IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu ca Afrika ashimiwe ubwa mbere na AFRIJAPAN-AFRICASIA

Umukuru w’igihugu ca Afrika ashimiwe ubwa mbere na AFRIJAPAN-AFRICASIA

dimanche 2 Ruheshi 2013

Mu gisagara ca Yokohama mu gihugu c’Ubuyapani, ku musi w’ejo, Nyenicubahiro umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza yarahawe n’ishirahamye AFRIJAPAN-AFRICASIA, agashimwe kitiriwe indongozi mu bikorwa vy’iterambere rusangi.

Mu nama mpuzamakungu Nyenicubahiro Petero Nkurunziza arimwo ihuza igihugu c’Ubuyapani n’ibihugu vyo muri Afrika, ishirahamwe AFRIJAPAN-AFRICASIA ryashimye guha ako gashimwe Petero Nkurunziza, agashimwe gahawe ubwa mbere umukuru w’igihugu co muri Afrika bisunze akarorero yerekanye mu bikorwa vy’iterambere ry’abanyagihugu.

Muri ivyo bikorwa vy’iterambere vyaranguwe na Nyenicubahiro Petero Nkurunziza, ari navyo vyafatiweko n’ishirahamwe AFRIJAPAN-AFRICASIA, twobabwira amashure mato mato n’ayisumbuye agera ku bihumbi 2800 yubatswe, ibitaro n’amavuriro vyubatswe mu gihugu cose, ibibuga vy’inkino vya kijambere, amazu akorerwamwo n’ubutegetsi bwo hasi harimwo n’amakomine, kandi ivyo vyose bikaba vyubatswe ata mfashanyo zivuye hanze babanje kurindira.

Mu mugambi wo kwubaka ibirwati mu gihugu cose, amazu agera ku bihumbi 8400 niyo yubatswe, inzu yose Leta ikaba yayiha ibisakazo n’umuyagankuba uva ku mishwarara y’izuba.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.