IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu yakiriye intumwa idasanzwe ya Paul Biya

Umukuru w’igihugu yakiriye intumwa idasanzwe ya Paul Biya

jeudi 16 Rusama 2013

Yarakiriwe ku kurimba c’umukuru w’igihugu kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 16 Rusama 2013.Iyo ntumwa idasanzwe yo mu gihugu ca Cameroun yarizaniye ubutumwa umukuru w’igihugu c’Uburundi yarungikanwe n’umukuru w’igihugu ca Cameroun.Ubwo butumwa bukaba bwari bwerekeye gukomeza no kwagura imigenderanire hagati y’Uburundi na Cameroun.

“Paul Biya, umukuru w’igihugu ca Cameroun yarakeje umukuru w’igihugu c’Uburundi ku ntambwe iboneka bagezeko yo kugarukana no gutsimbataza amahoro n’umutekano,ivyo navyo akaba ari ikimenyetso ciza c’iterambere”. Bikaba vyashikirijwe n’intumwa idasanzwe yarungitswe na Paul Biya akaba n’umuhanuzi mukuru mubijanye n’ubutunzi be n’imibano muri cameroun, Luc Ayang,avuga ko intambwe Uburundi bugezeko mu kugarukana amahoro,bizoshora gufasha igihugu cabo.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi,Petero Nkurunziza amaze guca ku masonga ku bikorwa vy’iterambere bimaze gukorwa hano mu Burundi n’ivy’ivyakozwe n’Uburundi mu kugarukana amahoro mu bindi bihugu, nko muri Somalie,Tchad,Haiti,Cote d’Ivoire mu ntumbero yo gushimira amashirahamwe mpuzamakungu yitanze mu gufasha kugarukana amahoro mu Burundi, yaragaraje umunezero afise k’ubutumwa bwarungitswe na Paul Biya,acavuga kandi ko hari vyinshi bihuje Uburundi na cameroun.

Uburundi bukaba kandi bwiteguriye kuja mu minsi iza mu gihugu ca Mali mu gufasha kugarukana amahoro n’umutekano.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.