarundi.

Mw’ikete ryo kuwa 24 Kigarama 2014, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yamenyesheje umuhuza w’abarundi ko yemeje inzego z’umuryango w’abaslamu zavuye mu nama ya bose yo kuwa 16 Munyonyo, yongera anamubwira ko yogerageza guhuza kuko amatati agihari hagati y’impande zibiri ziyitirira uburongozi bwa COMIBU (Communauté Islamique du Burundi). Kuwa 27 Nzero 2015, umuhuza yaremeye ko azobahuza kuva kw’igenekerezo rya 3 Ruhuhuma uno mwaka, ariko aca ahagarika inzego zatowe mu kurindira ikizova mu biganiro.Iryo sango rigeze yarakiriye imirwi itandukanye y’umuryango w’abisilamu mu Burundi, bose barashobora gutanga intererano mu gutorera umuti ayo matati. Umuhuza w’abarundi yumvirije irongowe na Cheikh Kajandi Abdallah, umuryango w’abisilamu bo mu ntara ya Muyinga na Kayanza, Cheikh Haruna Nkunduwiga, Cheikh Ali Sombwe, abashikiringanji n’abashingamateka, hamwe n’abakozi bakuru bakuru ba Reta bari muri uwo muryango. Ku kibazo c’uko umuhuza atohava ahengama kuko namwe ari muri uwo muryango w’abasilamu, umuvugizi w’umuhuza avuga ko nubwo hari uruhande rwa Kajandi rutemera cane ubwo buhuza, ko umuhuza Mohamed Rukara yabakiriye incuro zibiri zose baratanga n’intererano zabo. Umuhuza rero arashima intambwe ibiganiro bigezeko, akanemeza ko agiye kubandanya abahuza kandi ko yizeye ko iyo ntambwe azoyishikako.

Tubibutse ko ayo matati ahagaze ahanini ku burongozi bw’umuryango w’abisilamu mu Burundi, abegwa n’ayo matati basaba ko hosubirwamwo amategeko ngenderwako y’uwo muryango hamwe no gutumako inama rukokoma y’abagize uwo muryango mu Burundi, kugira bitorere indongozi za COMIBU (Communauté Islamique du Burundi)


Floxella Karire

Messages

  • turashima kungingo bafashe kand turizera yuko vyatungany amahor kand turashim kuvyo umurongozi wabaislm muburund yaray adukorey ngaha muntara ya kayanza murakoze?

  • turashima kungingo bafashe kand turizera yuko vyatungany amahor kand turashim kuvyo umurongozi wabaislm muburund yaray adukorey ngaha muntara ya kayanza murakoze?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.