Accueil > Amakuru > u Burundi > « Umukuru w’igihugu ategerezwa kwubahwa mu kibanza ca kabiri havuye Imana (...)
« Umukuru w’igihugu ategerezwa kwubahwa mu kibanza ca kabiri havuye Imana »
mardi 7 Ruheshi 2016, par
Inyuma y’aho abanyeshure bo kw’ishure ryisumbuye rya komine Muramvya bamwe bamwe batabaguriye amafoto y’umukuru w’igihugu hakagira mbere abagera kuri 11 bapfungwa, Buramatari w’iyo ntara ya Muramvya yaragirishije inama kuri uwu wa mbere abavyeyi barereye kuri iryo shure.
Nk’uko tubikesha VOA, muri iyo nama nta ngingo ntabanduka yafashwe, mugabo abajejwe intwaro, abajejwe umutekano hamwe n’abajejwe intwaro bumvikanye kubandanya baganira. Yaba abavyeyi b’abo bana bapfunzwe canke abandi barereye kw’ishure rikuru rya komine Muramvya, bose bari bazindukiye muri iyo nama y’ugutorera umuti ingorane zadutse ku munsi wa gatanu w’indwi iheze kuri iryo shure.
Abavyeyi bafise abana bapfunzwe basaba ko abana babo barekurwa na rirya muri iyi ndwi ariho hazoba ikibazo c’abanyeshure bariko baheza amashure y’ishure nshingiro.
Abo banyeshure bapfunzwe, indwi ni abo kw’ishure ryisumbuye rya komine Muramvya, bane nabo kw’ishure rifise uburaro rya kera ry’intara ya Muramvya. Muri abo bapfunzwe, abahungu ni batandatu, abigeme nabo bakaba ari batanu. Abo banyeshure bafise imyaka iri hagati ya cumi n’ine na cumi n’icenda.
Buramatari w’intara ya Muramvya, Emmanuel Niyungeko yibukije abari iyo nama ko iyo ntara idasanzwe kuko kera yahoze ari umugwa mukuru w’abami. Yabasiguriye ko umukuru w’igihugu ategerezwa kwubahwa mu kibanza ca kabiri havuye Imana kubera ubu ata bami bakibaho.
- Photo : VOA
Bamwe mu bavyeyi abana babo bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Muramvya bavuga ko gushika ubu ata cemezo na kimwe cerekana ko abana babo aribo basibanganije amafoto y’umukuru w’igihugu.
Buramatari w’intara ya Muramvya aratahura amakenga y’abo bavyeyi, mugabo akibutsa ko ubutungane butegerezwa gukora igikorwa cabo.
Amakuru ava muri bamwe mu bajejwe indero mu ntara ya Muramvya avuga ko ku mashure ashika atandatu muri komine za Muramvya na Bukeye basanze amafoto y’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA asibanganije.
Abanyeshure 11 bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Muramvya bakurikiranwa ku caha c’ugutyoza umukuru w ‘igihugu. Abo banyeshure gushika ubu ntibarajanwa imbere y’ubutungane.
Tubibutse ko n’abanyeshure 337 bo mu mwaka w’umunani kw’ishure shingiro ryo mu Ruziba, muri zone Kanyosha baheruka kwirukanwa bose bahorwa isanamu y’umukuru w’igihugu iri mu bitabu bakoresha, iyo sanamu ikaba yanditswemwo amajambo atyoza umukuru w’igihugu.
IGIHE
Messages
7 Ruheshi 2016, 12:51, par Peace
Umukuru w,Igihugu niyubahwe Ariko Imana ntiyogereranwa numuntu.Ikibanza ca kabiri nicabagendera ijambo ry,Imana
7 Ruheshi 2016, 12:51, par kamaro
nibabafunge gose bibere abandi akarorero kuko ukundahanimbwa kurwizimisega, e kuvakera abantu bararendegeye kugezaho bahamagarira abantu mumigumuko, bagaryoza inzego bakabaraka nonerabaho vyaribitugejeje abo nukubahindero ikwiye..
