Umuhuza Muhamed RUKARA yoba agiye kugaruka mu Burundi

Yanditswe na IGIHE
Kuya 26 Ntwarante 2016 saa 08:32
Yasomwe : 68085
0 0

Umuhuza mu matati y’Abarundi Muhamed RUKARA amaze amezi menshi ari mu mahanga yoba ashobora kugaruka mu gihugu mu mpera z’ukwezi kwa gatanu, nk’uko bishikirizwa n’umuvugizi wiwe.
Mu kiganiro c’abavugizi bose b’ubushikiranganji n’ibindi bisata bitandukanye vy’bushikiranganji bwa Reta y’Uburundi cabaye kuri uwu wa gatanu mu ntara ya Muramvya, hagarutse ikibazo c’uruhara umuhuza w’Abarundi yari kugira mu matati Uburundi burimwo, ariko akaba amaze igihe kitari gito ari mu mahanga, muri Reta bakavuga ko (...)

Umuhuza mu matati y’Abarundi Muhamed RUKARA amaze amezi menshi ari mu mahanga yoba ashobora kugaruka mu gihugu mu mpera z’ukwezi kwa gatanu, nk’uko bishikirizwa n’umuvugizi wiwe.

Mu kiganiro c’abavugizi bose b’ubushikiranganji n’ibindi bisata bitandukanye vy’bushikiranganji bwa Reta y’Uburundi cabaye kuri uwu wa gatanu mu ntara ya Muramvya, hagarutse ikibazo c’uruhara umuhuza w’Abarundi yari kugira mu matati Uburundi burimwo, ariko akaba amaze igihe kitari gito ari mu mahanga, muri Reta bakavuga ko akitswe n’amagara, akaba ari kwivuza mu gihugu c’Ububirigi.
Umuvugizi w’umuhuza w’Abarundi akaba yamenyesheje ko Muhamed RUKARA ashobora gutahuka mu mpera z’ukwezi kwa gatanu.

JPEG - 58.7 ko
Umuhuza mu matati y’Abarundi Muhamed RUKARA

Umunsi inama nshingamateka y’Uburundi yatangura ibikorwa vyayo vy’ukwezi kwa kabiri 2016 kw’igenekerezo rya mbere Ruhuhuma 2016, umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi Pascal NYABENDA yamenyesheje ko inama nshingamateka igiye gusubiriza umuhuza w’abarundi Muhamed Rukara amaze amezi menshi atari mu gihugu. Reta y’Uburundi ivuga ko Muhamed Rukara ari kwivuza mu mahanga, mu gihe hari ayandi makuru avuga ko yahunze igihugu, mbere bikavugwa ko yoba ari mu Bagumyabanga biyonkoye ku mugambwe CNDD FDD, badashigikiye ugusubira kwitoza kwa Petero NKURUNZIZA.


Kumenyekanisha

1
niyonzima 7-08-2016 à 09:14

Ivyo bizi abanye poritike bari hafi na hafi yiwe.

2
Irimbere patrick 29-03-2016 à 10:19

Nivyiza agaruka aheze abandanya umurimo wubuhuza kuko arakenewe muribi bihe Uburundi buri mundyane.

3
NDIZEYE Elias 27-03-2016 à 14:35

Batanguye Kubona Ko Igihugu Aricabo . Nakarengo Amazi Arashuha Ntiyibagira Ibumbeho

4
mbonankira charles 27-03-2016 à 07:43

nyakubahwa ingo dufadikanye kwubaka igihugu cacu kuko niciza ikindi umpuze nabarimyi bomubindibihugu dutezimberigihugu cacu

5
Morodikayi Jon 26-03-2016 à 23:31

Ha jewe ntacizere niteze kuwo muhuza Rukara, acitwa umu DD kuko nasaze abitwa ngo barikumwe Nankurunziza nimvuruzi gusa, nzo kwisamburiko nkimpene. naze gufatanya nabandi kubesha, kuko iyaba yarashoboye ibivyose ntivyari gu shikira uburundi, yarikugiricahanuye Nkurunziza. ibivyose biriko bikorwa vyari vyateguwe kuva kera.

6
Burundi 26-03-2016 à 17:07

Yofasha iki?ivyananiye abandi aze abe ingwiza murongo mu bandi

7
Antoine 26-03-2016 à 11:51

atahutse vyoba ari vyiza cane! hari vyinshi yofasha mukubaka ubu Burundi buriko busambuka.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha