Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yarishikiye ku kivi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yarishikiye ku kivi

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yarishikiye ku kivi

vendredi 11 Nzero 2013

Mu kiruhuko arimwo,umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yarifatanije n’abandi mu gutera ibiti vy’imikaratusi birenga 10 000 muri komine ya Mwumba yo mu ntara ya Ngozi ari nayo asanzwe avukamwo.

Nkuko musitanteri wa komine Mwumba Emmanuel Ndayizeye yabimenyesheje,ibiti 6000 vyatewe ku mutumba wa Vyerwa ku kirere kingana na hegitari 4 mu gihe ibindi vyatewe mu mirima y’abigenga kuko ibiti 1950 vyatewe mw’itongo ry’umunyagihugu yitwa Moïse Ninganza hamwe n’umubanyi wiwe azwi kw’izina rya Burarame.

Ici gikorwa rero kikaba gifise akamaro kanini cane kuko abanyagihugu bazoba mu gisagara ca Buye kiriko kirubakwa bazoronka umuyaga mwiza kandi ukwiye.Ivyo biti kandi vyatewe hafi y’ikibuga Urukundo c’i Buye mu gihe cakira abantu benshi baza kuraba urukino rw’umupira w’amaguru.

Twobamenyesha ko umukuru w’igihugu adakora ibikorwa vyo gukingira ibidukikije gusa, ariko, arubaka n’inyubako rusangi kuri uyo mutumba wa Buye.


Mugisha Van Naris

Messages

  • Gutera ibiti ni vyiza mais gutera Eucalyptus ni ukwica ubutaka. Eucalyptus ifise qlq avantages mais ni nkeya en comparaison n’ingene yangiza ubutaka (consommation en eau iri hejuru cyane, eucalyptol dans ses feuilles ni acide mbi cane).
    Président NKURUNZIZA turashima ingene mwifatanya n’abanyagihugu mu bikorwa bitandukanye. Afrika ikeneye des hommes comme Vous! VRAVO!

  • ahubwo jye sinzongera gusoma igihe cyo mu Rwanda NZAJYA SOMA IGIHEBI ARINAKO NIGA NIKIRUNDI EREGA MAHEREZO PREZIDA TUZATORE UMWE TURI ABAVANDIMWE BIRENZE KANDI NAMWE MURABIZI USIVYE IBIHEKANE BYANYU BYANANIYE AHAHAHAHAHAHAHAHAHA

  • asha mugiye kunyibutsa ikirundi ganani, kuva nataha mu rwandamuri 1995 nibwo ngiye kuzajya nsoma ikirundi buri munsi.. congs to igihe

  • Esha, na jewe ndashemagiza Igihe kuko coronse ingene yo gushika i Burundi.Nzoja ndabakurikira nyene kuko ndashimisha no kurondera no kumenya ikirundi.

  • Murakoze kuko ubu nzoza ndabakwirikirana igihe cose murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.