Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB u Burundi
Umukuru w’ibohero rya Mpimba n’icegera ciwe batawe muri yompi
Yanditswe taliki ya 9-08-2016 - isaha 16:30' na IGIHE

Gregoire NIMPAGARITSE, umuyobozi w’ibohero rikuru rya Mpimba hamwe n’icegera ciwe Sandrine KANYAMUNEZA batawe muri yompi, bakurikiranwa kubera umunyororo yahawe uruhusha rw’ukuja kwivuza, ariko mu nyuma agahava atoroka ntagaruke mw’ibohero.

Uwo munyororo umuyobozi wa Mpimba n’icegera ciwe bazira yafashwe yagirizwa kwinjiza ibirwanisho ku butaka bw’Uburundi, abikuye mu gihugu c’Urwanda. Yatorotse ibohero ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 5 Myandagaro 2016, akaba yari yahawe uruhusha rw’ukuja kwivuza hanze y’ibohero, kandi ntiryari ribaye irya mbere. Ariko ntiyabaye akigaruka.

Abo bayobozi ba Mpimba ntibafashwe bonyene

N’umukuru w’ivuriro ryo muri iryo bohero rikuru rya Mpimba, ariwe Angleberthe VYAMUNGU, nawe nyene yatawe muri yompi, azira itoroka ry’uwo munyororo n’ubu akironderwa..

Bose ukwo ari batatu bapfungiwe mu gasho k’igendereza mu gisagara ca Bujumbura

Ivyiyumviro vyanyu

mbega yagiye abajejw umtekano wa prison batamucunze ?

13.08.2016 à 20:24
JOHN

ndashima kwivyo bakoze bariguze umuntu ok

11.08.2016 à 12:25
nsabiyimbona yanick

IVYO BINTU BIMAZE IMISI BIBA AHO ABANYORORO BAFATANANWA IBIRWANISHO HAMA BAGATOROKESHWA MURASHIKA NINO MWIBOHERO RYA RUMONGE ABANTU BOSE BAFATANWE IBIRWANISHO NTANUMWE ASIGAYE ABABANTU MWAHAYE GUTWARA AMABOHERO BAKUNDA AMAHERA TABWO BAKUNDA IGIHUGU NIMUBAFUNGE MBERE MUCE MUBAKURA MUKAZI KUKO KABANANIYE

10.08.2016 à 16:09
SIBOMANA

Uragapfa Ubur Igihanb Turaje ! Kuki Wama Urikuvug Nabi ? We Wabonye Kwatabari Babaherekeje ? Usanga Bose Babifitemo Uruhara , Bob Bashimye Irifadika Nakare $ Rarazimvye ! Ahubwo Yari Yaratebyeyo Kuko Ayagurwa Ibirwanisho Yose Baracyayafise Mais Mureke Agende Azogaruka INKIRE NTIKIRA 2

10.08.2016 à 15:51
Turabategerejye 444 ->

Uragapfa Ubur Igihanb Turaje ! Kuki Wama Urikuvug Nabi ? We Wabonye Kwatabari Babaherekeje ? Usanga Bose Babifitemo Uruhara , Bob Bashimye Irifadika Nakare $ Rarazimvye ! Ahubwo Yari Yaratebyeyo Kuko Ayagurwa Ibirwanisho Yose Baracyayafise Mais Mureke Agende Azogaruka INKIRE NTIKIRA 2

10.08.2016 à 15:50
Turabategerejye 444 ->

Ntampene ipfa ikize nkuki !!!!!!!!!!!

10.08.2016 à 12:01
Anaclet Ruberintwari

Uwo watorotse ni musaza w’Afsa Mossi turabizi,ko batevye gukeka ko ari u Rwanda gwabigize ??

9.08.2016 à 23:09
Hicuburundi

Ngo Mchezo Wandani Abafatwa Naba Dd Gusa ? Muraharuruko Mungana .

9.08.2016 à 22:57
DD

je nibaza ko bokwihangana kuko ndumva bafashwe kumvo zamatohoza hama uwo uwicaha kizokera ahanwe uwera yezwe !uworira nkumva nuwo muganga nayo abo bandi ndumva ivyubutungane barabimenyereye !Ugira bo ntibazi ingene bama bakora amatohoza ?Uwera nuwirabura bafatwa bose gama ubutungane bugakora !pole benewacu !

9.08.2016 à 20:47
Najima

narababwiye aba batype ninjiji kabisa ,gute umunyororo agenda kwivuza ariwenyene ? uruhusha ? gute se ? irematanyapeter.com

9.08.2016 à 19:57
turaje

Nibaba Koreko Amatohoza Vyihutirwa

9.08.2016 à 19:38
Jean Bosco Niyongabo

Babohe Akazigahabapanze Komupfakugahakazi Abadapanze Rekabatuvuruge Kubita Izontumva .

9.08.2016 à 19:20
Daema

murabe neza babifisemwo,uruhara. ahubwo bakubitwe intahe mugahanga.

9.08.2016 à 19:09
mandera

Iremantanya.com

9.08.2016 à 18:49
Remantanya

Mcezo wa Ndani Ni mumarane mwa bibwena mwe vya ba DD

9.08.2016 à 17:43
nIKITA

Mubakoreko itohoza murabeko bariye ryafranga ryububirigi bumazigihe buharahara ngobwongere bukoroneze uburundi.

9.08.2016 à 16:53
Kanyosha

ABAREKUYE ABOBANYORORO MUBARABENEZA USANGA BARIBASANGIJUMUGAMBI WOGETEMBAGAZUBUTEGETSI

9.08.2016 à 16:50
DRAGO

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.