Accueil > Imibano > Urukundo > Umukunzi wanje yoba asigaye afise uwundi? Uburyo 18 bwo kubimenya
Umukunzi wanje yoba asigaye afise uwundi? Uburyo 18 bwo kubimenya
lundi 25 Myandagaro 2014
Abantu bamaze igihe bakundana baba basigaye bazinanye ku buryo umwe iyo yahindutse gato, uwundi namba avyitayeho ashobora guca abibona.
Ubundi umugabo n’umugore canke abakundana bamaranye igihe baba basa n’ababaye umuntu umwe, yaba ari mu buryo bufatika, yaba ari mu nyifato n’ibindi, ibi ariko bigahinduka iyo umwe muri bo atanguye kugira akageso ko guca mugenzi we inyuma canke gutangura kumwikuramwo.
Usanga umwe abesha uwundi ko bari kumwe, kandi afise ukundi abigenza.
Bimwe mu bimenyetso bishobora kukwereka ko umukunzi wawe atakigukunda nka mbere canke asigaye aguca inyuma ni ibi :
1. Namba umukunzi wawe atanguye kugira umuco wo kuguca inyuma, akenshi uzosanga muri ngendanwa yiwe yatanguye kugenda ashiramwo akanyegezwa banga (code) ku buryo ata wundi muntu ashobora gusoma ubutumwa (message) yarungikiwe canke ntihagire uwubona uwamuhamagaye. Aha rero aba asa n’uwutanguye kwikeka ko ivyo ariko arakora bizomenyekana.
2. Ikindi rero, ni ukuntu aba asigaye kenshi asa n’aho mu kwitaba ngendanwa yiwe ahantu hari abandi bantu cane cane umukunzi we bimugora. Usanga kenshi aja kwitabira hanze, mu bwogero, akamara umwanya munini cane iyo ariko yitaba ngendanwa.

3. Ashobora no kugaragaza ibimenyetso nko kuba usigaye umuhamagara kenshi ntakwitabe kandi ubizi ko ata nama canke akazi kenshi afise muri iyo minsi.
4. Atangura kandi kwuguruza izindi "emails" udasanzwe uzi (akazikunyegeza). Namba hari n’iyo wari usanzwe uzi n’akanyegezwa banga kayo (mot de passé), agerageza kugahindura kugira hatazogira ico ubona mu butumwa yarungikiwe.
5. Ahandi ushobora kurabira ni iyo nk’umwe mu bakundana usanga iyo uwundi amaze amasaha cabure nk’abiri adahamagawe kuri ngendanwa n’umukunzi wiwe bimushavuza cane. Ariko ubu ukaba usanga yomuhamagara, atomuhamagara vyose bisa n’aho ari cokimwe, ivyo navyo bikerekana ko wa mwanya yamuha ubu hari uwundi asigaye yarawuhaye ku buryo bisa n’uko ataco bimutwaye cane, yaba abonetse canke atabonetse.
6. Atangura kukwita akandi kazina k’urukundo utari usanzwe umenyereye. Hari igihe aba ariko arakwitiranya n’uwundi mukunzi wiwe.
7. Ku bantu batohoza cane, bashobora kwumva umwuka wa parfum (cane cane ku bagabo) utandukanye n’uwo usanzwe umuziko.
8. Hari n’igihe akenshi cane cane ku bantu basanzwe bakundanye usanga namba bari bamenyereye ko kibura barangura amabanga mpuzabitsina nka gatatu ku ndwi, ugasanga basigaye bamara n’indwi zibiri ataco bibwira, bakabona ko bidakenewe cane. Ivyo bishobora kukwereka ko asigaye afise uwundi barangurana amabanga y’abubatse, ko wewe atakigushuhira cane nk’uko vyahora.

9. Ikindi namba hari umwanya yahora agenera urugo, atakigukunda asa n’uwutakiwufise, akamana ibikorwa vyo ku kazi n’imisi y’akaruhuko, akakubwira ko umwanya umugora kugeza no mw’iijoro akavuga ko akiri ku kazi.
