Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yitavye inama ihuza Ubufaransa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yitavye inama ihuza Ubufaransa (...)

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yitavye inama ihuza Ubufaransa n’Afrika

vendredi 6 Kigarama 2013

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza ari mu gihugu c’Ubufaransa, aho yitavye ubutumire bwa mugenzi we Francois Hollande, mu nama ihuzaUbufaransa n’Afrika ku mahoro n’umutekano.

Mw’iatangazo ryashizwe ahabona n’ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi, rimenyesha ko Uburundi bwama bw’itaba amanama nk’ayo yo gutsimbataza amahoro n’umutekano, eka ndetse mu manama yo kurwanya iterabwoba, na cane cane ko ingabo z’Uburundi ziri mu bihugu bitandukanye vy’isi, mu ntumbero yo gufasha gutsimbataza amahoro n’umutekano, no kurwanya iterabwoba.

Inyuma y’ibikorwa vy’iyo nama yo mu gihugu c’Ubufaransa, Petero Nkurunziza akazoja mu gihugu ca Hollande aho vyitezwe ko azobonana n’umwami Willem-Alexander, bakazovugana ku bijanye n’ugufashanya hagati y’Uburundi n’ico gihugu. Umukuru w’igihugu rero akazobonana n’abandi banyacubahiro aho muri Hollande, harimwo abarongoye inama nshingamateka, abari mu bisata vy’ugufashanya n’ubutunzi eka mbere akazonabonana n’abarundi baba aho mu gihugu ca Hollande.

Bikaba bitegekanijwe ko umukuru w’Uburundi azoganuka ku wa 12 Kigarama, inyuma yo kuzitaba ibirori mu gihugu ca Kenya, ibirori vy’aho bazoba bibuka umunsi mukuru w’ukwikukira.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.