Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yarishikiye ku kivi
Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yarishikiye ku kivi
vendredi 11 Nzero 2013
Mu kiruhuko arimwo,umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yarifatanije n’abandi mu gutera ibiti vy’imikaratusi birenga 10 000 muri komine ya Mwumba yo mu ntara ya Ngozi ari nayo asanzwe avukamwo.
Nkuko musitanteri wa komine Mwumba Emmanuel Ndayizeye yabimenyesheje,ibiti 6000 vyatewe ku mutumba wa Vyerwa ku kirere kingana na hegitari 4 mu gihe ibindi vyatewe mu mirima y’abigenga kuko ibiti 1950 vyatewe mw’itongo ry’umunyagihugu yitwa Moïse Ninganza hamwe n’umubanyi wiwe azwi kw’izina rya Burarame.
Ici gikorwa rero kikaba gifise akamaro kanini cane kuko abanyagihugu bazoba mu gisagara ca Buye kiriko kirubakwa bazoronka umuyaga mwiza kandi ukwiye.Ivyo biti kandi vyatewe hafi y’ikibuga Urukundo c’i Buye mu gihe cakira abantu benshi baza kuraba urukino rw’umupira w’amaguru.
Twobamenyesha ko umukuru w’igihugu adakora ibikorwa vyo gukingira ibidukikije gusa, ariko, arubaka n’inyubako rusangi kuri uyo mutumba wa Buye.
Mugisha Van Naris
Messages
11 Nzero 2013, 06:01, par James
Gutera ibiti ni vyiza mais gutera Eucalyptus ni ukwica ubutaka. Eucalyptus ifise qlq avantages mais ni nkeya en comparaison n’ingene yangiza ubutaka (consommation en eau iri hejuru cyane, eucalyptol dans ses feuilles ni acide mbi cane).
Président NKURUNZIZA turashima ingene mwifatanya n’abanyagihugu mu bikorwa bitandukanye. Afrika ikeneye des hommes comme Vous! VRAVO!
11 Nzero 2013, 06:57, par DAVID
ahubwo jye sinzongera gusoma igihe cyo mu Rwanda NZAJYA SOMA IGIHEBI ARINAKO NIGA NIKIRUNDI EREGA MAHEREZO PREZIDA TUZATORE UMWE TURI ABAVANDIMWE BIRENZE KANDI NAMWE MURABIZI USIVYE IBIHEKANE BYANYU BYANANIYE AHAHAHAHAHAHAHAHAHA
11 Nzero 2013, 06:59, par jyewe
asha mugiye kunyibutsa ikirundi ganani, kuva nataha mu rwandamuri 1995 nibwo ngiye kuzajya nsoma ikirundi buri munsi.. congs to igihe
11 Nzero 2013, 07:31, par makaliso
Esha, na jewe ndashemagiza Igihe kuko coronse ingene yo gushika i Burundi.Nzoja ndabakurikira nyene kuko ndashimisha no kurondera no kumenya ikirundi.
11 Nzero 2013, 08:17, par Jay
Murakoze kuko ubu nzoza ndabakwirikirana igihe cose murakoze