7 Ruheshi 2016, 12:52, par Peace
Umukuru w,Igihugu niyubahwe Ariko Imana ntiyogereranwa numuntu.Ikibanza ca kabiri nicabagendera ijambo ry,Imana
7 Ruheshi 2016, 13:11, par DUST
NO MU VYIBUKIRO BINEZEREZA HARIMWO GULUND’ IMANA KURUTA VYOSE NO KWUBAHA ABATUGABA BOSE
7 Ruheshi 2016, 13:17, par Maisha
Mana Tabara Abariko Bakuririra
7 Ruheshi 2016, 17:02, par NEYMAR
BARUBAHUKA ,PEREZIDA NIGITI KITURIRWA,NABANDI BABONEREHO!
7 Ruheshi 2016, 17:30, par Aron
Kwubaha umuntu si ibintu vyigishwa, hrya umuntu niwe yiyubahiriza. Ntushobora kumbwira ngo ubaha naka kunguvu ntibikunda.Sindiko ndavuga ko umukuru wigihugu atakwiye kwubahwa mugabo umuntu niwe yiha iteka. Umukuru wigihugu numuntu akora amakosa nkabandi bantu bose , ayo makosa rero akora arashobora gutuma abantu batamwubaha. Nkubu igihugu kiri mu ntambara hoho nkukundi urunva abantu baca babimutako vyose. Ari nkubuze uwiwe canke abiwe bigaca binatuma unamwanka. Ntushobora kwubaha uwo wanka rero. Abo bavuga basiribanganya umukuru wigihugu nukuvuga ko bamwanka tudacishije hirya. Kandi ntushobora kumubakundisha kunguvu bidakunda. Aho gusiribanganya izina ryiwe niyomvuga bakoresheje kumwereka ko bamwanka. Les enfants reproduiesent par graffiti ce qu’ils ressentent en eux.
7 Ruheshi 2016, 18:09, par kamana
Un signe de petitesse.
7 Ruheshi 2016, 18:16, par Hutsi
Burya hariho abikwegera ivyago ntibabimenye canke incuti nabagenzi ntibabimenye,
Umukuru wigihugu, umuvyeyi, numwigisha, nabantu Imana yagushize imbere kugira ikurabireko kuyikunda canke utayikunda, yemwe nubwobobo bobo bobadakora ibiyinezereza vyose utabubashe ntuzobironkana imigisha ku Mana.
Akarorero nkubu ababantu bakuze kandi bibonekana kobize bagakomeza kwirukanga kw’Isi bavuga ibintu vyoguturira uburundi nababubamwo abandi ngonubwo nohabwa iconkora mugihugu ngosinogikora ngonobantejimbere Reta ya Nkurunziza, abandi bakajamwo muntumbero yokugira baronke ukobonona ukazosanga umuntu arinze asanza atakintu kiboneka akoreye igihugu ciwekiretse kwama yihatira kurondera nibiteza imitongano ndafise akarorero kubantu nibazako boba barahuye niyomivumo bivanye nigihe bakuriyemwo kitaricoroshe:
Nkaba Leonce Ngendakumana, ba Domicien, Ntibantunganya, nabandintavuze abonabantu bakuze bakiga mubihebigoye barashobora kuba hariho imyifatire mibibifashe nko kuri prezida Micombero, Bagaza, Buyoya. Bashobora kuba barabavuzeko ibitabereye kuvuga ku Mwami/president, nubworero yobarimubi turetse Nkurunziza mengo niya Satani yateza ivyago Yobu kandi atamakosha yariyakoreye Imana , abobantu navuze bashobora kuba barifashenabi ntivyamenyekana murikahise kabo kurabo bakurubibihugu navuze ubonako abobakuru bibihugu bobo batariboroshe mugukora amabi bayakorera abarundi bamwebamwe canecane abahutu nubwonabatutsi batariborohewe ndazi kobamwe bibaza kwabatutsi bariborohewe ariko nubwobatabangamirwa nkuko abahutu abangamirwa nabontamunezero bagira ndavyibukira kuri mama umvyara kuko yarunututsi ariko data umvyara yarumuhutu.
Banamwiga mwitwararike ivyirwa nwirinde kwiyanduza kuko nubwomwokwiga wamashure yumurengera mushobora kuzorendamusaza mutariye ivyiza vyomugihugu nkukomubona ababakuriye bamwe bize bikwiye ariko akazikabo arukwirirwa barondeza ahobovugira ivyoguturira igihugu cabo gusa.
