Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Denis Sassou N’ Guesso aritezwe i Bujumbura - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Denis Sassou N’ Guesso aritezwe i Bujumbura

Denis Sassou N’ Guesso aritezwe i Bujumbura

jeudi 25 Mukakaro 2013

Mu gihe umukuru w’igihugu ca Kongo Brazzaville Denis Sassou N’ Guesso yitezwe mu gihugu c’Uburundi kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 26 Mukakaro, umushikiranganji w’imigenderanire wa Kongo n’ibindi bihugu aja ari mu Burundi kuva kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 24 Mukakaro.

Ashitse ku kibuga c’indege mpuzamakukngu c’i Bujumbura, Basile Ikikouebe yabariye abanditsi n’abanyamakuru ko baje gutegura urugendo rw’umukuru w’igihugu ca Kongo Brazzavile ruzomara iminsi itatu. Uyo mushikiranganji akaba yaherekejwe n’umurwi w’abantu bashika kuri 60 muri urwo rugendo. Ku bijanye n’uko Kongo Brazzaville yoba yipfuza ko Uburundi buja gufasha mu kugarukana amahoro muri Republika ya Centre Afrika, Ikouebe ntabihakana kuko avuga ko abasirikare Bu Burundi bitezwe muri ico gihugu kugarukana amahoro.

Abasirikare b’abarundi rero bakazoja gusahiriza abasirikare b’ishirahamwe ry’ibihugu vy’amaja Hagati muri Afrika, bakazoba bose hamwe bagize abasirikare b’Ubumwe bw’Afrika ku gitigiri c’3500. Bikaba vyitezwe ko abakuru b’ibihugu ukwo ari babiri Petero Nkurunziza na Denis Sassou N’Guesso bazovugana ibibazo bijanye n’ugufashanya ndetse n’ibibazo bihanze akarere, ndetse n’ Afrika yose muri rusangi.

Twobibutsa ko inama ihuza umurwi w’ubuhinga hagati y’igihugu ca Kongo n’Uburundi yatanguye mu gatondo ko kuri uyu wa kane igenekerezo rya 25 Mukakaro abo bariko bigira hamwe ibijanye n’ugufashanya hagati y’ivyo bihugu vyose mu bisata vy’ubutunzi n’ugushigikira amahoro muri Afrika yose nk’uko vyashikirijwe na Firipo Ntahonkiriye umuyobozi mukuru w’igisata ca Afrika-Oceaniya na Aziya.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.