IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuhuza w’abarundi yagendeye abapfungiwe mw’ibohero rikuru rya (...)

Umuhuza w’abarundi yagendeye abapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba

mardi 31 Kigarama 2013

Umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara yaragendeye ku munsi w’ejo ibohero rikuru rya Mpimba mu ntumbero yo kwipfuriza umwaka mwiza imbohe zifungiwe muri iryo bohero.

Umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara yaragendeye ibohero rya mpimba ku munsi wa mbere igenekerezo rya 30 Kigarama 2013, intumbero ikaba yari iyo kwipfuriza umwaka mwiza w’2014 abafungiwe muri iryo bohero rikuru rya mpimba. Umuhuza w’abarundi yari yitwaje agakemanyi kangana n’amatoni 2 y’umuceri, imitobe bita boom yo guha abana, impuzu hamwe n’ibitenge bigera kw’100 ashiriye abigeme n’abapfasoni bapfungiwe muri iryo bohero.

OPC1 Bruno Niyonzima, umuyobozi mukuru w’ibohero rikuru rya mpimba amenyesha ko iryo bohero ryubatswe mu mwaka w’1958, rikaba ryari ryagegenewe abantu 800 ariko ubu rikaba rifise abagera ku 2273, abakenyezi 100 hamwe n’abana bonka 8. OPC1 Niyonzima akavuga ko muvyotuma igitigiri c’abapfunzwe kigabanuka ari kureka bamwe bakidegemvya vy’agateganyo.
Uwaserukiye izo mbohe, kw’izina ry’abafungwa bose yashimiye umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara kubona yabiyumviriye, akabagendera.

JPEG - 19.9 ko
OPC1 Bruno Niyonzima, umuyobozi mukuru w’ibohero rikuru rya mpimba

Mwomenya ko muri urwo rugendo umuhuza w’abarundi yahaye umubonano uwahoze arongoye umugambwe CNDD - FDD Hussein Radjabu hamwe na Ferederiko Bamvuginyumvira icegera c’umukuru w’umugambwe Sahwanya FRODEBU, bompi basanzwe bapfungiwe muri iryo bohero rikuru rya Mpimba.

JPEG - 34.3 ko
Umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara

Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.