IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru mushasha wa CNIDH yatanguye amabanga yiwe

Umukuru mushasha wa CNIDH yatanguye amabanga yiwe

mardi 9 Ruheshi 2015

Umukuru w’umurwi w’igihugu wigenga w’agateka ka zina muntu yatanguye amabanga yiwe, inyuma y’ukubisikanya n’uwahahora Furera Emmanuel Ntakirutimana.

Umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu, ukaba wari umaze kugera ku bitari bike nk’uko bivugwa na Furera Ntakirutimana, aho uwo murwi wariko uregerezwa abanyagihugu hagati mu gihugu, aha akavuga nko mu ntara z’Uburengero i Ngozi, Hagati mu ntara ya Gitega, mu Bumanuko i Makamba, ubu bakaba bariko bararaba uko, uwo murwi woja no mu Buraruko bw’igihugu.

Umukuru w’uyo muri mushasha ariwe Jean-Baptiste Baribonekeza avuga ko aje kubandaniriza aho bagenzi we bari bateje ikivi, nawe nyene, akemeza ko azokwegera rwose abanyagihugu, kugira amenye ivyo bagona, aho bababara, kugira batunganirizwe vuba.

Jean-Baptiste Baribonekeza kandi, amenyesha ko azofasha mu kunywanisha amaradiyo, abari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vyaporitike na Reta, kugira uburenganzira bwo gushikiriza yaba amakuru canke ivyiyumviro, bikorwe mw’iyubahirizwa ry’umwe umwe wese.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.