7 Ruheshi 2016, 18:57, par Kagabo
Emwe Gwaruka Ni Mwime Amatwi Ababahenda Mu Kuja Mur Politike. Ntimube Ibikoresho. Raba Murafunzwe Kubera Guhendwa!! Hama Barongozi Bacu Ni Muhane Uwo Wese Afise Akarimi Kabi Kuko Niho Hava Ukutubaha Mu Bantu. Uwo Ariwe Wese Niyubahwe. Abo Bigira Abamenyeshamakuru Bakwiza Ibinyoma Bahanwe
7 Ruheshi 2016, 19:21, par Kadhafi
President Numuntu Yaremw Nimana.Nigute Mugereranya Ibidahuy?Mbega Ubu Niwe Biga?Ni Mucigwa Citwa Gute?Imana Niyubahwe Irenganure Nabarenganyw Abigira Yo Nabo Izoberek Ko Bidahuye
7 Ruheshi 2016, 19:32, par Vivi
Nivyizakuba Ha Abaturongoy Arikorero Nibarek Kubahohote Ra ntanyagupfa Ntanyagukira Nabotwabuz Nabantu
7 Ruheshi 2016, 20:04, par Birahinduka
Laurent Bagbo na Hussein Abre ntibari abakuru bibihugu nkawe,Imana ni yamuha kuramba azobona ko yari umuntu asanzwe nkabandi
7 Ruheshi 2016, 21:31, par CAKIRA
jewe yaba ndi umuyobozi wa komine (cantonal)mu ndero, etablissement yose yaca itaha kuko ivyo nibisigarira vyabakoze imigumuko bigihari,hama ayo manama yabavyeyi bariko bigirisha ,ahubwo nibatange indero kubana babo,nayahandiho UMUKURU W’IGIHUGU ntakizahinduka!
7 Ruheshi 2016, 21:52, par niyo eli
nimwibuke Muri bibilia uwigize agahambaye ni berushaza ivyo yabonye
7 Ruheshi 2016, 22:38, par Damien
Naho Yoba Akora Nabi Siwe Kuko Arategeka Ariko Singombwa Ngo Intumwa Ziwe Zikore 100% Uko Abishaka. Abo Bana Nyene Usanga Muhira Umuvyeyi Atakivuga Bitegeka! Kandi Natwe Dutanga Ivyiyumviro Benshi Ntanimpanuro Tucumva Ukamengo Ivyiyumviro Vyacu Vyotwara Isi.
8 Ruheshi 2016, 02:03, par tari
Nakamaramaza kwumva umuntu yiyita buramatari ahatira abantu kubitagishoboka mbega ityoteka atihaye arashaka kurihabwa nabana yirirwa aracira kubohombo nabo yahekuye abavyeyi babo ahubwo kwandika kwifotoye ntibihagije ahubwo ikwiye guturirwa ahirihose mbega kwandika kwifoto yiwe namaraso yirirwa aramena ikirutikindi nigiki ubu jewe nubu ntegerejeko ahobukera naho muzo muvuga ko
Ari urwanda rwabibatumye naho kwumva uwiyita buramatari avugako iyo havuye imana haza nkurunziza ahubwo iyoyavuga ati havuye imana haza shetani numva vyarikuba vyiza
Gusumba
8 Ruheshi 2016, 05:29, par nkdn
nta kuganza kkutava kumana abobana nibahe ibihano bibakwiye mugabo habe amatohoza yimbitse ntihagire uwo arengana babere akarorero abarundi bose niho bazomenya indero icarico abose bakora ivyo bavyigishwa na ba sindumuja batwarwa numujaganyi yitwa sinduhije murazi ko iyongeso atari iyubu ntibantunganya bamuteye amavyi izuba riva none tureke ingeso yukutubaha adutwara itsimatare oya oya nuyumusi akagasuzuguro kogusugura abatwara kataheze ubundi buracari mungorane mbega ho ko bariko bariga bagomba kuzoba abategetsi hamwe abo bareze bobibagira bizobanezera? bavyeyi barezi hanura bana banyu twubake uburundi bufise indero uwariwese mucubahiro ciwe nta kuganza kutava ku mana
8 Ruheshi 2016, 08:27, par Kavakure
