IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuhuza w’abarundi atumirira gukinga ivyaha bikorwa mu bihe vy’intambara

Umuhuza w’abarundi atumirira gukinga ivyaha bikorwa mu bihe vy’intambara

mercredi 12 Ruheshi 2013

Ibiro vy’umuhuza w’abarundi vyarateguye inama y’akarere k’ibiyaga binini ku civugo kivuga " Kuzana ihinduka mu kurwanya indyane zifatiye ku moko hamwe no
gukinga ivyaha vyagahomeramunwa mu bihugu bihurikiye mu karere k’ibiyaga binini.

Iyo nama ikaba yari ifise intumbero yo guhamagarira ababijejwe bose ko
bokinga amabi yose akorwa mu bihe vy’intambara kuko "gukinga biruta gukiza"
Uwujejwe igisata c’agateka ka zina muntu mu biro
vy’umuhuza w’abarundi, Eliya Bizimana yamenyesheje ko Uburundi aribwo bwateguye iyo nama kuko muri kano karere kuva
ibihugu vyikukiye hama hari indyane, bakaba bipfuza gutegekanya
gukemura ivyo bibazo imbere y’uko amatati avuka.

Amahoro yerekeye umuntu wese ku giti ciwe ninayo mpamvu bashatse
guhamagarira ababijejwe bose kubakaburira gukinga ivyaha vyose bikorwa
mu bihe vy’intambara, no kubahamagarira gutangiriza kugira kano karere
kabone amahoro.

Kubw’umuhuza w’abarundi, harageze ko bahamagarira abahungu
n’abakobwa bo mu biyaga binini kuvyuka bagafatana mu nda kugira
barwanye ikumirwa ryose uko ryitwa kwose usanga rivuye ku moko, batibagiye kurwanya ivyaha
vyo mu gihe c’intambara. Umuhuza w’abarundi akaba yagarutse ku majambo amwe amwe ya Nelson Mandela yavuze igihe bari mu biganiro i arusha aho yashikirije ati: "Namba abarundi badashaka kubana nk’abavukanyi bazopfa nk’imburakimazi. Ahamagarira amashengero, abaserukira amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya
politike, ibimenyeshamakuru gufasha mu kubumbatira amahoro.

JPEG - 53.1 ko
Umuhuza w’abarundi, Mohamed Rukara

Iyo nama izomara imisi ibiri muri "Hotel Royal Palace" ikaba yari yatewe iteka n’uwuserukira
umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, umushingantahe parfait Onanga Anyanga, umukuru w’inama nkenguzamateka Gabriel Ntisezerana, abashingamateka, abarongoye amadini, abaserukira amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike, uwuserukira ubumwe bwa buraya mu Burundi, abaje baserukira
ibihugu vyatumiwe vyo mu karere k’ibiyaga binini, n’abandi bategetsi.

JPEG - 68.1 ko
Abatumiwe muri iyo nama

Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.