10. Amafaranga yahora yinjira mu rugo atangura kugabanuka ku buryo budasiguritse. Namba musanzwe mufise uburyo bwo guhana amakuru ku vyerekeranye n’ikoreshwa ry’amafaranga yanyu mwompi, birahagarara.
11. Usanga kandi atangura guhindura imico, ukabona asa n’aho ari umuntu mushasha atari uwo usanzwe uzi.
12. Nta hantu agishaka ko mujana, kandi ubwa mbere yaranezerezwa cane n’ukugendana nawe, agufashe ukuboko.
13. Usanga kandi atangura kugenda asa n’uwutagishishikajwe n’ivyo mu rugo. Namba mwubatse mufitaniye n’abana, ivyo kwita ku masabukuru yabo bana no kuba ari mu rugo mu munsi mukuru wabo ugasanga vyaragabanutse.
14. Abagenzi banyu mwese batangura kugenda babihisha, kuko bazi uburyo aguca inyuma ariko bakabura uko babikubwira, batinya ko bobasambuza.
15. Usanga kenshi abo bantu baca inyuma abakunzi babo badakunda na gato kwumva ibiganiro bijanye n’abagabo canke abagore baca inyuma abafasha babo, ahubwo ugasanga ariko bariko baragerageza kubaburanira cane.
16. Aha kandi usanga kenshi asigaye akunda guteba ku nyabwonko (ordinateur), cane cane wagiye kuryama, akenshi kubera ko yahanye isango n’uwundi bahava baganira, canke barungikirana ubutumwa.
17. Kenshi muri ngendanwa yiwe uzosanga abamuhamagaye, abo yahamagaye, ubutumwa yarungitse canke bamurungikiye, vyose arabihanagura ku buryo ushobora kwibaza namba iyo ngendanwa yiwe yoba imara umusi wose atawumuhamagaye canke nawe ahamagare umuntu n’umwe, canke amurungikire ubutumwa bugufi (sms) bikakuyobera.
18. Ikindi kandi ni uko akenshi usanga asa n’uwutakinezerererwa cane ko umwerekana mu bantu b’abagenzi bawe, namba umusavye ko hari aho mujana agatangura kukubaza ibibazo vyinshi bijanye n’ukumenya ahariho, abo muhahurira n’ibindi, kenshi mbere akarondera ivyitwazo kugira ntimujane.

Egide Nduwimana
Messages
26 Myandagaro 2014, 04:47, par HAKIZA
Ivyo nukuri,kandi sivyogusa harivyishi mutashoboye kutubwira,ikindi nanco novuga nuko mwashimikiye kumubano wabantu bifise mutatubwiye kububakanye usanga amikoro yabo atako yifashe ariko barenga ibingo.
26 Myandagaro 2014, 13:51, par Kanure burije
Iyo nkuru ni top vrma.
6 Nyakanga 2014, 11:15, par JAJA
murakoze cane kurizi nkuru muduha
6 Nyakanga 2014, 19:07, par francis
izonkuru zanyu ziratomoye cane kandi zofasha abakundana kudahebana,umwe akabura ahaca uwundi kuko ivyo agira vyose uca ubibona ukamukebura amazi atararenga inkombe
29 Gitugutu 2014, 17:09, par habi Aniseven
nukuri ndakengurutse ibi bintu mutubwiye bishobora kwerkanako umukobwa agukunda canke atagukunda ariko je nagira mvugeko hari abantu usanga agoye kumenya uko ateye guko usanga yiyorobeka agahisha icari kandi burya biragoye kugira umenye umenye umuntu agukunda ukoresheje amaso guko urukundo nyarwo ruva kumutima.
14 Munyonyo 2014, 18:21, par Ihangane
Ku bantu bubakanye,nobahanura kutahemukirana kuko imibiri yacu ni ingoro za mpwemu yera ku bamenye imana. Gusambana n’icaha kibi cane kizana umuvumo mu rugo.
