IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukenguzamateka Richard Nimbesha yirukanywe mu kazi

Umukenguzamateka Richard Nimbesha yirukanywe mu kazi

jeudi 26 Ruhuhuma 2015

Inyuma y’aho ashikirije ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ataburenganzira bwo gusubira kwitoza ubwa gatatu afise, umukenguzamateka Richard Nimbesha yirukanywe mu kazi.

Uwo mukenguzamateka yari yatowe mu ntara ya Bubanza ubu akaba yahora akora mu murwi w’igihugu ujejwe ibibazo vy’amatongo n’ayandi matungo CNTB. Bikavugwa ko itegeko ryo gukura uwo mukenguzamateka muri uyo murwi, ryatanzwe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

Tukabibutsako uwo yahoze ari umukenguzamateka wo mu mugambwe CNDD FDD, ku wa 11 Nezro uwu mwaka yari yagize ati : ’’Turemeza ko Petero Nkurunziza adashobora guca kubiri n’amabwirizwa y’Imana, na cane cane ibwirizwa ry’umunani rivuga ngo ntubeshe hamwe n’iry’indwi riviga ngo ntiwibe. Umuntu twabonye asenga Imana, akayishimira uko umwaka utashe, yokwubahuka gute kuvuga ko amaze ikiringo kimwe, yohakana gute ko amaze kurahira kabiri imbere y’abarundi n’amakungu ? Ikiringo c’umukuru w’igihugu gitangura iyo arahiye imbere y’abarundi kigahera inyuma y’iyindi ndahiro y’uwundi yaje ava mu matora, none NKURUNZIZA amaze kurahira kabiri, ni ukuvuga yarahejeje ibiringo vyiwe bibiri."

Richard Nimbesha akamenyesha ko mu gihe Petero Nkurunziza yogaruka kwitoza ubugira gatatu, azoba ahemukiye abarundi, azoba abeshe, kandi azoba yivye ikiringo ca gatatu. Uwo mukenguzamateka kandi, akaba yari yanamenyesheje ko umukuru w’igihugu avuze ko azitoza ubugira gatatu, we n’abandi bagumyabanga batazovyemera.

Umukenguzamateka Richard Nimbesha rero, inyuma y’aho avugiye ivyo, akaba yaciye yirukanwa mu mugambwe CNDD FDD, mbere akaba yaranamenyesheje ko umutekano wiwe utifashe neza, aho umwana wiwe yoba yari yamenye ko hari umugambi mubi wo kugandagura se.

Umukenguzamateka Richard Nimbesha

Aristide Nizigire

Messages

  • Komera sha richard uzopfire ukuri nayo abagombako imvugakuri zihonyangwa bizohera.kugukura muri CNTB batakwatse ubuzima ntacobakugize ntutinye.

  • Komerakwibanga,natwe Abagumyabangabumutimatutagirahotuvugira Turinyumayawe.Ntutinye ngonukobagukuye mukazi canke mumuganbwe,ni Nviramukazi Sinviramurugo,nbega Cndd-fdd Itarabaho Ntiwarih?.Richard Ninbesha Urumugabo Wijunjanijanbo,nahbkwica Ukurintigupha.Basokuru Bati"uta Inkoko Ntuta Icoyabitse"

  • Hari abigira abagumyabanga bo kwitsitso mukuvuga nabi canke mugushigikira ibidahesha icubahiro Uburundi nabarundi, murashaka muvuge neza, mureke guta abwoko muvuga ibitagira mvura ngo muvugira CNDD-FDD, muritonda ntimwarusha Richard NIMBESHA kuwukunda. Bamwe ba Edouard NDUWIMNA bariko bakora nk’umutima bakora ibibi ngo bakunde bashimirwe ,uruhira ubusa, weho wa wuwusimbiyemwo utazi ningene watanguye, ntiwawunda gusuvya NIMBASHA na NIYOMBARE bawurwaniye ukiri mw’ishamba ariko impera babahaye urayibonye ejo ni wewe. Weho nivyo!!!!!!!!!!!!!!!! Ntaco mvuze.!

