IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yahejeje kurahira

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yahejeje kurahira

jeudi 20 Myandagaro 2015

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ahejeje kurahira imbere y’abashingamateka n’abakenguzamateka,mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe.

Afashe ibendera ry’igihugu,n’iryo ubumwe bw’abarundi n’ukuboko kw’ibubanfu,umukuru w’igihugu yarahiye avuga ko yiyemeje kwubahiriza ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi,ubumwe bw’abarundi n’ayandi mabwirizwa agenga igihugu.

Yiyemeje kandi gukingira imbibe z’igihugu n’ukunywanisha abarundi bose.
Ahejeje kurahira,umukuru w’igihugu yaciye ashira igikumu mu gitabo ca sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro,cemeza ko abaye umukuru w’igihugu c’Uburundi mu myaka itanu ikurikira.

Mu kurangiza ibirori vyo kurahira,Alain Guillaume Bunyoni yaciye amwamvika umudari w’inzahabu w’icubahiro.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.