Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Umukinyi w’amareresi Chinedu arahanzwe n’abagore n’abakobwa bashaka ko (...)
Umukinyi w’amareresi Chinedu arahanzwe n’abagore n’abakobwa bashaka ko baryamana
lundi 8 Kigarama 2014
Umukinyi w’amareresi Chinedu aridogera cane abakobwa n’abagore bashaka kumwahukanisha kubera bashaka ko baryamana canke bakundane kandi haheze imyaka yubatse. Bamwe barazi ko yubatse ariko ntibavyemera kubera babona asa n’umwana.
- Chinedu Ikedezie n’umugore wiwe
Chindu afise imyaka y’amavuka 37 ariko uwumuravye nta myaka 14 womuha, uwo mukinyi w’amareresi wo muri Nigeriya akundwa cane kubera ukuntu akina be na mugenzi we Osita Iheme, avuga ko arembejejwe n’abagore n’inkumi bashaka ko baryamana kandi yubatse. Naho chinedu yubatse, si benshi bavyemera kubera baravye ukuntu areha n’uko asa mu maso womenga n’umwana w’imyaka 14. Uwo mukinyi w’amareresi haheze imyaka itatu yubatse, ubu afise abana babiri, ivyo rero abivuga kugira yerekane ko adashaka kurenga ibigo.
Chinedu Ikedezie yemeza ko ivyo vyose bimushikira kubera ubugufi bwiwe n’ukuntu asigaye yaramenyekanye cane kubera amareresi atwenza cane akinamwo.

Tubibutse ko Chinedu igihe yari atanga amakuru mu kinyamakuru TS Weekend, umumenyeshamakuru yamubajije ko hari ico yari yiteze kumarira umuryango wiwe kandi abona abandi bana bangana nawe bakura nawe akaguma aboneka nk’umwana. Yishuye atwenga ati:" Ahubwo ni jewe naboneka ko nzovamwo ikintu kuko nari mfise ico nisangije abandi bose badafise".
- Chinedu na Osita Iheme


Cherif Nkeshimana
Messages
9 Kigarama 2014, 22:58, par jay
bene data ubushakanyi ntibukabe muri twe.
7 Ruheshi 2015, 16:00, par Nzigamasabo Léonidas
Abo Bagore N’abakobwa Nibamureke Boye Kumutesha Umurongo Kuko Yarihitiyemwo.Ni Baronderere Ahandi.
13 Rusama 2017, 12:17, par KWIZINA BANYITA witi
nibamureke afite uwiwe