Accueil > Inkino > Yisanze imbere ya camera ariko yihagarika mu kibuga
Yisanze imbere ya camera ariko yihagarika mu kibuga
mercredi 5 Ruheshi 2013
Umurwi wa Rugby witwa New Zealand Warriors, waciriye ihadabu y’amafaranga angana ni 15.000 vy’amadorare y’Austrariya ni ukuvuga ibihumbi 14.600 vy’amadorare y’abanyamerika, umukinyi w’uwo murwi inyuma yo gusoba mu kibuga mu Rukino rwabahuza n’umurwi Brisbane Broncos,kuri uyu wa mbere i Brisbane.
Russell Packer yisanze imbere ya camera mu gihe yariko yihagarika mu kibuga mu gice ca mbere c’urukino, mbere uwo murwi wiwe ukaba watahukanye intsinzi ku manota (56-18) .

Iyo nyifato rero ngo ntawari kuyihanganira kandi ntakigongwe bari kumugirira nk’uko vyashikirijwe n’umuyobozi w’urukino rwa Rugby ku rwego rw’igihugu Nathan McGuirk.
Kur’uyu wa kabiri, Packer aciye ku muhora wa twiter yagerageje gusaba imbabazi ku nyifato yagize arongera kandi arakenguruka intsinzi umurwi wiwe watahukanye.
Yagize ati :’’ Ndabaramukije no ngera mbasaba imbabazi ku nyifato nagize mw’ijoro ryakeye. ndazi ko vyababaje abantu benshi ariko mumbabarire cane.’’
Kubw’umurwi, les New Zealand Warriors bafise imisi itanu kugira bige neza ko uwo mukinyi yohagarikwa canke ko yobandanya.
Prosper Ndayikeza
Messages
25 Ntwarante 2015, 16:32, par Morester
Vyukuri Uwo Mukinyi Yahohotewe Gucibwa Amande.Kuko Bavuga Yuko Umugabo Yihandurira Ahafatiwe Ubirevye Yahohotewe Kuk Ntamahitamwo Yarafise Ubwo Akomeze Kwihangana Amategeko Aremera Nkamabuye.
25 Ntwarante 2015, 16:33, par Morester
Vyukuri Uwo Mukinyi Yahohotewe Gucibwa Amande.Kuko Bavuga Yuko Umugabo Yihandurira Ahafatiwe Ubirevye Yahohotewe Kuk Ntamahitamwo Yarafise Ubwo Akomeze Kwihangana Amategeko Aremera Nkamabuye.