  • M26 IRAHAYE IRAKOMERA HAHAHAAAAA KO YARAYE IRONSE UMU JENERARE NIYOMBARA NA KORONERI RICHARD NA KOMANDA WA BRIGADE MANASSE HIHIHIHIHIHI NGO MUHAMAGARIWE GUSOHORA IBIRWANISHO NKURUNZIZA AVUZE KO AZITOZA?????????? ABO MWASHIMYE GUSHIRA MURI M26 BARACIYE MURUGAMBA REKA TURINDIRE NIMBA BATAZOHAVA BATEMAGUZA NKA SINDUHIJE!!!!!!

  • Ahubwo uwo mugabo ntabwo ari umugamyabanga. Abagumyabanga ntabwo bavugira kumaradiyo. Ikindi yakoze nuko yakoresheje -ibilia mugutera ubwo Nyenecubahiro. Ahubwo Richard akwiye impanuro, nosaba abarongoye CNDD-FDD ibu Banza kumusubiza muruhongore, abantu nkabo baruzuye burya igito gitabwa iwabo,mugabo mumwihanize kandi mumuhanure

  • Ubunwa burahanwa kare kutavuga ayo majambo : Michombero; Bagaza na Buyoya batway imyaka ingahe yibuka aho mwari abategetsi bakeregwa nkimpene ; abandi baghategwa amazirantoki Emwe ninde yabahayumuti ntimwari mukwiye kwibagira

  • ariko vraiment none CNDD-FDD irabuze izindi nca bwenge zorongora uburundi batarinze gushira igihugu mukaga no gukora amanyanga nkayo. Mbe ndababaze, iyo cndd-fdd itaba iri kubutegetsi yokwemeye ko uwundi mu président atwara mandat 3???? Hahahaaaaaaaaaaa sha ubutetsi ni uburozi nkenda mama, buraboreza hamwe usigara ubona ivyirabura vyera, kabiri kakaba rimwe, gatatu kakaba kabiri.

  • Nukuri urigumya mutama ntamigambwe mpengamiyemo ariko abantu babashingantahe nkabo mugihugu nibo dukeneye nahoivyo gushigikira uyu ngo nkavuga barankura kubutegetsibihinduka gatoyi .kandi ukabona benshi bavumye ureke wibereho amahoro nabawe nayahandi uzobirira mukirere.uhawe nabanyagohugu wankwa nabanyagihugu.

  • None yabona igihe cokwitoza canke cogutanga uwuzokwitoza abagumyabanga baribwagire icobabivugako? None umuntu mwarimuzikomusangiye umurwi arinawo utegurirwamwo uwuzowuserukira akavuga ivyawuvuyemwo noneho ukumvumuntumwarimuzi komurikumwe aradutse avuze ivyomutaribwagere komubivuga wokomeza kumwizera ngomurihamwe? kuvanahera mwagiye gusaba umugeni noneho hakaba amadidane yivyomwaribuvuge carazira kikaziririza kwiyadukiza ngo wironderere ivyuvuga kugatwekawe, mwaruhira kubanzakugira akabonano nabomurikumwe. Jewe ndikondabona twebwe abikigihe twize dusigaye abakera batababarise badusumvya gushishoza wamugani wabanyarwanda? jewe simbona ukuntu uwomuntuvyamujemwo!!!???.

  • muze muraharura abo mukura abanka kuvuga ukuri batinya gukurwa,nibo benshi! akarinyuma karahinda! dd, imeze nkumugabo yubatse inzu nini yivyatsi hanyuma akazarasokora akatsi kamwekamwe agacanisha umuriro hanyuma aho yakuye ubwobwatsi harasha kuko hari muci imvura itasuye acatangura kuvirwa!!! inzu ica irabomoka!!

  • Mbega nikuberiki abagabo bageramiwe mu burundi?Bashaka ko bubamwo abagabo babagore gusa, nkabo banditse ivyo ntashaka ngaho?Ntibishoboka!komera mtama

  • Kometa kometa mutama Richarird,ibunanza ntidukangwa nimitundararo,Imana izokuronsa akarusha ako bagukuyemwo...

  • RICHARD NIMBESHA N’UMUGABO YEMERA KUVUGUKURI ADATINYA KO BAHAVABAMUKURA KURI POSTE ARIKO.IMANA IRAMUBONA IZOMUHAKANDI KANDI NABAMUKUYE BARIKOBATERIGERE.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.