Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu amenyesha ko umugambi wo kuvuza abana ku buntu (...)
Umukuru w’igihugu amenyesha ko umugambi wo kuvuza abana ku buntu uzobandanya
mercredi 30 Kigarama 2015
Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza amenyesha ko bariko bakora ibishoboka vyose kugira umugambi wo kuvuza abana batarakwiza imyaka itanu ku buntu ubandanye.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru n’abanyagihugu mu gatondo ko kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 30 Kigarama 2015 ari mu ntara ya Gitega,umukuru w’igihugu yavuze ko uburyo bwo gukora iciza nkico cokuvuza abana butazobura.
Muri ico kiganiro,umukuru w’igihugu yavuze ko naho ata mugambi uryohera bose,hashinzwe umurwi ukurikirana ishirwa mu ngiro ry’uwo mugambi,mbere ko naho hari abiba imiti yagenewe uwo mugambi ubushikiranganji bw’intwaro ibereye buriko burakora kugira abokwagirwa bahanwe.
Ku bijanye n’ahazova uburyo bwo gushira mu ngiro uwo mugambi,umukuru w’igihugu yavuze ko bibaye ngombwa Reta izofata amadeni kugira uwo mugambi ugende neza,ariko ayo madeni azorihwa. Yavuze ko gufata ideni ku neza y’umuryango ata kibazo biteye.
IGIHE
Messages
30 Kigarama 2015, 11:38, par NYARUGANO JEAN
IRAMBIRE DI MUZEE.
30 Kigarama 2015, 11:46, par misigaro
Ese buriya ninde wamuha ideni?
30 Kigarama 2015, 12:45, par sinigiri abdoulkarim
Uzubavuza utabagaburira ntacho bimaze baze ureke ubugome hama ubone kuvuga,??????
30 Kigarama 2015, 13:28, par nanse
Azi guta igihugu mu manga mugufata amadeni uwomugambi twawuhinyuy nikugira afate iDeni ryishi acashira mumufuko wiwe nakakarwi kiwe vyitwe yuko arivyogufasha
30 Kigarama 2015, 15:03, par murundi
mbega mwantuvyamw muzuguruk mumutwe ryar? ereg ury numugab mugihugu muravye nab muzorwar imitim cank ihahamuk kand agat gateretswe ni mana ntigahenurwa numuyaga igihugu kir mwintwar pee kaz roh muzoshikirwa
30 Kigarama 2015, 15:21, par Falcon
ARABAVUZA UKONGERA UKABICA,NTACO BIMAZE EWE NKURUMBI GEZAHO.
30 Kigarama 2015, 17:54, par bernard
komera mutama, twebwe ngaha mugisagara cakabiri cuburundi. igitega turi inyuma yawe 100%
turashima iterambere waduhaye ngaha igitega ubu:
nibindi. vyinshi. cane umuntu atodondagura ngo aheze
ariko naho biri uko turakwingize. mutama. utwubakire. stade igitega. igezweho. nkirya wubatse ingozi hanyuma. wongere ushiremwo ikaburimbi mwiryo. barabara riva kuri Hotel HELENA rigenda kuri stadenkuru ya GITEGA hanyuma. ukwiragize amatara kumabarabara umuji. wose wagitega mbere bishobotse. wagure gatoyi. iryobarabara riva kuri Hotel HELENA. rija ibujumbura. mugire auto. route. ihera ibwoga ( E .T.P gitega). gushika centre ville gitega.
murakoze Imana ibaje imbere murivyose.
30 Kigarama 2015, 20:03, par RIYAZIMANA MUSITFA
IMANA IMUHEZAGIRE ICO MPA NABAKEBA TUKAVYUMVA KUMWE
30 Kigarama 2015, 20:51, par abasomariya
INDIRIMBO YA CNDD INGABO Z IGIHUGU KIRIMWABAGABO
31 Kigarama 2015, 08:06, par kabura
hasigaye abana bangahe wo vuga imfuvyi nabasigaye bazozanwa nande ko ba se bari mumvuto banyina nabo birwa barayererana ikapu babagemuriye nuwo mukuru wigihugu tutazi iyo aba na rwiwe yinyegeje mubushinwa ewe mana utuma hakiri abana bavukira iburundi...........
31 Kigarama 2015, 09:19, par Mpozamarira Erias
Nyakubahwa mukuru wi gihugu, uwomugambi nimwiza, ariko ntukorwa namadeni! ukorwa nubutunzi buba buri mugihugu. nagomba mbaze mwinjiza amamiriyaridi yangana gute kumusi? canke kukwezi ? icogikorwa kirahambaye, abanyagihugu nibo bazohabonera mukudugirizwa kwamatagisi yu murengera. abagwiza tunga batangure guhungira hanze gukorerayo. amadeni namadeniiii, iyuba wa tangaza ati kukwezi twimbura utugunguru twibitoro 20,0000 aho woshoboye nonukwo jewe ndakwita kubesha abantu. murakoze .
31 Kigarama 2015, 10:14, par ndayisenga
nakare umugabo atarya ideni abarigisuma. gikuru nuko uwo mugambi uzogenda neza nideni rikarihwa
31 Kigarama 2015, 17:56, par eric
je demande les chretiens qui vont prier a leur eglise cette nuit d’amener ensemble le drapeau du burundi avec eux et prier contre tous les espris qui ne sont pas de Dieu .comme on le fais en afrique du sud
Que DIEU SOIT LOUER IN JESUS NAME .AMEN.
1er Nzero 2016, 08:14, par FELIX MUHIRE
Biraboneka ko har’abamufitiye ishari. Ariko buriya Imana yamuyoboye ubwa mbere agashobora kuduha uburyo bwo kuvuza abana bacu ku buntu, n’ubu ntaho iraja. Abo bashaka kumuvuz’imikomo n’intashima. Abari hanze bo ndabumva kuko ababo bavurirwa mu Bubiligi, mu Bufransa n’ahandi. Jewe ubwanje ndamushigikiye 100%. Intumva zizopfana iminihiro. Ivyo mwihaye vyo gukamish’intambara, mumenyeko amase ya kera atagihom’urutaro. N’abari hanze ni bahunguke tucubake, atar’ivyo naho, "Ishavu ry’imbwa riherera ku kuzungagiz’umurizo" kandi "inzigo y’inyo ntimen’isi".
3 Nzero 2016, 22:34, par Erenest nsabiyera
uwo mugambi niwo