"Kudahana imbwa kworora imisega",uyu ni umwibutsa wa ba sogokuru. Ivyo bintu vyashitse i muramvya vyaje bisongera isibe iyindi nkuru mbi y’umutegetsi w ’umuganga kazi yacumiswe imbugita n’uwo yigisha. Ivyo bintu ntivyari bwashike kuri iyi si yacu ya Afrika. Iyi ni inkurikizi mbi y’ubwicanyi bwagiye bukorwa urutavanako ngaha mu Burundi n’ukuntu kandi abavyeyi batacitaho guha abana babo indero nziza izobafasha kubana neza n’abandi. Aho kwigisha ko abarundi ari bamwe bakabigisha ubwicanyi canke bimwe bakabikora babona. Rero akataraza kari mu nyuma ubutegetsi butavuye hasi ngo bahane ubwo bukozi bw’ikibi bwadutse mu rwaruka. Ikindi n’izi politike abana bigishwa bakiri bato zankanisha bene burundi. Bana mugomba gutegura kazoza keza kanyu, kuko abo bose babahenda babata mu rudi bafise bamerewe neza, ima amatwi abo bagizi ba nabi. Mufise ingorane zishikirize abavyeyi ,abagenzi n’imiryango canke mwiture Imana. Ivyo mukora bibi muri bato ntaho bizobashikana atari ukubatera imyaku. UBAHA ABA ASUMBA KUKO BAHAWE N’IMANA mubishaka mutabishaka ! Ndavuga simvura !
8 Ruheshi 2016, 10:22, par Jojo
Ntaho ahuriye n’Imana ahubwo niyubahe intama yaragizwe nuwo mwijuru
8 Ruheshi 2016, 10:23, par ariko
harimwo imiyabaga burya lero abana ba bahungu bakura mu mitwe batevye ni babagirire ikigongwe hanyuma ba babwire ko perezida w uburundi ari Imana. Nayo ahandi hose kwisi ivyo ntivyari gukwega induru ni bisanzwe. niyigire ingwe kumwe kwa micombero muri 1972 ata muhutu yugurura umunwa. ewe ndamwifurije kuramba, gusa.
8 Ruheshi 2016, 11:25, par Kabango
Nigute mugereranya umwicyanyi Nkurunziza nimana, apuuuu nimufungure ibyo bibondo birazira ubusa
8 Ruheshi 2016, 12:16, par ihangane
Birakwiye ko abategura ibitabo vyabanyeshure boraba neza ivyigisho birimwo, nkogushiramwo umuntu avugwako vyinshi mumateka yiwe harimwo vyiza na bibi sivyiza, boraba bakeneye amasura y’abantu bagashiramwo abantu ataruhande na rumwe baba begamiye, President wacu harabamwemera n’abatamwemera, none wumva uhaye igitabo arimwo umwana atamwemera wumva yomukorera iki? nugutabura page ariko gufutanganya mumaso nibindi nkivyo, none wumva uwumukwegeye arinde suwamushize murico gitabo?
8 Ruheshi 2016, 21:06, par Cobra
Ndashigkiye Ivyo Bihano Vyatanzwe Ahubwo Na Buletin Zabo Niziturigwe Niho N’abasigaye Bogira Ico Bubaha.
9 Ruheshi 2016, 11:37, par Dismas Niyongere
Abobana Batabaguye Ifoto Yumukuruwigihugu Cacu Barakosheje Baribakwiye Kubanza Bakamenya Ukuri Ahokuri Ahandiho Nkabavyeyi Mubahane Baracumuye.
10 Ruheshi 2016, 12:55, par Kaze
Njewe niyumvira ko bakoze nabi, ariko kuko ari abana bobaha ikigongwe, ariko abavyeyi babo bagahanwa kuba barigishije abana ibintu batagomba kubiza. None ivyo vyabaye he Atari mu Burundi amategeko adakurikizwa??
10 Ruheshi 2016, 21:20, par Callixte Nyangoma
Abo Bokwiye Guhanwa Mugabo Mugaca Inkoni Ndende Mukabakubita Ngufi .Kugira Ntibazosubire.
12 Ruheshi 2016, 10:27, par nsabiyimbona yanick
ubutangane nibukore nyimba arivyo bahanwe nyimba atarivyo bezwe kuko ntaho vyakabonetse yuko hari uwonona ifoto yumukuru w,igihugu canke amucafuze kuko nisebarundi twemera cane