Nobahanura rero mwebwe mwese mwubatse n’abatarubaka gusenga Imana ibashoboze kwirinda ico cose cobakwegera mu busambanyi.
Imana idufashe.
28 Rusama 2015, 01:14, par NiNINAHAZWE Bienvenu
JEWE NAGOMBA NGIRE ICO MVUZEKO KW,IYI NKURU NONE IYO UKUNZE UMUKOBWA IMYAKA MYINSHI UKAMUSABA KOMWOHUZA IBICINA HANYUMA AGACA AKUBWIRA NGO URAMWANKA MBEGA MWICO GIHE WOCA UKORA IKI? ARIKO UMWIYUMVAMWO AKAKUBWIRA ATI TWOPFUMA DUHAGARIKA URUKUNDO? MURAKOZE IGITEKEREZO CANJE N,ICO.
2 Ruhuhuma 2016, 15:55, par TOPAZ
NONE GA YEMWE MWOTUBWIRA INGARUKAMBI ZOGUKORA IMIBONANO MPUZA BITSINA URUMWE(GARÇONS)? JEWE MBONUMENGO BIRARYOSHE NTANUMUGORE WOKWIRIRWA URAZANA! OK REP
7 Rusama 2016, 21:44, par pascaline
NONE NTIWOSHOBORA KWANKA KOMUJANA AHO HANTU YOBA YAGUSAVY KOMUJANA UKANKA KANDI UMUKUNDA
21 Nyakanga 2016, 05:31, par BARITORAGUZA Hilaire
MURAKOZE ARIKO IZO NGESO ZIGUTEYE MURUGO WOKORIKI?MWOKWAHUKA?MWOGUMANA?
7 Kigarama 2016, 02:24, par Zack
Yokwihangana Akaza Aramugendura Bukebuke Agatinda Akazomwifatira Hanyuma Harigihe Yoca Yihanura Ikindi;ndiyumvira Umubwiye Ahantu Mujana Akagusiguza Hamwe Hamwe Sibibi
22 Kigarama 2016, 07:27, par Damien Kissou Mukirekura 14
mwotubwira abagikundanye ingene urukundo rwabo ruhinduka bukebuke bakankana bari bakundanye?
25 Kigarama 2016, 08:52, par Nzokirishaka Désiré
Ivyo mwavuze vyose jewe naravyiboneyeko kuko narigeze kukunda umugore wundi iyo ntashe rero wamenga ngiye muri Gereza
21 Nzero 2017, 05:26, par Ndayizeye Jeannette
Murakoze Cne Kutwigisha Bandanya Mutwigisha Kuko Biradufasha Murakoze
22 Ruhuhuma 2017, 06:00, par ndikuman bocko
none komwankanye ntimwararana? umusavye ntiyemera ?
15 Rusama 2017, 09:53, par ERIC
jewekabisandi.umusorenkabanashaka.ukobwayombera.umugenzitugakundana
13 Rusama 2018, 08:46, par Irakoze Eric
Nibazako Umuntu Amaze Kubibona Yocayama Amuba Hafi Amuganiriza
21 Rusama 2018, 01:11, par Haragakiza Nathanaël
Nn Ntimworaran Ubundih Atash Ntiwomwakir?
25 Gitugutu 2018, 10:49, par Keza BUTOYI
NONE VYOBA BIVA KUKI?
JEWE NIBAZA HANINI KO BIVA KUMUGORE ABA ADASHOBOYE KUGIRIRA UMUGABO IVYO ASHAKA
CAGURE KU MUGABO NAWE NYENE ABA ADASHOBOYE GUKORERA UMUGORE IVYO ASHAKA KUKO NAVYONYENE BIBAHO UGASANGA UMUGABO NTASHOBOYE KWABIRA NEZA UMUGORE WIWE.
CANKE UGASANGA UMUGORE NTAZI IBIGEZWEHO, CANKE ARATINYA AKAYABAGU KUMUGABO WIWE.