Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu c’Ubushinwa arakeza umukuru w’igihugu Petero (...)
Umukuru w’igihugu c’Ubushinwa arakeza umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza
vendredi 21 Myandagaro 2015
Umukuru w’igihugu c’Ubushinwa XI Jinping yakeje umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza inyuma yo gusubira gutorwa ngo arongore Uburundi.
Ubutumwa bwo gukeza umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza bwashitse inyuma y’ibirori vyo kurahira imbere y’abagize inama nshingamateka na nkenguzamateka n’abandi banyecubahiro,kuwa kane igenekerezo rya 20 Myandagaro 2015.
XI Jinping yamenyesheje ko aha agaciro kanini itarambere ry’ubucuti hagati y’igihugu arongoye n’igihugu c’Uburundi.
Umukuru w’igihugu c’Ubushinwa yavuze ko yipfuza gukorana n’umukuru w’igihugu c’Uburundi mu gutezambere ubucuti hagati y’Uburundi n’Ubushinwa.
Van Naris Mugisha
Messages
21 Myandagaro 2015, 14:01, par Ed
Imikandarugi ziba nkurunziza komera ntawundi azobasumba amahanga ari inyuma abaguhekuye umuvyeyi nibo bikomeza bashaka kumena amaraso kandi bo atawabagize ipfuvyi
21 Myandagaro 2015, 14:38, par Maso
Ko Wifuza Ko Mukorana, Uramujana Mugihugu Iwawe Hari Abantu Benshi Abahwate Usigarane Bake. Ivyo Yobishobora Aguha Ikiringo C’ Indwi Imwe Gura Wemere Azane Imbonerakure Ziwe Gusa Urabe. Ng’ Ico Ico Yogufasha Nawewe Ugashima Kabisa Kuko Mwese Abarusha Experience Muri Ivyo
21 Myandagaro 2015, 16:02, par INTAGOHEKA
BANDANYA MUMUKEZA NYENICUBAHI NKURUNZIZA,ABONABO BATAMWERA TUZOBIRABA ICOBAZOMUGIRA ARIKO BIBUKE KO TWIKUKIYE NAKARE NTANZU YINJIRA MUYINDI KOMERA NKURUNZIZA
21 Myandagaro 2015, 16:05, par ############
Uyo mu chinois azira isoni n’ubushingantahe. Nico gituma Chine abantu bishwe n’inzara hanyuma ngo igihugu kirateye imbere. Iyo niyo modele tuzoronka?
21 Myandagaro 2015, 16:28, par eric
uwomugabo mumwubahe niwe afise igihugu gifise abanaygihugu benshi kuri ino si yarurema ivyo avuga arabizi neza!!
21 Myandagaro 2015, 16:48, par Ndabirabe
Nyakubahwa Nkurunziza, niba ushobora gusoma comments hano; Menya ko niba ubona ushobora gukomeza kuyobora u Burundi nako Gutegeka, kora ibi bikurikira:
1. Shiraho komisiyo yo gucura impunzi ushake uwo zo kwibonamwo batahe.
2. Imigambwe itavuga rumwe nawe yihe intebe zimwe zimwe muri Leta ugiye gushiraho.
3. Subira mubiganiro utsimbarara ko wowe uguma kuba President bagwanire ibiti bisigaye, ube umuhuza wavyo.
4. Raba ingene uzura umubano hagati yawe n’ugwanda, kuko Kagame yoguha ivyiyumviro birashe akagufasha kumvisha impunzi ziriwe gutahuka.
5. Kura ibigwanisho mu banyagihugu, utangaze ko imbonerakure zose, ziba umusingi w’amahoro uzisabe ko uwutunze intwaro asabwe kuzisubiza vuba.
6. Hagurukira ikibazo c’ubutunzi, abanyagihugu babone ivyo kurya, abanyeshuri bige.
7. Ca igiturire mu Burundi, hanyuma uwukugoye umuringike kuba ambasaderi hanze.
8. Gabanya abo upfunga, kandi benshi mwaragwananye mu kibira, abandi nabo utangaze ikigongwe kubapfungiye Politiki.
9. Gabanya ingendo mu gihe hakiri abashaka ko mugwana.
10. Tegura inama y’ibiganiro utumije wewe nyene, mbere yuko itumizwa n’abandi.
21 Myandagaro 2015, 17:12, par Scott
Sinarinzi mubazungu ko hobayemwo ibijuju none umushimura yatowe nande? Ahubwo ushima kuko yakumenye Nickel mumaboko yawe nayo ntuvuge ngo yaratowe nabanyagihugu, mugabo yaba wewe canke abo barusiya harigihe vyose murondera kuburundi mutazobigeraho. Nayo uwushimira asa nkuko ari umupfu
21 Myandagaro 2015, 18:39, par habumugisha
basha jewe ndemeye mumyaka itanu ya nyakwubahwa nkurunziza uburundi buzoba ari nka [china] reba nubushinwa butanguye kumukeza ataratangura akazi ooooooooh na cagitoro kiri muri tanganyika ndabonye turacimba peeee tugikoreshe mugihugu tugiheko namakungu asanteni.
21 Myandagaro 2015, 20:07, par None?
@ Scott, urasuzugurana koko! Ngo President Pierre Nkurunziza ngontawamutoye? Vugati nubwo yatowe ntawukunda uzakubuvuze rugabo. Hanyuma Ndabirabe ivyoyavuze ibidashoboka nibishoboka bisanibingana, akarorero: kujagupfukamira Kagame ngokugira areke kuguma ateza akaduruvaye mu Burundi mbenogucirumugani witwango icudashaka kobagukorera ntukakikorere uyundi, ahoshatse kuvugako Kagame kuguma ashigikira abashaka kubangamira u Burundi mbeyibazako uwoshaka kubimukorera atobishobora maze nawe akumva ukobibabaza? Ahuvugako Nkurunziza ariwe yoja kumupfukamira mbewewe ndiyoza gufukamira Nkurunziza? Namburumurundi koko ntiwarikwiye kubwira Nkurunziza ngwaje gupfukamira Kagame, ahubwo iyo message warikuyirungika direct kwa Kagame ukamubwira uti: Kagame ivyo ukomeza kugirira igihugu kibanyi mbewewe kibikugireye vyokunezereza?
21 Myandagaro 2015, 21:21, par Munyagihugu
Mbega mu bushinwa harabaho amatora? None mwumva perezida w’ubushinwa atavuze ivyo atazi? Canke yakeje Nickel ?
21 Myandagaro 2015, 22:58, par mandayabo ntiragera
ndakwunva mutama wenisawa natwe duterimbere ama etaje asaneza natw dukirigite ifaranga abasi bademokarasiti;
21 Myandagaro 2015, 23:45, par Japhet
Niyonkuru
22 Myandagaro 2015, 11:46, par bosco
nave kugiti hatware abandi itunga ntiyarirose
23 Myandagaro 2015, 06:51, par Kenny
niki kiringo ntaco yiyunvamwo umuntu ya citse Niyonkuru.Emama Turindire Turabe Iyo,Niyonkuru Azo Dushikana.
24 Myandagaro 2015, 22:29, par ASMO BIEF
NAV KUBUTEGETSI CANK TUZOMUKUZEH URUSOR
4 Ruheshi 2017, 22:29, par MAniragaba Melchior
NIki Gituma Umukuru W’igihugu C’ubushinwa Yemera Abarundi Burya Harico Yoba Akurikirana N’ukumwigako Ntazohave Amera Nkabafaransa Ahaaaaa! Abarundi Ndazi Yuko Muzi Ubwenge Nimuvyigeko Muzompa Inyishu